Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyo wemera vyoba hari ico bitwaye?

Ivyo wemera vyoba hari ico bitwaye?

Woba wibaza ko ubuzima buri n’intumbero? Uwitwa William B. Provine, uno akaba yemera ivy’ihindagurika, avuga ati: “Ivyo twamenye ku bijanye n’ukuntu ihindagurika ryagiye riraba biragira ikintu gikomeye bigize kuri twebwe, bigahindura ukuntu twari dusanzwe dutahura intumbero y’ubuzima.” Uti none yahavuye ashika ku kihe ciyumviro? Avuga ati: “Jewe simbona ko ubuzima bw’abantu buri n’intumbero itomoye.”32

Rimbura ico ayo majambo asobanura. Hamwe ubuzima bwoba butagira intumbero itomoye, nta kindi rero twoba tubereyeho uretse ko twoza turagerageza gukora iciza ku rugero runaka, kumbure tukanaraga abazodukomokako kamere zacu mvukanwa. Bishitse tugapfa, twoba tuzimanganye ubutagisubira kubaho. Ubwonko bwacu, hamwe n’ubushobozi dufise bwo kwiyumvira no kuzirikana ku ntumbero y’ubuzima, vyobaye rero ari ibintu vyapfuye kwiyadukiza.

Ikigeretse kuri ivyo, ni uko abantu benshi bemera inyigisho y’ivy’ihindagurika usanga bavuga yuko ata Mana iriho, canke ko niba iriho, ata co inezwe ku vyo abantu bakora. Nka hamwe ibintu vyobaye biri ukwo, kazoza kacu kobaye gahagaze ku ndongozi zo mu vya politike n’izo mu vy’ivy’idini, be no ku ncabwenge. Duciye dufatira ku vyagiye biraba muri kahise, ikibano c’abantu cobandanya kurangwamwo umuvurungano, intambara, be n’ibiturire bigisibije. Niba mu vy’ukuri ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika, vyobaye rero bisa n’ivyumvikana umuntu abayeho yisunga ca civugo c’abantu batagira icizigiro kigira giti: “Twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.”—1 Abakorinto 15:32.

Igihushanye n’ivyo, Bibiliya yigisha iti: “[Ku Mana ni] ho hari isôko ry’ubuzima.” (Zaburi 36:9) Ayo majambo arafise insobanuro ikomeye.

Nimba ivyo Bibiliya ivuga ari ivy’ukuri, ubuzima burafise koko intumbero. Hariho umugambi uranga urukundo Umuremyi wacu afitiye abantu bose bahitamwo kubaho bakora ivyo agomba. (Umusiguzi 12:13) Uwo mugambi urimwo wa muhango wo kuzobaho mw’isi izira umuvurungano, intambara be n’ibiturire, eka mbere n’urupfu.—Zaburi 37:10, 11; Yesaya 25:6-8.

Ni co gituma abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bemera yuko ata kindi kintu na kimwe gishobora gutuma ubuzima bugira intumbero koko, uretse ukwiga ivyerekeye Imana be n’ukuyigamburukira. (Yohani 17:3) Ivyo bemera si ibintu bitagira ishingiro. Hariho ibimenyamenya vyerekana ko ibinyabuzima vyose vyaremwe.