Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | FAN YU

Umuhinga mu vya ordinateri asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga mu vya ordinateri asigura icatumye yemera Imana

FAN YU yatanguye kugira ubushakashatsi mu biharuro ku kigo kimwe co mu Bushinwa, hafi y’igisagara ca Beijing. Ico gihe ntiyemera Imana. Yemera ko ubuzima bwiyadukije. Ariko ubu aremera ko bwaremwe n’Imana. Be maso! yaramubajije ibijanye n’ukwemera kwiwe.

Wotwiganira muri make kahise kawe?

Navukiye mu Bushinwa mu 1959 mu gisagara ca Fuzhou mu ntara ya Jiangxi. Mfise imyaka umunani, igihugu cari kikiri mu ngorane za ya mahinduka akomeye yari ayobowe na Mao Tse-tung. Dawe yari umuhinga mu vy’ubwubatsi. Yategetswe kuja kwubaka inzira ya gariyamoshi mu karere k’ubugaragwa kari kure cane y’i muhira. Yamaze igihe kinini aza kuturaba rimwe gusa mu mwaka. Ico gihe, nabana na mawe akaba yari umwigisha kw’ishure rimwe ry’intango kandi ni ho twaba. Mu 1970 twarimukiye i Liufang, ico gihe kakaba kari akagwati gakenye ko mu ntara ya Linchuan. Muri ako kagwati, hari ubukene bw’imfungurwa.

Iwanyu mwemera ibiki?

Dawe ntiyitaho ivy’idini canke ivya politike. Mawe yari umubuda. Kw’ishuri, banyigishije ko ubuzima bwapfuye kwiyadukiza kandi naremera ivyo abigisha bambwira.

Kubera iki wakunze ibiharuro?

Nakunze ibiharuro kubera ko bituma umenya ukuri kw’ikintu ukoresheje ubwenge. Inyuma gatoyi y’urupfu rwa Mao Tse-tung mu 1976, naragiye kuri kaminuza. Nahisemwo kwiga ibiharuro. Maze kuronka urupapuro rw’umutsindo bita master, akazi natanguriyeko kari ako kugira ubushakashatsi bw’ingene twokora amamashini ahingura umuyagankuba.

Igihe watangura gusoma Bibiliya, wayibonye gute?

Mu 1987 naragiye muri Amerika kugira nce doctorat kuri kaminuza y’i Texas. Nari nzi ko abantu benshi muri Amerika bemera Imana kandi ko basoma Bibiliya. Nari narumvise kandi ko Bibiliya irimwo impanuro nyinshi ngirakamaro. Nabonye rero ko nkwiye kuyisoma.

Nasanze inyigisho zo muri Bibiliya zumvikana. Mugabo hari ibice vyangoye gutahura nca ndaheba kuyisoma.

Vyagenze gute ngo usubire kuyikunda?

Kwumva ko hari Umuremyi vyari bishasha kuri jewe. Naciye rero mfata ingingo yo kuvyitohoreza

Mu 1990 hari Icabona ca Yehova yaje iwanje anyereka ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza k’abantu. Yaciye asaba umugabo umwe n’umugore wiwe ngo bazoze kumfasha gutahura Bibiliya. Mu nyuma, umugore wanje Liping na we yaratanguye kwiga Bibiliya. Yahora yigisha fizike mu mashure yisumbuye mu Bushinwa kandi na we ntiyemera Imana. Twaramenye ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima. Kwumva ko hari Umuremyi vyari bishasha kuri jewe. Naciye rero mfata ingingo yo kuvyitohoreza.

Wabigize gute?

Kubera ko ndi umuhinga mu biharuro, narize gukoresha ibiharuro kugira menye ko ikintu gishoboka canke kidashoboka. Nize kandi ko kugira ubuzima bwiyadukize vyosaba ko indemamubiri (protéines) zoba zisanzwe ziriho. Rero naragerageje kuraba ingene indemamubiri yobaho yiyadukije. Mu bisanzwe, indemamubiri zirahanitse cane. Kandi mu duhimba tw’ishimikiro tugize umubiri usanga hari ubwoko ibihumbi bw’indemamubiri zikorana mu rutonde rutomoye. Nahavuye nanje ntahura ko bigoye cane ko indemamubiri yiyadukiza, ku buryo novuga ko bidashoboka. Nta kintu na kimwe ndasoma kivuga ivy’ihindagurika kinsigurira neza ingene indemamubiri zihanitse gutyo zokwirema. Nimba zitokwirema, hari akantu ibihimba zuzuyemwo. Nabona ko ibimenyamenya vyose vyemeza ko hariho Umuremyi.

Ni igiki cakwemeje ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

Narabandanije kwiga n’Ivyabona ndatahura ko Bibiliya irimwo ibintu vyinshi vyamenyesha kazoza mu buryo bw’ido n’ido kandi vyarangutse. Nahavuye kandi mbona ivyiza vyo gukurikiza impanuro Bibiliya itanga. Naribajije nti: ‘Abanditse Bibiliya bashoboye gute kwandika impanuro zifasha no muri iki gihe kandi haciye imyaka ibihumbi babayeho?’ Nahavuye ntahura ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.

Ni igiki n’ubu kikujijura ko hariho Umuremyi?

Ibintu vyinshi biriho biranyemeza cane ko hariho Umuremyi. Ubu nkora mu vyo guhingura programa za ordinateri kandi nama ntangazwa n’ingene ubwonko bwacu buziruta kure n’iyo. Nk’akarorero, ubushobozi ubwonko bwacu bufise bwo kumenya ivyo umuntu avuze buratangaje cane. Nka twese turashobora kumenya ivyo umuntu ariko aravuga naho iryungane yoba ariciriye hagati, atwenze, akoroye, agigimije, yatuye mu buryo kanaka, ijwi ryiwe risamiranye, hari urwamo canke ritumvikanye neza muri telefone. Hari aho wokwibwira ko ivyo ari ibisanzwe. Mugabo abahinga mu vya programa za ordinateri si ko babibona. Mbere na programa yoba ishoboye kumenya ivyo umuntu avuze kuruta izindi, nta ho isa isana n’ubwonko bw’umuntu.

Ubwonko si cokimwe na ordinateri zihanitse. Bwobwo buramenya ingene umuntu amerewe, bukamenya inyaturo yiwe n’uwuriko aravuga bivanye n’ijwi. Abakora programa za ordinateri bariko bararaba ingene ordinateri zokwigana ubushobozi ubwonko bufise bwo kumenya ivyo umuntu avuze. Nta nkeka ko ivyo bituma biga igikorwa c’Imana.