Ivyabona vya Yehova turi kw’isi yose

Ubwongereza

  • I Londres mu Bwongereza: Ivyabona vya Yehova bariko baraganira n’abantu bariko barajabuka ikiraro ca Westminster

Ubwongereza: Ibitigiri nyamukuru

  • Abanyagihugu: 66.357.000
  • Abigisha Bibiliya: 142.073
  • Amashengero y’Ivyabona: 1.599
  • Igitigiri c’Ivyabona vya Yehova ugereranije n’abanyagihugu: 1 ku 474

AMAPOROJE Y’UBWUBATSI

“Abagore barafise uruhara rukomeye mu bwubatsi”

Wotangara umenye ibikorwa bakora neza.

AMAPOROJE Y’UBWUBATSI

Barakingira ibinyabuzima i Chelmsford

Mu Bwongereza, Ivyabona vya Yehova baratanguye kwubaka ibiro vyabo vy’ishami bishasha hafi y’igisagara c’i Chelmsford. Ni ibiki bariko barakora kugira bakingire ibinyabuzima?

IGIKORWA KIJANYE N’IBISOHORWA

Kwamamaza inkuru nziza mu ndimi kavukire zo muri Irilande no mu Bwongereza

Ivyabona vya Yehova bariko baragira utwigoro tudasanzwe two kubwira inkuru nziza abantu basoma canke bavuga indimi kavukire bo muri Irilande no mu Bwongereza. None abantu bavyakiriye gute?

GUFASHA ABANTU

Videwo ifasha urwaruka guhangana n’ikibazo co gutotezwa kw’ishure

Uwitwa Hugo w’imyaka cumi, yararonse agashimwe kitiriwe Diana kubera yafashije abandi guhangana n’ikibazo co gutotezwa. Ni igiki cafashije uwo mwana kurwanya ugutotezwa?