Ja ku birimwo

“Abagore barafise uruhara rukomeye mu bwubatsi”

“Abagore barafise uruhara rukomeye mu bwubatsi”

Ishirahamwe ry’ubwubatsi * ryubahwa cane ryo mu Bwongereza ryarakeje Ivyabona vya Yehova bariko barubaka ibiro vy’ishami hafi y’igisagara ca Chelmsford muri Essex. Ryabakeje kubera bigisha abagore bakorera kuri iyo shantiye gutwara ibimashini bininibinini. Iryo shirahamwe ryarashimye cane uburyo ivyo Vyabona bakoresha mu kwigisha abo bagore, rica ribaha cumi kw’icumi. Ryavuze ko ari “ikintu gishasha.” Kubera iki none ryabahaye amanota menshi gutyo?

Mu Bwongereza, abagore bakora mu bwubatsi ntibashika ibice 13 kw’ijana. Itohoza ryagizwe n’ishirahamwe rimwe ryerekanye ko abagore bipfuza gukora akazi kajanye n’ubwubatsi ari bake cane. Igitandukanye n’ico, ibice 40 kw’ijana vy’abakorera kw’ishantiye y’i Chelmsford ni abagore. Mu mugwi w’abakoresha ibimashini bininibinini hoho bararenga ibice 60 kw’ijana.

Abagore barakorana n’abagabo kw’ishantiye y’ i Chelmsford

None ni igiki gituma abo bagore b’Ivyabona bashobora ico gikorwa? Baramenyerezwa kandi bagashigikirwa. Ivyo bintu bibiri biri no mu vyo rya shirahamwe risaba. Risaba abubatsi guha agaciro abakozi bose mu “gutuma umwe wese yumva ko yubashwe aho akorera, agafatwa cokimwe n’abandi, akaremeshwa kandi agashigikirwa.” Ribasaba kandi “kumenyereza abandi.”

Kwigisha abagore gukoresha ibimashini bininibinini

Uwitwa Jade ni umwe mu bagore bigishijwe gukoresha ibimashini vyimba no gutwara amabeni. Avuga ati: “Vyarahise! Siniyumvira ko noshoboye kubitwara. Rimwe na rimwe birangora ariko baguma bamenyereza kandi nguma niga ibintu bishasha.” Uwitwa Lucy na we nyene ubu aratwara ibimashini bininibinini. Yigana ati: “Nkiza ng’aha, nta buhanga na bumwe nari mfise. Ariko ngishika baciye batangura kumenyereza. Ubu ndamaze gukorera mu migwi itanu itandukanye. Narahigiye ibintu vyinshi.”

Bariko barigisha umugore gutwara ikimashini

Kiretse gukoresha ivyo bimashini, abo bagore barafise n’ubundi buhanga. Umwe mu bahagarikizi b’imigwi yitwa Eric avuga ati: “Akenshi abagore baritwararika ibikoresho kurusha abagabo, kandi iyo izo mashini zifise ingorane, barabibona ningoga bagaca babivuga.”

Gushigikira abagore bakorera mu bwubatsi

Uwitwa Carl ahagarikiye imigwi itari mike ikoresha ibimashini bininibinini. Avuga ati: “Naratangaye cane mbonye ingene abo bagore bize gutwara ibimashini. Mu bihe bimwebimwe, nohitamwo ko ari bo babikoresha hako bikoreshwa n’abagabo bamaze imyaka babikoresha.”

Umugore ariko arakoresha imashini ifatanya amatiyo ya plastike

Igihe abahagarikizi b’imigwi baremesha abandi bakozi, biratuma bumva ko hari ico bamaze. Ivyo Therese yaravyiboneye. Kubera ko amenyereye gutwara imashini, arazi ko kwirinda impanuka muri ako kazi bisaba kwitaho ivyo ujejwe hamwe no gufata ingingo. Avuga ati: “Iyo nzi ko nshigikiwe n’uwuhagarikiye umugwi, ndakora vyinshi kuruta kuko mba nzi yuko anyizeye. Kumenya ko abandi bashima ivyo nkora kandi bakabiha agaciro, bituma numva nokora cane.”

Abigail ni uwundi mukenyezi akoresha ibimashini vyimba, agatwara n’ibibeni. Na we nyene arashima ukuntu abandi bamufasha kandi bakamushigikira. Avuga ati: “Abagabo bakorera kuri iyi shantiye ntibansuzugura. Bama biteguriye kumfasha ariko ntibaca barondera kunsubirira. Barandeka nkabandanya ibikorwa.”

Baritaho igikorwa cabo

Uretse gutwara ibimashini bininibinini, abagore bakorera i Chelmsford barigishijwe n’ibindi bikorwa nko gupima ubutaka, gukoresha neza ubutaka, gukwamura imashini no gushinga ibikwa. Uwitwa Robert aramaze gukorana n’abagore mu bikorwa bitandukanye. Avuga ko “bitaho ibikorwa, bakabikorana umwete kandi bakitwararika n’utuntu tw’ido n’ido.” Uwitwa Tom akora mu vyo gupima ubutaka yongerako ati: “Abagore turi kumwe mu mugwi bakora ibikorwa vyabo bavyitondeye kandi bakabishirako umutima. Bashaka kubikora nk’uko nyene bitegerezwa.”

Ntibitangaje kuba uwitwa Fergus ahagarikiye imigwi y’ubwubatsi yavuze ati: “Emwe, abagore barafise uruhara rukomeye mu bwubatsi!”

^ ing. 2 Ni ishirahamwe ryigenga ryishinze guteza imbere ubwubatsi mu Bwongereza ryitwa Considerate Constructors Scheme.