Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urutonde rwo gusoma Bibiliya

Urutonde rwo gusoma Bibiliya

Bibiliya irimwo impanuro nziza cane zogufasha mu buzima. Niwaza urayisoma, ukazirikana ivyo usoma kandi ukabishira mu ngiro, “inzira yawe i[zo]roranirwa.” (Yosuwa 1:8; Zaburi 1:1-3) Bizogufasha kandi kumenya Imana n’Umwana wayo Yezu, kandi ubwo bumenyi burashobora kukurokora.​—Yohani 17:3.

Uti none wohera hehe mu gusoma Bibiliya? Hariho uburyo butandukanye. Uru rutonde ruragufasha gusoma Bibiliya wisunze uko ibitabu biyigize bikurikirana canke wisunze iciyumviro kanaka. Nk’akarorero, urashobora gusoma ibitabu vyigana ivyo Imana yagiye irakorera ihanga rya Isirayeli ya kera. Urashobora no gusoma ibitabu vyigana ingene ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere ryatanguye n’ingene ryateye imbere. Ugiye urasoma ibigabane baba baguhaye buri musi, mu mwaka umwe uzoba wahejeje gusoma Bibiliya yose.

Waba ushaka gusoma Bibiliya buri musi, canke ukaba ushaka ko woba wahejeje kuyisoma mu mwaka umwe canke ukaba ari ho ugitangura kuyisoma, uru rutonde rurashobora kubigufashamwo. Voma uru rutonde rwo gusoma Bibiliya, ubishatse uce utangura kuyisoma uno musi nyene. Urashobora no kurusohora ku rupapuro.