Ivyahishuriwe Yohani 20:1-15

  • Shetani amara imyaka 1.000 aboshwe (1-3)

  • Abazoganza hamwe na Kristu imyaka 1.000 (4-6)

  • Shetani arekurwa, hanyuma akarandurwa (7-10)

  • Abapfuye bacirwa imanza imbere y’intebe y’ubwami yera (11-15)

20  Hanyuma mbona umumarayika amanuka ava mw’ijuru afise mu minwe urupfunguruzo rw’inyenga+ n’umunyororo munini.  Aca afata ca gisato+, ya nzoka yo mu ntango+, ari yo Mubesheranyi*+ na Shetani+, arakiboha kugira kimare imyaka 1.000 kiboshwe.  Agikororera mu nyenga+, arayugara maze ashira ikimenyetso hejuru yaco, kugira nticongere kuzimiza amahanga gushika iyo myaka 1.000 iheze. Inyuma y’aho kibwirizwa kurekurwa igihe gitoyi+.  Nca mbona intebe z’ubwami, maze abazicayeko bahabwa ububasha bwo guca imanza. Egome, mbona amaraso* y’abishwe* bahorwa gushingira intahe Yezu no kuvuga ivyerekeye Imana, n’ayabatasenze ca gikoko canke ishusho yaco kandi batemeye gushirwako ca kimenyetso mu ruhanga rwabo canke ku maboko yabo+. Nuko baba bazima, baraheza baganza hamwe na Kristu+ imyaka 1.000.  (Abandi bapfuye+ ntibaba bazima iyo myaka 1.000 itarahera.) Iryo ni ryo zuka rya mbere+.  Abari muri iryo zuka rya mbere barahiriwe kandi ni beranda+. Urupfu rwa kabiri+ nta bubasha rubafiseko+, ahubwo bazoba abaherezi+ b’Imana na Kristu, kandi bazoganza bari kumwe na we iyo myaka 1.000+.  Iyo myaka 1.000 ikimara guhera, Shetani azorekurwa ave mw’ibohero,  kandi azosohoka kugira azimize amahanga ari ku mpande zine z’isi, ari yo Gogi na Magogi, kugira ayakoranirize hamwe ku bw’intambara. Igitigiri c’abazozimizwa na we kingana n’umusenyi wo ku kiyaga.  Maze bakwiragira isi yose, bakikuza ikambi y’aberanda na ca gisagara gikundwa n’Imana. Ariko umuriro uvuye mw’ijuru uca urakoroka urabarigata bose+. 10  Shetani* rero, umwe yahora abazimiza, aca atererwa mu kiyaga caka umuriro n’amazuku*, asangayo ca gikoko+ na wa muhanuzi w’ikinyoma+. Bazobabazwa* ijoro n’umurango gushika ibihe bidahera. 11  Hanyuma mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwari ayicayeko+. Isi n’ijuru bica birahunga biva imbere yiwe+, ikibanza cavyo nticasubira kuboneka. 12  Ndaheza mbona abapfuye, abahambaye n’abantu batobato, bahagaze imbere y’iyo ntebe maze imizingo irazingururwa. Hanyuma uwundi muzingo urazingururwa, ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye baca bacirwa imanza ku vyo bakoze, hisunzwe ivyanditse muri iyo mizingo+. 13  Ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo nyene birekura abapfuye bo muri vyo, maze bacirwa imanza hisunzwe ivyo umwumwe wese yakoze+. 14  Urupfu n’ukuzimu bica bitererwa mu kiyaga caka umuriro+. Ico kiyaga caka umuriro+ kigereranya urupfu rwa kabiri+. 15  Vyongeye, umuntu wese atanditswe muri ico gitabu c’ubuzima+ atererwa muri ico kiyaga caka umuriro+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ubuzima.»
Mu kigiriki havuga ngo «y’abicishijwe ishoka.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Raba akajambo k’epfo mu Ivh 9:17.
Canke «bazobohwa», «bazopfungwa.»