Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibi vyoba ari vyo Imana yashaka?

Ibi vyoba ari vyo Imana yashaka?

SOMA ikinyamakuru ico ari co cose, urabe televiziyo canke wumvirize iradiyo. Usanga vyuzuye inkuru z’ubugizi bwa nabi, intambara n’iterabwoba. Zirikana ku ngorane zawe bwite. Kumbure uratuntujwe cane n’indwara canke ukubura uwawe. Ushobora kuba umerewe nk’uko wa mugabo yari ameze neza Yobu yari amerewe, uwavuze yuko ‘yabogaboga amarushwa.’​—Yobu 10:15.

Niwibaze uti:

  • Ibi vyoba ari vyo Imana yashaka ku binyerekeye no ku vyerekeye abandi bantu bose?

  • Ni hehe nokura icomfasha kwihanganira ingorane mfise?

  • Twoba dushobora kwizigira ko umusi uri izina tuzoronka amahoro kw’isi?

Bibiliya irishura ivyo bibazo mu buryo bushimishije.

BIBILIYA YIGISHA YUKO IMANA IZOTUMA KW’ISI IBINTU BIHINDUKA BIKAMERA GUTYA:

“Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4

“Ūcumbagira azosimba nk’impongo.”​—Yesaya 35:6, Bibiliya Yera

“Amaso y’impumyi azohumuka.”​—Yesaya 35:5

“Abari mu mva bose . . . ba[zo]zivamwo.”​—Yohani 5:28, 29

“Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—Yesaya 33:24

“Hazoba umukimba w’intete kw’isi.”​—Zaburi 72:16

NIWUNGUKIRE KU VYO BIBILIYA YIGISHA

Ntiwihutire kuvuga yuko ivyerekanywe ku mpapuro z’imbere y’uru ari indoto nsa. Imana yarasezeranye kuzoshitsa ivyo bintu, kandi Bibiliya irasigura ingene izobigira.

Ariko rero, ivyo wungukira kuri Bibiliya si ivyo gusa. Irerekana ukuntu no muri iki gihe wogira ubuzima buhimbaye. Zirikana gatoyi ibikuraje ishinga be n’ingorane wifitiye. Hashobora kuba harimwo ibibazo bijanye n’amahera, ingorane zo mu muryango, gukikwa n’amagara canke kubura uwawe. Bibiliya irashobora kugufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zishika muri iki gihe, kandi irashobora kuguhumuriza mu kwishura ibibazo nk’ibi:

  • Ni kubera iki dushikirwa n’imibabaro?

  • Dushobora gute kuvyifatamwo neza mu myitwarariko yo mu buzima?

  • Dushobora gute gutuma mu rugo iwacu harushiriza kuba agahimbare?

  • Bitugendera gute iyo dupfuye?

  • Twoba tuzokwigera dusubira kubona abacu bapfuye?

  • Dushobora gute kwemera tudakeka yuko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye kuzokora muri kazoza?

Kuba uriko urasoma iki gitabu birerekana yuko wipfuza kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Iki gitabu kizogufasha. Nk’uko ubibona, ingingo yose irafise ikibazo kijanye na yo. Abantu amamiliyoni barashimishijwe no kubona hakoreshwa uburyo bw’ibibazo n’inyishu igihe baba bariko barayaga n’Ivyabona vya Yehova ku vyerekeye Bibiliya. Turizigiye ko na wewe bizogushimisha. Tukwipfurije imihezagiro y’Imana, magingo uriko urakora ikintu ceza umutima kandi gishimishije co kurondera kumenya ico vy’ukuri Bibiliya yigisha.