Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Endoneziya

Endoneziya

IYI ni inkuru ishimishije y’abakirisu baciye bugufi bagumye bashikamye n’umutima rugabo mu gihe c’uruhagarara mu vya politike, c’indyane z’amadini be n’igihe igikorwa cahagarikwa bivuye ku bakuru b’amadini mu myaka 25. Nusome ivyerekeye umuvukanyi abakomunisita bari bashize ku rutonde rw’abicwa be n’ivy’umukuru w’inkozi z’ikibi yahavuye aba umukirisu ahumuye. Nusome ingene abigeme babiri b’abaragi babaye abagenzi mu nyuma bagasanga bavukana. Nurabe kandi ingene abasavyi ba Yehova bariko barererwa mu kwamamaza inkuru nziza mu gihugu kibamwo abisilamu benshi kuruta ibindi kw’isi.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

Ibintu nyamukuru biranga Endoneziya

Raba muri make ibiranga igihugu, abanyagihugu be n’imico yo muri ico gihugu kigizwe n’amazinga manini kuruta ayandi yose yo kw’isi.

Urudandaza rw’ibirungo

Mu kinjana ca 16, urudandaza rw’ibirungo ni rwo rwari rukomeye cane kw’isi.

Aha ni ho nzohera

Aba colporteurs (abatsimvyi) b’intatinyurukamvye batari bake bava muri Ostraliya baratsinze ingorane zitari nke igihe batanguza igikorwa co kwamamaza.

Uburyo bakoresha mu kwamamaza mu ntango

Kwamamaza bakoresheje iradiyo be n’ubwato vyaratumye abansi b’ukuri bakomeye muri Endoneziya bashangashirwa.

Umuhari w’aba Bibelkring

Uyu muhari w’idini ufise inkomoko ku bisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova ariko wahavuye wononwa n’ivyiyumviro vy’abantu.

Yaraha agaciro ivy’impwemu

Akagwi k’inkozi z’ikibi karateye urugo rwa Thio Seng Bie avyitegereza, ariko basize ikintu yaha agaciro cane kuruta ivyo bari batwaye.

Mu burengero bwa Java himbuka

Kubera ko ibitabu vyabo vyaguma bibuzwa, Ivyabona barakoresheje ubugenge kugira babandanye kwamamaza.

Endoneziya yigarurirwa n’Abayapani

Mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, hari Ivyabona bashoboye gutora karangamuntu yo ku ntwaro y’Abayapani batarinze guhemuka ku mpagararo yabo yo kutagira aho bahengamiye.

Umutsimvyi w’umutima rugabo

Mu myaka 60 yamaze mu murimo, André Elias yagumye ari intahemuka naho yasambishijwe akongera agaterwa ubwoba.

Abamisiyonari basohotse Gileyadi bashika

Abamisiyonari ba mbere basohotse ishure rya Gileyadi, barafashije mu guteza imbere ningoga igikorwa co kwamamaza.

Inkuru nziza ishika mu buseruko

None uruhamo rw’abakuru b’amadini hoba hari ico rwari gushikako?

Hashika abandi bamisiyonari

Amaja mu myaka ya 1970, kwamamaza inkuru nziza ntivyari bicoroshe.

Umukobwa wa Sara

Titi Koetin yarayobokera umugabo wiwe n’umutima mwiza kandi vyamuviriyemwo ivyiza.

Ihwaniro ry’intibagirwa

Ihwaniro ryo mu 1963 ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera” ryagenze neza naho hari ingorane zikomeye.

Nararusimvye igihe abakomunisita bagumuka

Imva ya Ronald Jacka yari imaze kwimbwa.

Namaze imyaka 50 ndi umutsimvyi adasanzwe

Mu 1964, hari umupasitori w’umuporoti yavuze ati: ‘Ngira nomore Ivyabona vya Yehova i Manokwari!’ Yoba yarabishoboye?

Umukuru w’inkozi z’ikibi aba umunyagihugu mwiza

Umukuru w’iperereza yabajije ati: “Ivyabona vya Yehova bariko bakora iki vy’ukuri muri Endoneziya?”

Biyemeje gutera baja imbere

Kubera iki hari abavuze ngo “Ivyabona vya Yehova bameze nk’imisumari”?

Ntibahevye amakoraniro

Igikorwa c’Ivyabona kimaze kwemererwa, hari umutegetsi yavuze amajambo atangaje ati: “Uru rupapuro si rwo rubaha uburenganzira bwo gusenga.”

Umukunzi nyawe umumenyera mu magorwa

Ivyabona vya Yehova baciye banyaruka gutabara igihe nyamugigima yiha inkumbi mu gisagara ca Gunungsitoli muri Endoneziya.

Ntiturota duhemuka

Daniel Lokollo arigana ukuntu abarinzi b’ibohero bamutoteje.

Kugamburuka vyaradukijije!

Indyane zari hagati y’abisilamu n’abakirisu muri Endoneziya zatumye Ivyabona vya Yehova batoroherwa.

Igikorwa gitera imbere

Uruhamo rumaze kurangira, hari ibintu bitatu abavukanyi baciye bungukirako.

Baratangaza izina rya Yehova banezerewe

Ivyabona batsinze gute intambamyi zatuma batinya kwamamaza?

Ibiro vy’ishami biri mw’ijuru

Abitanga barondera ahantu abantu benshi batarumva ivyerekeye Yehova kandi baraharonse.

Yehova yadukoreye ibirenze ivyo twari twiteze!

Ishengero ryo mu kigwati ca Tugala Oyo muri Endoneziya, ryararonse ikintu ritari ryiteze.

Twaratevye turabonana!

Abakobwa babiri b’abaragi bavukana bo muri Endoneziya baratandukanye bakiri bato igihe umwe yatangwa ngo aje kurerwa n’uwundi muntu, ariko ukuri kwarasubiye kubahuza.