Ja ku birimwo

Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?

Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?

Inyishu Bibiliya itanga

 Urashobora gusenga Imana uyisaba ikintu ico ari cose gihuye n’ivyo isaba biri muri Bibiliya. Ivuga iti: Ico dusaba cose twisunze ukugomba kw’Imana, iratwumva.’ (1 Yohani 5:14) Woba ushobora gushiramwo ibikuraje ishinga? Ego cane. Bibiliya ivuga iti: “Musuke ivyo mu mitima yanyu imbere [y’Imana].”—Zaburi 62:8, Bibiliya Yera.

Ivyo ushobora gusaba Imana mw’isengesho

  •   Ukwizera Imana.—Luka 17:5.

  •   Impwemu nyeranda, ari yo nguvu ikora y’Imana, kugira igufasha gukora ibibereye.—Luka 11:13.

  •   Inkomezi zo kwihanganira ingorane no kunanira inyosha mbi.—Abafilipi 4:13.

  •   Amahoro yo mu mutima, ugutekanirwa.—Abafilipi 4:6, 7.

  •   Ubukerebutsi bwo gufata ingingo nziza.—Yakobo 1:5.

  •   Ivyo ukenera ku musi ku musi.—Matayo 6:11.

  •   Guharirwa ivyaha.—Matayo 6:12.