Ja ku birimwo

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bataja muri politike?

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bataja muri politike?

 Ivyabona vya Yehova ntibaja muri politike biturutse ku vyo bemera bishingiye ku vyo Bibiliya yigisha. Ntidutora canke ngo duhiganirwe ibibanza vya politike, eka mbere ntiturondera guhindura ubutegetsi canke politike y’igihugu. Tubona ko Bibiliya itanga imvo zumvikana zituma duhitamwo iyo ngendo.

  •   Turakurikiza akarorero ka Yezu, umwe yanka guhabwa ikibanza ca politike. (Yohani 6:​15) Yarigishije abayoboke biwe kutaba “ab’isi” yongera arabereka neza ko badakwiye kwisuka mu bibazo vya politike.​—Yohani 17:14, 16; 18:36; Mariko 12:13-​17.

  •   Ntiduhemukira Ubwami bw’Imana, bumwe Yezu yavuga igihe yagira ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.” (Matayo 24:14) Kubera ko duserukira Ubwami bw’Imana tukaba twashinzwe gutangaza yuko bugiye kuza, ntitwisuka muri politike y’igihugu na kimwe, naho coba igihugu tubamwo.​—2 Abakorinto 5:​20; Abanyefeso 6:​20.

  •   Kutaja muri politike biratuma tworoherwa no kubwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye vya politike. Turerekana mu mvugo no mu ngiro ko twizigiye yuko Ubwami bw’Imana ari bwo buzokuraho ingorane zo mw’isi.​—Zaburi 56:11.

  •   Kubera twirinda kuja muri politike, turunze ubumwe kurya kw’umuryango w’abavukana ukwiye kw’isi yose. (Abakolosayi 3:​14; 1 Petero 2:​17) Ku rundi ruhande, amadini yisuka muri politike aratuma abanywanyi bayo bica imice.​—1 Abakorinto 1:​10.

 Kwubaha ubutegetsi. Naho tutaja muri politike, turubaha abategetsi badutwara. Ivyo birahuye n’itegeko Bibiliya itanga rigira riti: “Umuntu wese nayobokere abakuru bari hejuru.” (Abaroma 13:1) Turubaha amategeko, tugatanga amatagisi tukongera tugashigikira utwigoro intwaro zigira ngo abanyagihugu bamererwe neza. Aho kugira uruhara mu gusenyura ubutegetsi, turakurikiza impanuro ya Bibiliya iduhimiriza gusabira “abami n’abo bose bari mu kibanza co hejuru,” canecane igihe bafata ingingo zerekeye umwidegemvyo wo gusenga.​—1 Timoteyo 2:​1, 2, akajambo k’epfo.

 Turubahiriza kandi uburenganzira abandi bafise bwo kwifatira ingingo ku bijanye n’ibibazo vya politike. Nk’akarorero, ntidutera umudugararo mu matora canke ngo tubuze amahoro abashaka gutora.

 Kutaja muri politike coba ari ikintu gishasha? Eka da. Ukwo ni ko intumwa n’abandi bakirisu bo mu kinjana ca mbere babona ibintu ku bijanye n’ubutegetsi. Igitabu kimwe (Beyond Good Intentions) kigira giti: “Naho abakirisu bo mu kinjana ca mbere bemera ko bategerezwa guha icubahiro abategetsi, ntibemera kuja muri politike.” Muri ubwo buryo nyene, ikindi gitabu (On the Road to Civilization) kivuga ko abakirisu bo mu ntango “batorose bemera ibiti vya politike.”

 Kutaja muri politike vyoba bigeramira umutekano w’igihugu? Eka da. Nta mvo n’imwe yotuma abategetsi bagira amakenga kuko turi abanyagihugu bakunda amahoro. Rimbura icegeranyo co mu 2001 casohowe n’ikigo kimwe co muri Ukraine (National Academy of Sciences). Ku bijanye n’uko tutaja muri politike, ico cegeranyo cagize giti: “Muri iki gihe hari abadakunda iyo ngendo y’Ivyabona vya Yehova. Ico ni co catumye bahamwa na za ntwaro z’agahotoro z’Abanazi n’Abakomunisita za kera.” Yamara rero, n’igihe nyene Ivyabona bariko barahamwa n’abarusiya “bagumye bubahiriza amategeko y’igihugu. Barakora batiziganya mu mirima rusangi no mu mahinguriro y’ibiterwa kandi ntibigeze bageramira intwaro y’Abakomunisita.” Ico cegeranyo gisozera kivuga ko n’ubu ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova be n’ivyo bemera “bitageramira umutekano canke imbibe z’igihugu na kimwe.”