Ja ku birimwo

Wa mutunzi na Lazaro bari bande?

Wa mutunzi na Lazaro bari bande?

Inyishu Bibiliya itanga

 Uwo mutunzi na Lazaro bavugwa mu nkuru Yezu yiganye. (Luka 16:19-31) Muri iyo nkuru, bagereranya imigwi ibiri y’abantu:(1) abakuru b’idini b’Abayuda b’abanyabwibone babayeho mu gihe ca Yezu be (2) n’abantu basanzwe yamara b’umutima nziraburyarya bumvirije ubutumwa bwa Yezu.

Muri iki kiganiro, turaza kubona ibi bikurikira:

 Yezu yavuze iki ku bijanye n’uwo mutunzi na Lazaro?

 Muri Luka ikigabane ca 16, Yezu avuga abagabo babiri bashikirwa n’amahinduka akomeye.

 Ng’iyi incamake y’iyo nkuru Yezu yiganye: Umugabo umwe w’umutunzi yari abayeho mu buzima bwiza cane. Umusezi umwe yitwa Lazaro yahora ashirwa kw’irembo ryiwe. Yama yiteze kuronka ibifungurwa bikoroka biva ku meza ya nya mutunzi. Mu nyuma, Lazaro yarapfuye aca ajanwa n’abamarayika mu gikiriza ca Aburahamu. Na nya mutunzi nyene yarapfuye hanyuma arahambwa. Muri iyo nkuru, abo bagabo bompi badondorwa nk’aho bagumanye ubwenge bamaze gupfa. Uwo mutunzi yariko arababazwa mu muriro mwinshi maze aca asaba Aburahamu kurungika Lazaro akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi kugira ahoze ururimi rwiwe. Aburahamu yarankiye uwo mutunzi aca amubwira ko ivyabo vyahindutse be n’uko hari imanga nini atawoshobora kujabuka yashizwe hagati yabo.

 Iyo nkuru yoba yarabaye koko?

 Oya. Ni ikigereranyo Yezu yakoresheje kugira atange icigwa. N’abahinga baremera ko iyi nkuru ari ikigereranyo. Nk’akarorero, agatwe k’amajambo kari muri Bibiliya ya Luther yasohotse mu 1912, kavuga ko iki ari ikigereranyo. Vyongeye, akajambo k’epfo kari muri Bibiliya y’abagatolika yitwa Bible de Jerusalem, kavuga ko iki ari “ikigereranyo ciganywe mu buryo bw’inkuru ariko abavugwamwo bakaba batabayeho.”

 Yezu yoba yariko yigisha ko ubuzima bubandanya inyuma y’urupfu? Yoba yashaka kuvuga ko abantu bapfuye bababarizwa mu muriro be n’uko Aburahamu na Lazaro bari mw’ijuru? Hari ibintu vyinshi vyerekana ko atari ukwo biri.

 Nk’akarorero:

  •   Nimba vy’ukuri uwo mutunzi yari mu muriro, ubwo amazi yari ku rutoki rwa Lazaro ntiyociye ahitanwa n’uwo muriro?

  •   Naho ayo mazi yomushikiriye, none akama kamwe gusa koba kari gutuma atababazwa kandi ari mu muriro?

  •   Vyogenze gute ngo Aburahamu abe ari mw‘ijuru, kandi Yezu yavuze ko gushika mu gihe ciwe ata muntu yagiye mw’ijuru?​—Yohani 3:13.

 Iyo nkuru yoba ishigikira inyigisho y’umuriro udahera?

 Oya. Naho iyo atari inkuru yabaye, hari abavuga ko itanga iciyumviro c’uko abantu beza baja mw’ijuru abantu babi na bo bakababarizwa mu muriro udahera. a

 None ivyo vyoba vyumvikana? Oya.

 Inyigisho y’umuriro udahera ntihuje n’ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe. Nk’akarorero, nta ho ivuga ko abantu beza bose bapfuye baca baja mw’ijuru bakiberaho bahimbawe canke ko abantu babi baca babarizwa mu muriro udahera. Ahubwo, Bibiliya ivuga itomora iti: “Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.”​—Umusiguzi 9:5.

 Inkuru y’umutunzi na Lazaro isigura iki?

 Iyo nkuru yerekana ko hari imigwi ibiri y’abantu yari igiye gushikirwa n’amahinduka akomeye.

 Uwo mutunzi ashobora kuba yagereranya abakuru b’idini b’Abayuda “abari inkunzi z’amahera.” (Luka 16:14) Barumviriza ivyo Yezu yigisha, ariko bakabirwanya. Abo bakuru b’idini barakengera abantu baciye bugufi.​—Yohani 7:49.

 Lazaro yagereranya abantu basanzwe, bemeye ubutumwa bwa Yezu kandi bakengerwa n’abakuru b’idini b’Abayuda.

 Iyo migwi yompi yarashikiwe n’amahinduka adasanzwe.

  •   Abakuru b’idini b’Abayuda bibaza ko Imana ibashima. Ariko ni nk’aho bari barapfuye igihe Imana yabaheba, igaheba n’ugusenga kwabo kubera ko batemera ubutumwa Yezu yigisha. Vyongeye, ni nk’aho baba bariko barababarizwa mu muriro kubera ubutumwa Yezu be n’abigishwa biwe bamamaza.​—Matayo 23:29, 30; Ivyakozwe 5:29-33.

  •   Abantu baciye bugufi na bo, abari bamaze igihe bakengerwa n’abakuru b’idini, bariko baremerwa n’Imana. Abenshi baremeye ubutumwa bwo mu Vyanditswe Yezu yigisha kandi burabagirira akamaro. Rero, bari bironkeye agateka ko kwemerwa n’Imana ibihe vyose.​—Yohani 17:3.

a Mu kudondora ahantu uwo mutunzi yari ari amaze gupfa, Bibiliya zimwezimwe zikoresha imvugo “umuriro udahera.” Ariko rero, ijambo ry’ikigiriki (Hadesi) ryakoreshejwe muri Luka 16:23 risigura gusa imva rusangi abantu bajamwo.