Ja ku birimwo

Nomenya gute idini ry’ukuri?

Nomenya gute idini ry’ukuri?

Inyishu Bibiliya itanga

 Mu kwerekana itandukaniro riri hagati y’abari mw’idini ry’ukuri n’abari mw’idini ry’ikinyoma, Bibiliya ivuga iti: “Muzobamenyera ku vyamwa bama. None abantu barigera bamura inzabibu ku mahwa canke insukoni ku bitovu?” (Matayo 7:16) Kurya nyene ushobora kumenya igiti ciza ufatiye ku vyamwa vyaco, ni ko ushobora kumenya idini ry’ukuri ufatiye kuri ibi bintu biriranga:

  1.   Idini ry’ukuri ntiryigisha ivyiyumviro vy’abantu, ahubwo ryigisha ukuri gushingiye kuri Bibiliya. (Yohani 4:24; 17:17) Aho hakaba harimwo ukuri kwerekeye icitwa ngo ni ubugingo budapfa be n’ukwerekeye icizigiro c’ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo. (Zaburi 37:29; Yesaya 35:5, 6; Ezekiyeli 18:4) N’ikindi kandi, idini ry’ukuri rirashira ku mugaragaro ibinyoma vyigishwa mu madini.—Matayo 15:9; 23:27, 28.

  2.   Idini ry’ukuri rifasha abantu kumenya Imana n’izina ryayo Yehova. (Zaburi 83:18; Yesaya 42:8; Yohani 17:3, 6) Ntiryigisha ko Imana ari amayobera canke ko itatubabaye; ahubwo ryigisha ko Imana ishaka ko tuba abagenzi bayo.—Yakobo 4:8.

  3.   Idini ry’ukuri ryigisha ko Imana itanga ubukiriro biciye kuri Yezu Kristu. (Ivyakozwe 4:10, 12) Abaririmwo barigana Yezu kandi bagakurikiza ivyo yategetse.—Yohani 13:15; 15:14.

  4.   Idini ry’ukuri ribona ko Ubwami bw’Imana ari wo muti rudende w’ingorane z’abantu. Kandi abaririmwo baramamaza n’umwete ubwo Bwami bw’Imana.—Matayo 10:7; 24:14.

  5.   Idini ry’ukuri riremesha urukundo ruzira ubwikunzi. (Yohani 13:35) Ririgisha abantu kwubaha abo mu bwoko bwose, eka kandi riraha ikaze abantu bo mu moko yose, mu mihingo yose, mu ndimi zose no mu mico kama itandukanye. (Ivyakozwe 10:34, 35) Kandi abaririmwo ntibaja mu ntambara kuko bakundana.—Mika 4:3; 1 Yohani 3:11, 12.

  6.   Idini ry’ukuri ntirifise abakuru bahembwa kandi nta n’umwe mu barigize ahabwa amazina y’icubahiro akomakomeye.—Matayo 23:8-12; 1 Petero 5:2, 3.

  7.   Idini ry’ukuri ntiryisuka muri politike. (Yohani 17:16; 18:36) Naho ari ukwo, abaririmwo barubaha kandi bakubahiriza ubutegetsi bw’aho baba, bakurikije itegeko Bibiliya itanga rigira riti: “Nimwishure Sezari ivya Sezari [agereranya ubutegetsi bw’abantu], mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”—Mariko 12:17; Abaroma 13:1, 2.

  8.   Idini ry’ukuri riraryohora ukuntu umuntu abayeho; si umugenzo gusa canke uguheza umwuga. Abaririmwo bisunga Bibiliya mu vyo bakora vyose. (Abanyefeso 5:3-5; 1 Yohani 3:18) Ntibabaho bafise umujinya, ahubwo bamana umunezero kuko basenga “Imana ihimbawe.”—1 Timoteyo 1:11.

  9.   Abari mw’idini ry’ukuri bobaye ari inkehwa. (Matayo 7:13, 14) Akenshi usanga basuzugurwa, bagacokorwa, mbere bagahamwa kubera ko bakora ivyo Imana ishaka.—Matayo 5:10-12.

Gukunda idini si vyo bituma riba iry’ukuri

 Harimwo akaga gupfa guhitamwo idini ngo ni uko rikuryohera vyonyene. Bibiliya yari yaravuze ko hogeze igihe abantu ‘bakirundaniriza abigisha b’idini bahūje n’ukwifuza kwabo.’ (2 Timoteyo 4:3, Bibiliya Yera) Ahubwo Bibiliya idusaba kuja mw’idini “ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu ikaba na Data,” naho iryo dini ryoba ridakundwa cane.—Yakobo 1:27; Yohani 15:18, 19.