Zaburi 2:1-12

  • Yehova n’uwo yarobanuje amavuta

    • Yehova atwenga amahanga (4)

    • Yehova yimika umwami wiwe (6)

    • Nimutere iteka uwo mwana (12)

2  Kubera iki amahanga ari mu ruhagarara,n’imigwi y’abantu ikaguma ivugira mu ntamatama* ibitagira akamaro+?   Abami b’isi bahagurutse,n’abategetsi bakurubakuru bakoraniye hamwe*+kugira barwanye Yehova n’uwo yarobanuye*+.   Bavuga ngo: «Ducagagure iminyororo yabo,dushiburire kure imigozi yabo!»   Umwe avyagiye ku ntebe y’ubwami mw’ijuru azobatwenga.Emwe, Yehova azobatwengera mw’ijigo.   Ico gihe azobavugisha yashavuye,abatere ubwoba yarunguye n’ishavu,   avuge ati: «Ni jewe niyimikiye umwami wanje+kuri Siyoni+, umusozi wanje mweranda.»   Ngira ntangaze ingingo ya Yehova.Yambwiye ati: «Uri umwana wanje+.Uyu musi ncitse so wawe+.   Nunsabe, nanje nzoguha amahanga abe intoranwa yawe.Nzoguha isi yose ibe rwawe+.   Uzoyamenaguza agakoni k’ubwami k’icuma+,uyasavye nk’igikoresho c’ibumba+ 10  Ubu rero mwa bami, nimwerekane ubwenge*.Nimwemere gukosorwa*, mwa bacamanza bo kw’isi. 11  Nimukorere Yehova kandi mumutinye,munezerwe kandi mujugumire imbere yiwe. 12  Nimutere iteka* uwo mwana+, kugira Imana ntishavuremaze ikabarandura*+,kuko ishavu ryayo rirurumba ningoga. Hahiriwe abo bose bahungira kuri yo.

Utujambo tw'epfo

Canke «ikaguma izirikana.»
Canke «bagiye inama.»
Canke «na Kristu wiwe.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «kuburirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimusome.»
Canke «ikabarandura mu nzira», ni ukuvuga inzira y’ubugororotsi.