Ja ku birimwo

Ni impamvu zibiri izihe zituma Imana itishura amasengesho amwamwe?

Ni impamvu zibiri izihe zituma Imana itishura amasengesho amwamwe?

Inyishu Bibiliya itanga

 Hari amasengesho Imana itishura. Ehe ibintu bibiri bituma Imana yihoza isengesho ry’umuntu.

1. Iryo sengesho riba riteye kubiri n’ivyo Imana igomba

 Imana ntiyishura umuntu igihe ayisavye ibiteye kubiri n’ivyo igomba canke isaba biri muri Bibiliya. (1 Yohani 5:14) Nk’akarorero, idusaba ngo twirinde kuba abanyamwina. Akamari karemesha umwina. (1 Abakorinto 6:​9, 10) Imana rero ntizokwishura isengesho ryawe niwasenga uyisaba gutomboza mu kamari. Imana si ikintu ushobora guhamagara ngo kiguhe ivyo ushatse vyose. Mu vy’ukuri urakwiye gushima kubona itameze gutyo. Ahandiho wohava uhagarikwa umutima n’ivyo abandi na bo bayisaba ngo ibakorere.—Yakobo 4:3.

2. Nyene kuyisenga aba ayigarariza

 Imana ntiyumviriza amasengesho y’abantu biyemeje gukora ibiyibabaza. Nk’akarorero, ehe ivyo Imana yabwiye abivugisha ngo barayikorera ariko bakayigarariza: “Naho mutura amasengesho menshi, sinumviriza; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso.” (Yesaya 1:15) Ariko baramutse bahinduye ingendo ‘bakagorora ibintu’ hagati yabo na yo, yobumvirije bayisenze.—Yesaya 1:18.