Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha

Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha

 Mu 2023, abahinga mu vy’amagara bavuze ko kugira irungu ari ingorane ikomeye dukwiye kurwanya. None hoba hariho umuti wo kurwanya irungu?

  •   “Umuganga Vivek Murthy akaba ari umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Leta zunze ubumwe za Amerika, avuga ati: «Iyo ufise irungu kandi ukaba wumva ko uri wenyene, birashobora kugutera ingorane z’amagara zikomeye kandi bigatuma utakaza umunezero.» Ariko kandi yongerako ati: «Hari ico twokora.» Mu buryo ubuhe? «Turashobora gukora buri musi utuntu dutoduto kugira dukomeze ubucuti dufitaniye n’abandi.» a

 Irungu ntiriva gusa ku kuba umuntu ari wenyene. Hari abashobora kwumva irungu kandi bari mu bantu benshi. Bibiliya irashobora kudufasha naho ibituma tugira irungu bitandukanye. Irimwo impanuro ngirakamaro zishobora kudufasha kurwanya irungu biciye ku gukomeza ubugenzi dufitaniye n’abandi.

Impanuro zo muri Bibiliya zodufasha

 Nube umuntu azi kuganira neza n’abandi. Ivyo ntibisobanura gusa kubwira abandi uko wiyumva ariko kandi harimwo no kwumviriza abandi witonze. Uko urushiriza kwereka abandi ko ubitwararitse, ni ko ubucuti mufitaniye na bo bukomera.

  •   Ico Bibiliya ivuga: «Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi.»​—Abafilipi 2:4.

 Nurondere abagenzi batandukanye. Nurondere kugiranira ubugenzi n’abantu bakuze kugusumba canke bato kuri wewe, abo mudasangiye imico canke abava mu bindi bihugu.

 Kugira umenye vyinshi ku kuntu wogiranira ubugenzi bukomeye n’abandi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Icodufasha kuronka abagenzi beza.» (mu gifaransa)

a Our Epidemic of Loneliness and Isolation: The U.S. Surgeon General’s Advisory on the Healing Effects of Social Connection and Community, 2023.