BE MASO! Kigarama 2013 | Woba wokwizigira ibimenyeshamakuru?

Abantu benshi baragira amakenga ku bijanye n’amakuru basoma canke bumva. Raba icogufasha kudapfa kuyemera yose.

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: ababura akazi kubera bohava bahembwa menshi, indwara zijanye n’uguhema, abagenda n’amaguru basamara, n’ibindi.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Woba wokwizigira ibimenyeshamakuru?

Raba ingene womenya ko amakuru usoma canke wumviriza ari ayo kwizigirwa.

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Brezile

Brezile igize hafi ica kabiri c’akarere ka Amerika y’Epfo. Niwirabire kahise k’imico kama itandukanye yo muri Brezile.

TWISUNZE BIBILIYA

Yezu

Yezu yoba ari Imana? Yavutse ryari? Yezu amaze gupfa, yoba yarasubiye kuba muzima?

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wotega yompi uwo mwubakanye

Gutega ugutwi witonze si ubuhinga gusa, ariko kandi ni ikintu kiranga urukundo. Raba ingene worushiriza gutega ugutwi uwo mwubakanye.

Ikinyugunyugu Belle-dame—Akabanga kaco kamenyekana

Abongereza baramaze igihe batamarira ivyo binyugunyugu vy’amabara atandukanye. Abashakashatsi baherutse kwubura akabanga gasigura igituma buri mwaka hagera igihe bigakamangana.

Ironderero ry’ibiganiro vyo muri Be maso! yo mu 2013

Ni ironderero ry’ibiganiro vyose vyasohowe muri Be maso! mu 2013, rikaba ritondeka ibiganiro mu migwi itandukanye hisunzwe ico vyerekeye.

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ubushobozi bwo kubika amakuru bw’agahimba ADN

Agahimba ntekeramakuru ADN bakise “ubushinguro rusakumba bw’amakuru.” Raba icabitumye.

Ibindi usanga kuri internet

Nokora iki mu gihe abandi bamvugavuga?

Woshobora gute kwihanganira urusaku kugira ngo ntirugire ico rukoze kuri wewe no ku kuntu uzwi?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?

Woba uriko uragirwako umukazo wo kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone? Ni ingaruka izihe ziva ku kubigira? Kwoba ari ukumenyerana mu vy’urukundo ata co gutwaye?