Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Halfpoint Images/Moment via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Umuyobozi mukuru mu rwego rwitaho amagara y’abantu aragabisha ko imbuga hwaniro zishobora kugira ingaruka mbi ku bakiri bato: Bibiliya ibivugako iki?

Umuyobozi mukuru mu rwego rwitaho amagara y’abantu aragabisha ko imbuga hwaniro zishobora kugira ingaruka mbi ku bakiri bato: Bibiliya ibivugako iki?

 Ku wa 23 Rusama 2023, umuyobozi mukuru mu rwego rwitaho amagara y’abantu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaragabishije abanyagihugu ko imbuga hwaniro ziriko ziragira ingaruka mbi ku bakiri bato benshi.

  •   «Naho imbuga hwaniro zishobora kugirira akamaro abana bamwebamwe n’imiyabaga, biramaze kwibonekeza ko zishobora no gutuma abana n’imiyabaga bagira ingorane zikomeye ku magara yo mu mutwe hamwe no ku mubiri.»​—Vyavuzwe na Social Media and Youth Mental Health: The U.S. Surgeon General’s Advisory, 2023.

 Ayo matohoza yakozwe aratwereka igituma bikwiye kuturaza ishinga.

  •   Imiyabaga ifise imyaka iri hagati ya 12 na 15 «imara amasaha arenga 3 ku musi iriko irakoresha imbuga hwaniro, irakarirwa cane n’ingorane z’amagara yo mu mutwe harimwo n’ibimenyetso vy’akabonge no guhagarika umutima.»

  •   Igihe abana bafise imyaka 14 «bakoresha cane imbuga hwaniro akenshi usanga badasinzira neza, batotezwa kuri internet, badashima uko basa, bakumva ata co bamaze kandi bakagira akabonge. Ivyo bikaba bishikira cane abakobwa kuruta uko bishikira abahungu.»

 Ni gute abavyeyi bokingira abana babo izo ngorane? Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro.

Ivyo abavyeyi bokora

 Nugire ico ukoze. Kubera ko uri umuvyeyi, urakwiye kuzirikana ingaruka ziva ku gukoresha imbuga hwaniro hanyuma ugahitamwo nimba umwana wawe yozikoresha canke ko atozikoresha.

 Nimba uhisemwo ko umwana wawe akoresha imbuga hwaniro, nuzirikane ingorane bishobora guteza kandi ukurikiranire hafi ingene umwana wawe akoresha internet. None wobigenza gute?

 Nukingire umwana wawe ivyomugirira nabi. Numenyereze umwana wawe kumenya ibintu bitabereye bashirako n’ingene yovyirinda.

 Numushingire uturimbi. Nk’akarorero, urashobora gushingira umwana wawe umwanya yomara akoresha imbuga hwaniro n’ukuntu yozikoresha.

  •   Ico Bibiliya ivuga: «Mugume muraba neza ukuntu mugenda . . . mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye.»​—Abanyefeso 5:15, 16.

  •   Nukoreshe akavidewo kavuga ngo Ibisigurwa bariko barabicapa Nukoreshe neza ubuhinga bwa none kugira ufashe umwana wawe kubona igituma bihambaye kwishingira uturimbi igihe akoresha imbuga hwaniro.