Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyodufasha kurusimba hateye icago

Ivyodufasha kurusimba hateye icago

“Narahatswe kugwa hasi igihe numva ikintu gituritse. Mu biro twakoreramwo harafumbutse umwotsi uciye mu myenge y’inzu, igorofa twakoreramwo ica irafatwa n’umuriro.”​—Joshua.

Nyamugigima, igihuhusi, igitero ca ba gaterabwoba, ubwicanyi bubera ku mashure, ni ibintu bikunda kuvugwa cane mu makuru. Emwe, wopfuma uvyumva hako bigushikira. None wokora iki imbere y’uko icago gishika, gishitse canke inyuma yaco kugira urabe ko worusimba?

IMBERE Y’ICAGO​—ITEGURE

TWESE twoshobora gushikirwa n’ivyago. Kwitegura ni co kintu gihambaye gishobora gutuma turusimba. None twokwitegura gute?

  • Itegure mu bwenge. Nutahure ko ivyago bishobora kwaduka kandi ko wewe n’abawe mushobora kuja mu kaga. Ntushobora kwitegurira icago kimaze gushika. Nta co uba ugikiza.

  • Menya ivyago vyoshobora kwaduka mu karere ubamwo n’aho mwohungira. Suzuma ko inzu yawe yubatswe neza be n’uko aho iri hatobateza ingorane. Ba maso ku vyoteza umuriro, nka twa duti bacana twirukana imibu, itabi, amabuji, ibibiriti na peteroli. Ntiwigere usiga umucanwa uriko uraka ata muntu ahari.

  • Tegekanya ivyo mwokwikorako ivyago vyadutse. Umuyagankuba, amazi, telefone n’uburyo bwo kwiyunguruza birashobora kudakora. Nimba ufise imodoka, raba ko itangi irimwo igitoro n’imiburiburi kigera hagati. Nimwamane mu nzu ibifungurwa, amazi be n’isakoshi yama irimwo ibintu mwokenera cane hadutse icago.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Mwoba mufise ibikenewe?

    Kwitegura ni co kintu gihambaye gishobora gutuma turusimba

  • Raba ko ufise nomero za telefone z’abagenzi ba hafi canke aba kure.

  • Tegura ingene mwohunga mwongere muvyimenyereze. Menya inzira ya hafi mwocamwo mu gusohoka, mutegekanye n’ico abana banyu bokora igihe hadutse ivyago bari kw’ishure. Nimuvugane ibibanza mwohuriramwo: nko kw’ishure, ku kibuga canke ahandi. Hamwe hoba ari hafi, ahandi na ho kure y’aho muba. Inzego zijejwe gutabara ziremesha abagize umuryango kuza baragendera ivyo bibanza.

  • Tegekanya gufasha abandi, nk’abageze mu zabukuru canke abafise ubumuga.

ICAGO GISHITSE​—HUNGA NINGOGA

Umwe Joshua twavuga agira ati: “Igihe wa muriro waduka, benshi ntibagize ubwoba, ahubwo barikweze. Wabona bamwe baja kuzimya ordinateri, abandi kwitorera amazi. Umugabo umwe yavuze ngo ‘reka tubanze turindire.’” Bakiriko barahinahina, Joshua yarasemereye ati: “Ca aha tugende ubu nyene.” Abo bakorana baciye bareka gufufura baramukurikira biruka bava muri ya gorofa. Joshua yaguma ababwira ati: “Hagize uwutemba mumuvyure tubandanye. Biragenda neza.”

  • Hadutse umuriro. Nugerageze gusohoka wikwega hasi unyarukire ku muryango uri hafi. Imyotsi ituma utabona neza kandi benshi mu bapfa igihe hadutse umuriro bicwa n’imyotsi. Nturondere ivyo uhungana. Mu masegonda makeyi gusa urashobora gupfa canke gukira.

  • Hateye nyamugigima. Inyegeze munsi y’ikintu gikomeye cane nk’urumeza canke wegamire uruhome rwo hagati mu nzu. Kubera ko hakunda guca haza utundi tunyamugigima, niwihutire gusohoka uje kure y’amazu. Abajejwe gutabara boshobora kuza batevye, rero nimba ubishoboye gerageza kurokora abandi.

  • Hadutse igisebuzi bita tsunami. Igihe ubonye amazi yo ku nkengera z’ikiyaga agabanutse bukwi na bukwi, ihutire guhungira ahantu hataramutse kuko hahava haza imipfunda myinshi kandi ikomeye.

  • Hateye ikivumbuzi canke igihuhusi. Hungira ahantu hatagira akaga udatebaganye.

