Ja ku birimwo

Igikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 ni iki?

Igikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ico gikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 kigereranya ishirahamwe rifise intumbero yo guhuriza hamwe ibihugu vyose vyo kw’isi no kubiserukira. Mu ntango ryitwa Umuhari w’amahanga, ubu na ho ryitwa Ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ibidufasha kumenya ico gikoko

  1.   Ishirahamwe ry’ivya politike. Ico gikoko c’ibara ry’agahama gifise “imitwe indwi” igereranya “imisozi indwi” n’“abami indwi,” canke ubutegetsi. (Ivyahishuwe 17:9, 10) Bibiliya yerekana ko imisozi n’ibikoko bigereranya intwaro.​—Yeremiya 51:24, 25; Daniyeli 2:44, 45; 7:17, 23.

  2.   Kirasa na ca gikoko kigereranya intwaro zo kw’isi. Ico gikoko c’ibara ry’agahama kirasa na ca gikoko c’imitwe indwi kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13, kino kikaba kigereranya intwaro zo kw’isi. Ivyo bikoko vyompi bifise imitwe indwi, amahembe cumi n’amazina y’ukurogota ku Mana. (Ivyahishuwe 13:1; 17:3) Birafise amasano menshi bihuriyeko ku buryo ata wovuga ko ari ibintu bipfa guhurirana. Ico gikoko c’ibara ry’agahama ni ishusho ya ca gikoko kigereranya intwaro zo kw’isi, ni ukuvuga ko bisa.​—Ivyahishuwe 13:15.

  3.   Gihabwa ububasha n’ubundi butegetsi. Ico gikoko c’ibara ry’agahama ‘kiva,’ canke gikomoka, ku bundi butegetsi.​—Ivyahishuwe 17:11, 17.

  4.   Kirafitaniye isano n’idini. Babiloni Akomeye, ni ukuvuga amadini yose y’ikinyoma yo kw’isi, yicaye kuri ico gikoko c’ibara ry’agahama. Ivyo vyerekana ko amadini y’ikinyoma ashigikira ico gikoko.​—Ivyahishuwe 17:3-5.

  5.   Ntigitera iteka Imana. Ico gikoko “cuzuye amazina y’ukurogota ku Mana.”​—Ivyahishuwe 17:3.

  6.   Kiramara igihe kidakora. Ico gikoko c’ibara ry’agahama comaze igihe kiri “mu nyenga,” a ni ukuvuga kitariko kirakora, ariko cohavuye gisubira gukora.​—Ivyahishuwe 17:8.

Carashikije ubuhanuzi bwo muri Bibiliya

 Raba ukuntu rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe na wa Muhari w’amahanga ryasubirira, vyashikije ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye ca gikoko c’ibara ry’agahama.

  1.   Ishirahamwe ry’ivya politike. Ishirahamwe ONU rirafata mu mugongo intwaro mu gushigikira ingingo y’“ukungana mu bwigenge bw’ibihugu vyose birigize.” b

  2.   Kirasa na ca gikoko kigereranya intwaro zo kw’isi. Mu 2011, mu bihugu bigize ONU harongeweko ikigira 193. Ku bw’ivyo, ONU ivuga ko iserukira vyinshi mu bihugu biri kw’isi.

  3.   Gihabwa ububasha n’ubundi butegetsi. Ishirahamwe ONU rikomoka ku bihugu birigize kandi rigira gusa ububasha n’ubukuru ivyo bihugu birihaye.

  4.   Kirafitaniye isano n’idini. Waba wa Muhari w’amahanga canke Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, vyose vyamye bishigikirwa n’amadini. c

  5.   Ntigitera iteka Imana. Ishirahamwe ONU ryashinzwe mu ntumbero yo “kubungabunga amahoro n’umutekano kw’isi.” d Naho iyo ntumbero womenga irabereye, ntiritera iteka Imana kuko rivuga yuko rirangura ibintu Imana yavuze ko bizorangurwa n’Ubwami bwayo gusa.​—Zaburi 46:9; Daniyeli 2:44.

  6.   Kiramara igihe kidakora. Wa Muhari w’amahanga, uwashinzwe inyuma gatoyi y’Intambara ya mbere y’isi yose kugira ubungabunge amahoro, ntiwashoboye kubuza ko intambara ziba hagati y’ibihugu. Wahagaritse gukora igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yatangura mu 1939. Mu 1945, inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, harashinzwe Ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Intumbero yaryo, ukuntu rikora hamwe n’ingene ritunganijwe birasa cane n’ivya wa Muhari w’amahanga.

a Kazinduzi imwe (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) ivuga ko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “inyenga” risigura “umwobo muremure vy’agatangaza.” Iyindi Bibiliya (King James Version) ihindura iryo jambo ngo “ikinogo kitagira iyo kigarukira.” Muri Bibiliya, iryo jambo ryerekeza ku kibanza co gupfungirwamwo canke ku gupfungwa, ata kintu na kimwe umuntu ashobora gukora.

b Raba ingingo ya 2 y’Amasezerano y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

c Nk’akarorero, mu 1918 inama nkuru iserukira amadini menshi y’Abaporoti yo muri Amerika yavuze ko uwo Muhari wobaye “urwego rwa politike ruserukira ubwami bw’Imana aha kw’isi.” Mu 1965, abaserukira Ababuda, Abagatolika, Aborotodogisi bo mu Buraya bwo mu buseruko, Abahindu, Abisilamu, Abayahudi, n’Abaporoti barakoraniye i San Francisco kugira berekane ko bashigikiye Ishirahamwe mpuzamakungu ONU no kugira barisengere. Vyongeye, mu 1979, Papa Yohani Paulo wa kabiri yavuze ko yizigiye yuko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU “rizokwama ari ihuriro nyamukuru ry’amahoro n’ubutungane.”

d Raba ingingo ya 1 y’Amasezerano y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU.