Zaburi 2:1-12
2 Kubera iki amahanga ari mu ruhagarara,n’imigwi y’abantu ikaguma ivugira mu ntamatama* ibitagira akamaro+?
2 Abami b’isi bahagurutse,n’abategetsi bakurubakuru bakoraniye hamwe*+kugira barwanye Yehova n’uwo yarobanuye*+.
3 Bavuga ngo: «Ducagagure iminyororo yabo,dushiburire kure imigozi yabo!»
4 Umwe avyagiye ku ntebe y’ubwami mw’ijuru azobatwenga.Emwe, Yehova azobatwengera mw’ijigo.
5 Ico gihe azobavugisha yashavuye,abatere ubwoba yarunguye n’ishavu,
6 avuge ati: «Ni jewe niyimikiye umwami wanje+kuri Siyoni+, umusozi wanje mweranda.»
7 Ngira ntangaze ingingo ya Yehova.Yambwiye ati: «Uri umwana wanje+.Uyu musi ncitse so wawe+.
8 Nunsabe, nanje nzoguha amahanga abe intoranwa yawe.Nzoguha isi yose ibe rwawe+.
9 Uzoyamenaguza agakoni k’ubwami k’icuma+,uyasavye nk’igikoresho c’ibumba+.»
10 Ubu rero mwa bami, nimwerekane ubwenge*.Nimwemere gukosorwa*, mwa bacamanza bo kw’isi.
11 Nimukorere Yehova kandi mumutinye,munezerwe kandi mujugumire imbere yiwe.
12 Nimutere iteka* uwo mwana+, kugira Imana ntishavuremaze ikabarandura*+,kuko ishavu ryayo rirurumba ningoga.
Hahiriwe abo bose bahungira kuri yo.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ikaguma izirikana.»
^ Canke «bagiye inama.»
^ Canke «na Kristu wiwe.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «kuburirwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nimusome.»
^ Canke «ikabarandura mu nzira», ni ukuvuga inzira y’ubugororotsi.