Ja ku birimwo

Ubuzima n’urupfu

Ubuzima

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Woba uribaza uti: ‘Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’ Numenye ukuntu Bibiliya yishura ico kibazo.

Ni ibiki Imana igomba ku binyerekeye?

Vyoba ari nkenerwa ko uronka ikimenyetso kidasanzwe canke umuhamagaro kugira umenye ivyo Imana igomba? Raba inyishu Bibiliya itanga.

Wokora iki kugira uzobeho ibihe bidahera?

Bibiliya isezerana ko abakora ivyo Imana igomba bashobora kubaho ibihe bidahera. Raba ibintu bitatu Imana ishaka ko dukora.

Ni bande amazina yabo yanditse mu “gitabu c’ubuzima”?

Imana yasezeranye kwibuka abizigirwa kuri yo. Izina ryawe ryoba riri mu “gitabu [cayo] c’ubuzima”?

Urupfu

Kubera iki abantu bapfa?

Inyishu Bibiliya itanga kuri ico kibazo irahumuriza kandi iratanga icizigiro.

Bigenda gute iyo upfuye?

Abapfuye boba bamenya ibiriko birabera iruhande yabo?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guturira ibiziga?

Guhamba ikiziga vyoba ari vyo vyonyene vyemewe?

Bibiliya yoba yofasha abantu bashaka kwiyahura?

Ni impanuro nziza izihe Bibiliya iha umuntu yoba yumva ashaka kwipfira?

Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu?

Kudatinya urupfu birashobora gutuma ubuzima butakuryohera.

Iyo umuntu apfuye, umusi wiwe uba washitse?

Kubera iki Bibiliya ivuga ko hari “igihe co gupfa”?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guhohosha umuntu?

Bite ho hamwe umuntu yoba ari ku mpfiro? Twoba twokora ibishoboka vyose kugira ubuzima bubandanye?

Ijuru n'umuriro udahera

Ijuru ni iki?

Nk’uko bivugwa muri Bibiliya, iryo jambo rifise insiguro nyamukuru zitatu.

Ni bande baja mw’ijuru?

Abantu benshi bemera iciyumviro kitari co c’uko abantu beza bose bazoja mw’ijuru. Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

Ikiyaga c’umuriro ni iki?

Yezu arafise “impfunguruzo z’i kuzimu,” mugabo yoba afise urupfunguruzo rw’ikiyaga c’umuriro?

Wa mutunzi na Lazaro bari bande?

Iki kigereranyo ca Yezu coba cigisha ko abantu beza baja mw’ijuru abantu babi na bo bakaja kubabarizwa mu muriro?

Ipurugatori yoba ivugwa muri Bibiliya?

Wotangara umenye aho iyo nyigisho yavuye.

Ibikoko vyoba bija mw’ijuru?

Nta na hamwe Bibiliya yerekana ko mw’ijuru hariho ikibanza categuriwe ibikoko kandi ivyo birumvikana.

Icizigiro ku bapfuye

Izuka ni iki?

Woshobora gutangazwa no kumenya abazosubira kuba bazima muri kazoza.