Nube umugenzi wa Yehova​—Indirimbo zisanzwe

Uru ni urukurikirane rw’indirimbo zikora ku mutima abana.

Kunda abantu bose

Ni kubera iki bihambaye ko dukunda abantu bose?

Ubaha abageze mu zabukuru

Wokwerekana gute ko wubaha abageze mu zabukuru bamaze imyaka myinshi bakorera Yehova?

Nufate ku mutwe ibitabu bigize Bibiliya (Igice ca 1)

Niwige ingene ibitabu vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo bikurikirana, kuva kw’Itanguriro gushika kuri Yesaya.

Nufate ku mutwe ibitabu bigize Bibiliya (Igice ca 2)

Raba ingene ibitabu vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo bikurikirana, kuva kuri Yeremiya gushika kuri Malaki.

Niwame ushima

Woshimira gute abagukorera ibintu?

Nufate ku mutwe ibitabu bigize Bibiliya (Igice ca 3)

Niwige ukuntu ibitabu bigize ivyanditswe vy’ikigiriki bikurikirana, kuva kuri Matayo gushika ku Vyahishuwe.

Ubuzima bwa Yezu

Ni ibiki Yezu yakoze igihe yari kw’isi, kandi ni ibiki agiye gukora?

Niwibone uri kumwe n’abagenzi ba Yehova

Niwibone uri kumwe na bo biciye ku vyo usoma muri Bibiliya.

Nusengere abandi

Ni kubera iki ukwiye gusengera abandi?

Nzokora bishimwe

Ufise imigambi iyihe yo mu vy’impwemu?

Yehova yandemye neza

Urashobora kubona, kwumva, gutwenga no gukina kubera Imana yakuremye neza.

Yehova ni umugenzi wanje

Imana nuyigire umugenzi!

Nube umugenzi wa Yehova: Ururirimbo rw’ishimikiro

Ushobora gute kuba umugenzi w’Imana?

Nukunde ugusenga kwo mu muryango

Ugusenga kwo mu muryango kuzogufasha kwiyegereza Yehova.

Ng’uyu umuryango wacu

Nuririmbe uvuga ingene ukunda umuryango wanyu.

Ndagushima

Nuhe agaciro abo muri kumwe maze mugiranire ubugenzi buramba!

Nugamburuke

Ushobora gute gushigikira ukuri?

Niwihangane nka Nowa

Ubifashijwemwo na Yehova, urashobora kwihangana nka Nowa.

Woba uzi amazina ya za ntumwa 12?

Tugerageze kwibuka za ntumwa 12 za Yezu. Woba ushobora kubavuga amazina?

Mariya yaricisha bugufi kandi yaragamburuka

Yehova yakoresheje gute umukenyezi yagamburuka yitwa Mariya? Umviriza aka karirimbo karyoheye ugutwi maze ubone ukuntu wokwigana kamere nziza za Mariya.

Rusi yari umugenzi nyakuri

Woshobora gute kuba umugenzi nyakuri nka kurya kwa Rusi?

Dawidi ni akarorero ku bakiri bato

Kuva Dawidi akiri umwana gushika akuze yamye yiyegereza Yehova kandi akamwizigira.

Kibondo nikundira

Ibibondo ni ingabire iva ku Mana. Nubaririmbire ibijanye n’iparadizo turindiriye.

Turashashaye kukubona

Abakobwa babiri bavukana biteguriye kwakira uwundi mwana bavukana ari mu kuvuka.

Nufate ku mutwe vya «vyamwa vy’impwemu»

Reka dufate ku mutwe za kamere zigize ivyamwa vy’impwemu.

Si je nzobona ihwaniro rirageze!

Ihwaniro ryageze! Woba wumva ushashaye kuryitaba?

Ndakunda kugira isuku

Nuririmbe uru ruririmbo ruvuga ibijanye n’isuku maze ubone ingene wohimbarwa no kugira isuku.

Mpungira kuri Yehova

Yehova arashobora kugufasha kwikuramwo ivyiyumviro bibi.