Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Amerika

Amerika
  • IBIHUGU 57

  • ABANYAGIHUGU 980.780.095

  • ABAMAMAJI 4.034.693

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 4.339.285

Impfuvyi zitaba amakoraniro

Muri Suriname, Angela yaragendeye irerero ry’impfuvyi riri hafi y’aho aba. Umukuru w’iryo rerero ni umuvukanyikazi yari yarahororokewe, ku bw’ivyo yarahaye uruhusha Angela rwo kubwira inkuru nziza abo bana. Angela yaraganiriye n’abo bana 85 yongera arabereka amavidewo yo kuri jw.org. Mu nyuma, yaratanguye kwigisha Bibiliya benshi muri abo bana. Hari abatsimvyi babiri bamwiyunzeko, umwe wese akaba yari afise umugwi yigisha. Wa muvukanyikazi yari yarahororokewe yavuze ko yari yarigishije abo bana indirimbo zo muri kimwe mu bitabu vyacu vy’indirimbo kandi ko mw’ijoro yabasomera inkuru zo muri Bibiliya. Yaravuze ko yipfuza kwitaba amakoraniro, ariko ko atosiga abo bana 85 ari bonyene. Ku bw’ivyo, haciye hatunganywa ivy’uko abo bana bose boza ku Ngoro y’Ubwami. Kubera ko iryo rerero ry’impfuvyi riri kure gatoyi, abavukanyi baraja kubatora bakabazana ku Ngoro y’Ubwami. Ubu uwo mushiki wacu n’abo bana 85 baritaba amakoraniro badahorereza.

Gabriel yarafashije sekuru

Muri Paraguay: Gabriel ariko araganira na sekuru

Muri Paraguay, hari agahungu k’imyaka itandatu kitwa Gabriel kari kavuye kw’ihwaniro, kagenda kariyumvira ukuntu bihambaye kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. Kaciye kibuka ko hariho umuntu adasanzwe kipfuza ko bobana mw’Iparadizo, uwo na we akaba ari sekuru wako. Ariko sekuru ntiyari bwigere ashimishwa n’ukuri kandi yari yararwanije umukenyezi wiwe n’abana biwe, bano bakaba bari Ivyabona.

Kuri uwo musi nyene, Gabriel yarasavye abavyeyi biwe ko yoganira na sekuru aba muri Arjantine biciye kuri bwa buhinga bwo kuri internet butuma umuntu ayaga n’uwundi babonana. Gabriel yarasiguriye sekuru igituma kwiga Bibiliya bihambaye aca amubaza adomako ati: “Sogo, ushaka ndakwigishe?” Sekuru yaremeye. Gabriel yaciye amusaba ko bokwiga mu gatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. Baramaze amezi nk’angahe biga muri ako gatabu. Kubera ko bompi batari bazi gusoma neza, umwe wese yabanza kwimenyereza gusoma ivyo baza kwiga. Igihe cose imbere yo kwiga, Gabriel yarategura ivyo baza kwiga, kandi akambara ishati n’ikaruvati.

Mu nyuma sekuru na inakuru ba Gabriel baragiye kubaramutsa, bamarayo indwi nka zingahe. Ico gihe, sekuru yarajana na bo ku makoraniro. Sekuru wa Gabriel amaze gusubira muri Arjantine, yarabandanije kwiga Bibiliya n’umuvukanyi wo ng’aho kandi yarateye imbere araba umwamamaji atarabatizwa. Ubu sekuru na inakuru ba Gabriel barasengera hamwe buri musi. Ka Gabriel na ko nyene karateye imbere. Ubu na ko nyene karabaye akamamaji katarabatizwa. Sekuru yaravuze ko yipfuza kugaragaza ko yiyeguriye Yehova mu kubatizwa.

‘Kuba warangendeye si ikintu capfuye kwizana’

Muri Brezile, igihe Jennifer yariko arashikiriza agapapuro k’inkuru nziza Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?, yaradodoye ku muhana umwe ahasanga umugore yariko arihuta agira aje ku maziko y’umugenzi wiwe. Jennifer yamubwiye ko bihuriranye n’uko yari amuzaniye agapapuro k’inkuru nziza kavuga ivyerekeye icizigiro co gusubira kubona abacu bapfuye. Uwo mugore yaratangajwe gatoyi n’umutwe w’ako gapapuro, ariko yarakakiriye. Jennifer amubajije niba yoshima ko amwongera utundi aza guha umuryango wabuze, uwo mugore yarashimye ico ciyumviro aca amusaba icenda.

Mu nyuma Jennifer yarasubiye kugendera uwo mugore, uno akaba yamubwiye ati: “Inyuma ya hamwe twabonana, narabonye ko kuba wangendeye atari ikintu capfuye kwizana. Imana ni yo yari yakurungitse ngo unzanire ubutumwa buremesha nari nkeneye cane.” Yari yatanze twa dupapuro tw’inkuru nziza. Umuntu wo mu muryango w’umuhisi yashikirije ijambo ry’amaziko, yarasomye n’ijwi rirenga ka gapapuro k’inkuru nziza. Bose barabishimye bongera barakengurukira uwo mugore kubera ubwo butumwa buremesha yari yabazaniye. Uwo mugore yaremeye kwiga Bibiliya.

Kwamamaza muri Tap-Tap

Muri Hayiti, hari abanyabeteli batatu bafashe urugendo mw’ibisi imwe yitwa tap-tap. Mu masaha abiri n’igice bamaze muri urwo rugendo, barabwiye abo bari kumwe icizigiro c’Ubwami, baratanga ibinyamakuru 50 n’udupapuro tw’inkuru nziza 30. Umwe muri abo banyabeteli yitwa Gurvitch yarasomeye umuntu umwe agace k’ikiganiro co muri Be maso! Hari umusore yitwa Pépé yabumvirije aca aragira uruhara muri ico kiyago. Yarasavye ko bomwigisha Bibiliya, kandi urazi, yaba mu cibare c’ishengero Gurvitch yarimwo. Kuva muri Nzero 2014 igihe Pépé yatangura kuganira na Gurvitch, aritaba amakoraniro n’amateraniro nka yose. Arabwira abandi ivyo asigaye yizera, kandi yizigiye ko vuba azoba umwamamaji atarabatizwa.