Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova boba ari Abasiyoniste?

Ivyabona vya Yehova boba ari Abasiyoniste?

 Oya. Ivyabona vya Yehova ni abakirisu bashingira ivyo bemera kuri Bibiliya. Naho hari amadini yigisha ko ugutororokanira kw’Abayahudi muri Palestina kujanye n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, Ivyabona vya Yehova si ko babibona. Ntibemera ko ico kintu kijanye n’ivya politike cari caravuzwe muri Bibiliya. Mu vy’ukuri, Bibiliya ntishigikira intwaro n’imwe y’abantu canke ngo ifate ubwoko bumwe, kibure umugwi w’abantu, iburutishe ubundi. Ikinyamakuru cemewe n’amategeko c’Ivyabona vya Yehova citwa Umunara w’Inderetsi cavuze gitomora giti: “Nta na hamwe Bibiliya ishigikira umuhari w’ivya politike w’Abasiyoniste.”

 Igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica) kivuga ko Abasiyoniste ari “umuhari w’Abayahudi uharanira ko hashingwa muri Palestina leta yigenga y’Abayahudi.” Ni umuhari ukomoka mu vy’idini no mu vya politike. Ivyabona vya Yehova ntibashigikira na gato ivyiyumviro vy’Abasiyoniste, haba mu bijanye n’ugusenga canke mu vya politike.

 Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova rikurikirana gusa ivy’Imana, ntirishigikira umuhari n’umwe w’ivya politike, ushizemwo n’uw’Abasiyoniste. Birazwi rwose ko twebwe Ivyabona vya Yehova ata ho duhengamiye mu vya politike, kandi mu bihugu bimwebimwe Ivyabona baremeye barahamwa bimwe bikomeye aho kudohoka kuri iyo mpagararo yabo. Twemera tudakeka ko Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru ari bwo bwonyene buzozana amahoro arama kw’isi. Nta ntwaro n’imwe y’abantu canke umuhari n’umwe ushobora kuyazana.

 Aho baba hose, Ivyabona vya Yehova bisunga itegeko ryo muri Bibiliya ribasaba kugamburuka amategeko ya leta. Ntibagarariza abategetsi bo mu vy’intwaro canke ngo baje mu ntambara.