Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | YAN-DER HSUUW

Umuhinga asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga asigura icatumye yemera Imana

YAN-DER HSUUW ni umukuru w’igisata c’ubushakashatsi mu bijanye n’ubuzima bw’umwana akiri mu nda, kuri kaminuza nkuru y’ivy’ubuhinga yo muri Tayiwani. Kera yemera ko ibiriho vyiyadukije, ariko mu nyuma yarahinduye ivyiyumviro. Yarasiguriye ikinyamakuru Be maso! icabitumye.

Twiganire muri make kahise kawe.

Navukiye muri Tayiwani mu 1966. Abavyeyi banje basenga mu batawo no mu babuda. Naho twasenga abakera be n’ibishusho ntitwibaza ko hariho Umuremyi w’ibiriho vyose.

Ni kubera iki wize ibijanye n’ibinyabuzima?

Nkiri umwana, narakunda gutunga ibikoko kandi naripfuza kumenya ingene nofasha ibitungwa n’abantu bamerewe nabi. Naramaze igihe niga kuvura ibitungwa mu nyuma na ho niga ibijanye n’ubuzima bw’umwana akiri mu nda kuko nari nizigiye ko ivyo bizomfasha gutahura inkomoko y’ubuzima.

Wahoze wemera ko ibiriho vyiyadukije. Wotubwira igituma?

Abigisha bo kuri kaminuza ni vyo batwigishije kandi bavuga ko hari ibimenyamenya bivyerekana. Navyemeye rero uko nyene.

Ni igiki catumye utangura gusoma Bibiliya?

Nabitumwe n’imvo zibiri. Ubwa mbere, naribwira nti: ‘Mu mana nyinshi abantu basenga hategerezwa kuba harimwo iyiruta izindi. None ni iyihe?’ Ubwa kabiri, narabona ko Bibiliya ari igitabu cubahwa cane. Naciye rero ntangura kuyiga.

Igihe naja kwiga kuri kaminuza y’abagatorika y’i Louvain mu Bubiligi mu 1992, naragiye kuraba umupatiri umwe ndamusaba ko yomfasha kwiga Bibiliya ariko yaravyanse.

None ni gute wahavuye utahura Bibiliya?

Haciye imyaka ibiri, igihe nari nkiri mu Bubiligi ndiko ndagira ubushakashatsi ku bijanye n’ivyigwa vyanje, narahuye n’umwigeme w’umunyapolonye yitwa Ruth. Yari Icabona ca Yehova. Yari yarize igishinwa kugira ngo ashobore gufasha abanyeshure bo kuri kaminuza bipfuza kwiga ivyerekeye Imana. Narahimbawe no kumubona kuko nari narasenze nsaba kuronka uwunyigisha Bibiliya.

Ruth yaranyeretse ko naho Bibiliya atari igitabu c’ubuhinga, itihenda igihe ivuga ivy’ubuhinga. Nk’akarorero, Dawidi yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo, kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe, ku bijanye n’imisi vyabumbiweko kandi ata na kimwe muri vyo cari bwabeho.” (Zaburi 139:16) Naho Dawidi yakoresheje amajambo ndyoshamvugo, yavuze ukuri! N’imbere yuko ibihimba vy’umubiri vyiremarema, amakuru yose y’ingene bizoba bimeze aba amaze kubaho. Kubona ingene Bibiliya ivuga ukuri vyaranjijuye ko ari Ijambo ry’Imana. Naratanguye kandi gutahura ko hariho Imana imwe yonyene y’ukuri ari yo Yehova. 1

Ni igiki cakujijuye ko ibiriho vyaremwe n’Imana?

Igihe umuhinga ariko aragira ubushakashatsi aba ashaka gutora ukuri, ntaba ariko arondera gushigikira ivyiyumviro asanganywe. Ivyigwa nagize ku bijanye n’ubuzima bw’umwana akiri mu nda vyaratumye mpindura ivyiyumviro ndatahura ko hariho Umuremyi. Tubitangire akarorero: Igihe abahinga bariko baraterateranya ikintu usanga igihimba kimwekimwe gishirwa aho kibereye kandi kigashirwako hageze. N’umwana ari mu nda akura mu buryo nk’ubwo mugabo hoho haba harimwo ubuhinga buhanitse bidasanzwe.

None vyose ntibihera ku kabuto k’umugabo n’ak’umugore tuba twanywanye?

Ego. Ako kabuto gaca gatangura kwigabagura. Uduce tw’ako kabuto turamara igihe kanaka tuza turigwiza kabiri uko haciye amasaha ari hagati ya 12 na 24. Ivyo bigitangura, uduhimba tw’ishimikiro tw’umubiri w’umuntu duca twiremarema. 2 Utwo duhimba ni two duheza tukavamwo ubwoko bushika 200 bw’uduhimba dutandukanye tuzovamwo uruyoya, aho hakaba harimwo uduhimba tw’amaraso, tw’amagufa, tw’udutsi nsozabwenge n’ibindi.

Ivyigwa nagize ku bijanye n’ubuzima bw’umwana akiri mu nda vyaratumye ntahura ko hariho Umuremyi

Uduhimba dutandukanye dutegerezwa guhingurwa hageze kandi tugahingurirwa aho dukenewe. Duca duteraterana amaherezo tukazovamwo ibihimba bitandukanye vy’umubiri. Ni nde muhinga yovuga ko yotegura amakuru yotuma ivyo bishoboka? Ariko igitangaje amakuru yerekeye ingene umwana ari mu nda akura usanga yose ari mu co bita ADN. Nitegereje ingene ico kintu gitangaje nca mbona neza ko Imana ari yo yaremye ibifise ubuzima.

Kubera iki wabaye Icabona ca Yehova?

Muri make ni urukundo. Yezu Kristu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Urwo rukundo ntirucagura. Ntiruraba igihugu umuntu akomokamwo, imico kama canke ibara ry’urukoba. Igihe natangura kwifatanya n’Ivyabona, nariboneye urwo rukundo.

^ 2. Kubera ivyo Yan-Der Hsuuw yemera, ntagira ubushakashatsi akoresheje utugingo tw’ishimikiro tw’umubiri w’umwana akiri mu nda.