  • Hateye umwuzure. Niwirinde kuguma mu nzu zuzuye amazi. Ntiwigere uca mu mazi n’amaguru canke n’imodoka. Amazi y’umwuzurira ashobora kuba arimwo imyanda iva mu mazu, anyegeje n’ibintu biteza amasanganya nk’ibicafu, ibinogo bitazibiye hamwe n’ibitsinga vy’umuyagankuba vyaguye.

  • Wari ubizi? Amazi atemba afise uburebure burenga gato igice c’imetero (0,6 m) arashobora gutembagaza imodoka. Mu bantu bapfa mu gihe c’umwuzure, benshi baba bariko bagerageza gucisha imodoka mu mazi atemba.

  • Ababijejwe bategetse ko muhunga, ntimutebagane. Menyesha abagenzi aho uri, ahandi ho boshobora kuhasiga ubuzima bariko barakurondera.

    Ababijejwe bategetse ko muhunga, ntimutebagane

  • Wari ubizi? Kwandika mesaje birashobora kuba vyiza gusumba guterefona.

  • Ababijejwe basavye ko muguma mu nzu canke ahantu mwahungiye, ntimusohoke. Igihe hadutse ivyuka vy’ubumara biturutse kw’isanganya canke ku gitero kanaka, guma mu nzu, uzimye ivyuma bitanga akayaga, wugare amadirisha n’imiryango. Niwumvirize amakuru kuri televiziyo canke kw’iradiyo. Guma mu nzu gushika ababijejwe bavuze ko iyo ngorane yaheze.

INYUMA Y’ICAGO​—IRINDE IVYOKUGIRIRA NABI

Ehe raba ivyogufasha kwirinda indwara n’ingeramizi:

  • Nube mu bagenzi aho kuba mw’ikambi, nimba bishoboka.

  • Niwiteho isuku ry’aho muba.

  • Niwikingire igihe ukuraho ibicafu. Nimba bishoboka ambara ibirato vy’intoki (ama gants), ibirato bikomeye, mwene za nkofero z’abubatsi hamwe n’akantu ko kwikingira inkungugu vy’iwawe bwite. Uraba maso ku ntsinga z’amatara canke ibishirira.

  • Gerageza kugumana urutonde rwanyu rwa misi yose. Abana bawe barakeneye kubona ko utekanye kandi ko utihebuye. Bigishe ibintu vyo kw’ishure, mukine mwongere musengere hamwe uko mugize umuryango. Ntugumize umutima ku makuru y’icago cabaye kandi ntute umwikomo ku muryango wawe. Niwemere gufashwa wongere ufashe abandi.

    Inyuma y’icago, gerageza kugumana urutonde rwanyu

  • Menya ko ivyago bituma hagira ivyo utakaza. Leta canke abandi bafasha iyo ivyago vyadutse, ntibasubiza umuntu ivyo aba yatakaje ahubwo bamufasha kuba arabayeho. Kugira tubeho turakeneye amazi meza, ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro.​—1 Timoteyo 6:7, 8.

  • Tahura ko vyagusizemwo imvune maze wemere gufashwa. Izo mvune zikunda kwibonekeza igihe umubabaro wo mu ntango waheze. Ushobora kugira amaganya, intuntu, ukuntu wiyumva kukaza kurahindagurika, bikakugora kwiyumvira neza, gukora, canke gusinzira. Nubiyagire abagenzi.

Naho Joshua yarokotse wa muriro waduka ku kazi iwabo, benshi mu bo bazinanyi barahasize ubuzima. Yarafashijwe n’abungere bakirisu hamwe n’abahinga mu vy’amagara yo mu mutwe. Agira ati: “Barampumurije baranyereka ko intuntu nari mfise yari mu bintu vyerekana ko ndiko ndakira kandi ko izohera. Haciye amezi atandatu, indoto ziteye ubwoba zaragabanutse. Ibindi bimenyetso vyaramazeko igihe.”

Ivyago biratubabaza kubera bishikira abantu ata co bazira. Benshi baca bata ishavu ku Mana. Cokimwe na Joshua, benshi bariyagiriza kubera barokotse abandi bagapfa. Avuga ati: “N’ubu nguma nibaza ko nari gushobora kurokora benshi. Ndahumurizwa no kuba Imana igiye kuzana kw’isi yose ubutungane nyabwo no gutunganya amabi yose. Mu kurindira, ndaha agaciro ubuzima ku musi ku musi ngakora igishoboka cose kugira ndabuzigame.”​—Ivyahishuwe 21:4, 5. *

^ ing. 33 Ushaka kumenya ayandi makuru ku vyo Imana yasezeranye muri kazoza n’igituma ireka imibabaro ikabandanya, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Urashobora kukivoma kuri www.dan124.com.