Ja ku birimwo

Shetani aba he?

Shetani aba he?

Inyishu Bibiliya itanga

 Kubera ko Shetani ari ikiremwa c’impwemu, aba mu karere kataboneka. Ariko rero, si mu muriro aho ababariza ababi nk’uko ifoto iri kumwe n’iki kiganiro ivyerekana.

“Intambara mw’ijuru”

 Shetani yarigeze kuba agendagenda ata kimutangira mu karere k’ibiremwa vy’impwemu, mbere akinjira guhagarara imbere y’Imana ari kumwe n’abamarayika b’intahemuka. (Yobu1:6) Ariko Bibiliya yari yaravuze ko hobaye “intambara mw’ijuru” yotumye Shetani yirukanwa mw’ijuru maze ‘agakororerwa kw’isi.’ (Ivyahishuwe 12:7-9, Bibiliya Yera) Urukurikirane rw’ibihe rwo muri Bibiliya n’ibiba mw’isi biremeza ko iyo ntambara yo mw’ijuru yamaze kuba. Ubu Shetani ari mu micungararo y’isi.

 Ivyo vyoba bisigura ko Shetani aba ahantu kanaka ngaha kw’isi? Nk’akarorero, igisagara ca kera ca Perugamo cavuzwe ko cari “aho intebe y’ubwami ya Shetani iri” be n’“aho Shetani aba.” (Ivyahishuwe 2:13) Mu bisanzwe, izo mvugo zerekana ko muri ico gisagara ugusenga Shetani kwari kwariraye. Vyongeye, Bibiliya ivuga ko Shetani aganza “ubwami bwose bw’isi,” ari co gituma ata hantu hanaka aba kw’isi ahubwo ari mu micungararo y’isi.​—Luka 4:5, 6.