Timoteyo wa mbere 4:1-16

  • Kwirinda inyigisho z’amadayimoni (1-5)

  • Ingene woba umusuku mwiza wa Kristu (6-10)

    • Kwihebera Imana biraruta kunonora umubiri (8)

  • Niwiyubare ku vyo wigisha (11-16)

4  Ariko ijambo ryahumetswe* rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza hari abazota ukwizera kubera bashira umutima ku majambo y’amahumekano azimiza*+ no ku nyigisho z’amadayimoni.  Bazoguta kandi kubera ubwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, bafise ijwi ryo mu mutima rimeze nk’iryaturijwe icuma gishushe cane.  Babuza abantu kwabirana+, bakabategeka kwirinda ibifungurwa+ Imana yaremye ngo abafise ukwizera+ kandi bazi neza ukuri babifungure+ bashima.  Mu bisanzwe ikintu cose Imana yaremye ni ciza+, kandi nta na kimwe co gutabwa+ iyo cakiranywe umutima ushima,  kuko cezwa biciye kw’ijambo ry’Imana be n’isengesho.  Niwaha izi mpanuro abavukanyi, uzoba uri umusuku mwiza wa Kristu Yezu yagaburiwe amajambo y’ukwizera be n’inyigisho nziza wakurikiraniye hafi+.  Mugabo wamirire kure za nkuru z’ikinyoma zitukisha Imana+, nka zimwe zivugwa n’abatamakazi. Ariko wimenyereze ufise intumbero yo kwihebera Imana.  Kuko kunonora* umubiri bigira akamaro muri bike, mugabo kwihebera Imana bikagira akamaro muri vyose kubera birimwo umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza+.  Iryo jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose. 10  Ni co gituma turiko turakora cane kandi tukihata+, kubera ko twashingiye icizigiro cacu ku Mana nzima, yo Mukiza+ w’abantu b’uburyo bwose+, canecane w’abizigirwa. 11  Guma utanga ayo mategeko wongera uyigisha. 12  Ntihagire n’umwe agaya ubuto bwawe. Ahubwo nubere abizigirwa akarorero mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura*. 13  Mu kurindira ko nza, ugume wijukira gusomera imbere y’abantu+, guhimiriza* no kwigisha. 14  Ntufate minenegwe ingabirano ufise, imwe wahawe biciye ku buhanuzi igihe inama y’abakurambere yakurambikako ibiganza+. 15  Zirikana* ivyo bintu, ubicokeremwo, kugira iterambere ryawe ryibonekeze neza ku bantu bose. 16  Wame wiyubara wewe ubwawe, wiyubare no ku vyo wigisha+. Ushishikare ivyo bintu kuko niwabikora uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «ariko impwemu.»
Mu kigiriki havuga ngo «ku mpwemu zizimiza.»
Canke «kumenyereza.»
Canke «mu kuba uwutyoroye.»
Canke «kuremesha.»
Canke «iyumvire witonze.»