Timoteyo wa mbere 4:1-16
4 Ariko ijambo ryahumetswe* rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza hari abazota ukwizera kubera bashira umutima ku majambo y’amahumekano azimiza*+ no ku nyigisho z’amadayimoni.
2 Bazoguta kandi kubera ubwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, bafise ijwi ryo mu mutima rimeze nk’iryaturijwe icuma gishushe cane.
3 Babuza abantu kwabirana+, bakabategeka kwirinda ibifungurwa+ Imana yaremye ngo abafise ukwizera+ kandi bazi neza ukuri babifungure+ bashima.
4 Mu bisanzwe ikintu cose Imana yaremye ni ciza+, kandi nta na kimwe co gutabwa+ iyo cakiranywe umutima ushima,
5 kuko cezwa biciye kw’ijambo ry’Imana be n’isengesho.
6 Niwaha izi mpanuro abavukanyi, uzoba uri umusuku mwiza wa Kristu Yezu yagaburiwe amajambo y’ukwizera be n’inyigisho nziza wakurikiraniye hafi+.
7 Mugabo wamirire kure za nkuru z’ikinyoma zitukisha Imana+, nka zimwe zivugwa n’abatamakazi. Ariko wimenyereze ufise intumbero yo kwihebera Imana.
8 Kuko kunonora* umubiri bigira akamaro muri bike, mugabo kwihebera Imana bikagira akamaro muri vyose kubera birimwo umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza+.
9 Iryo jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose.
10 Ni co gituma turiko turakora cane kandi tukihata+, kubera ko twashingiye icizigiro cacu ku Mana nzima, yo Mukiza+ w’abantu b’uburyo bwose+, canecane w’abizigirwa.
11 Guma utanga ayo mategeko wongera uyigisha.
12 Ntihagire n’umwe agaya ubuto bwawe. Ahubwo nubere abizigirwa akarorero mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura*.
13 Mu kurindira ko nza, ugume wijukira gusomera imbere y’abantu+, guhimiriza* no kwigisha.
14 Ntufate minenegwe ingabirano ufise, imwe wahawe biciye ku buhanuzi igihe inama y’abakurambere yakurambikako ibiganza+.
15 Zirikana* ivyo bintu, ubicokeremwo, kugira iterambere ryawe ryibonekeze neza ku bantu bose.
16 Wame wiyubara wewe ubwawe, wiyubare no ku vyo wigisha+. Ushishikare ivyo bintu kuko niwabikora uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «ariko impwemu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ku mpwemu zizimiza.»
^ Canke «kumenyereza.»
^ Canke «mu kuba uwutyoroye.»
^ Canke «kuremesha.»
^ Canke «iyumvire witonze.»