Ja ku birimwo

Kubera iki mwitwa Ivyabona vya Yehova?

Kubera iki mwitwa Ivyabona vya Yehova?

 Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana, nk’uko riboneka muri Bibiliya. (Yesaya 12:2; Zaburi 83:18) Icabona ni umuntu amenyesha abandi ivyiyumviro canke ibintu azi neza ko ari ukuri.

 Rero, izina ryacu ry’Ivyabona vya Yehova ryerekana ko turi umugwi w’abakirisu bamenyesha abandi ukuri kwerekeye Yehova, we Muremyi w’ibiriho vyose. (Ivyahishuwe 4:11) Turashinga intahe ku bandi biciye ku buryo tubayeho no mu kubabwira ivyo twize muri Bibiliya.—Yesaya 43:10-12; 1 Petero 2:12