Ja ku birimwo

Ni nde yashinze idini ryanyu?

Ni nde yashinze idini ryanyu?

 Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu gihe ca none ryatanguye mu mpera z’ikinjana ca 19. Ico gihe, umugwi mutoyi w’abitwa Abatohoji ba Bibiliya baba hafi y’i Pittsburgh, i Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baratanguye gusuzuma Bibiliya bitonze. Barafata inyigisho zigishwa mu madini bakazigereranya n’ivyo vy’ukuri Bibiliya yigisha. Ivyo bize baciye batangura kubisohora mu bitabu, mu bimenyeshamakuru no mu kinyamakuru ubu citwa Umunara w’Inderetsi—Utangaza Ubwami bwa Yehova.

 Mu bari bagize uwo mugwi w’abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya harimwo uwitwa Charles Taze Russell. Naho Russell yari ahagarikiye igikorwa co kwigisha Bibiliya ico gihe kandi akaba yari umwanditsi mukuru w’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi, ntiyashinze idini rishasha. Intumbero ya Russell na bagenziwe yari iyo kumenyekanisha inyigisho za Yezu Kristu no kwisunga ukuntu ibintu vyagenda mw’ishengero ry’abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Kubera ko Yezu ari we yashinze ubukirisu, tubona ko ari we yashinze ishirahamwe ryacu.—Abakolosayi 1:18-20.