Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikinyugunyugu Belle-dame—Akabanga kaco kamenyekana

Ikinyugunyugu Belle-dame—Akabanga kaco kamenyekana

ABANYABURAYA baramaze igihe batamarira ibinyugunyugu vy’amabara atandukanye vyitwa Belles-dames (Vanessa cardui), bakibaza ibishikira ivyo binyugunyugu igihe ici rirangiye. Iyo ikiringo c’ubukanye gitanguye, vyoba bica bihona? Ubushakashatsi buherutse gukorwa kuri ivyo binyugunyugu bwarashize ahabona ibintu bitangaje. Buri mwaka, ivyo binyugunyugu biragira urugendo biva mu buraruko bw’Uburaya bija muri Afrika.

Abagize ubwo bushakashatsi babugize bafatiye ku vyo beretswe n’icuma gihanitse citwa radar no ku vyavuzwe n’abantu ibihumbi bo hirya no hino mu Buraya bitanze bagafasha mu kumenyesha yuko babonye ivyo binyugunyugu. Ubwo bushakashatsi bwerekanye yuko iyo ici rirangiye, ivyo binyugunyugu amamiliyoni bica bifata inzira yo mu bumanuko, akenshi bikaba bigurukira ku metero zirenga 500, gutyo ntivyorohe ko abantu babibona. Birarindira umuyaga uvyunguruza, bigaca bigira urugendo rurerure bija muri Afrika, bikagenda nk’ibilometero 45 kw’isaha. Ku mwaka bigira urugendo rw’ibilometero bishika 15.000, bikava haruguru cane mu buraruko bwa Buraya bigashika epfo mu karere gashushe ko muri Afrika y’Uburengero. Urwo rugendo ni nk’incuro zibiri urugendo rugirwa n’ikindi kinyugunyugu co muri Amerika ya Ruguru citwa le monarque. Kugira ngo ivyo binyugunyugu Belles-dames bigende vyongere bigaruke aho vyavuye, bisaba amayaruka atandatu yavyo kuko bimwe bigenda birapfira ku nzira, ibindi na vyo bikavuka.

Porofeseri Jane Hill wo kuri kaminuza y’i York mu Bwongereza, asigura ati: “Ibinyugunyugu Belles-dames biguma bigenda, birondoka, vyimukanga.” Ukwo ni ko ivyo binyugunyugu bibigenza buri mwaka igihe biva mu buraruko bwa Buraya bija muri Afrika, hanyuma bigasubira iyo vyaje biva.

Uwitwa Richard Fox, akaba ari umuyobozi w’ubushakashatsi mw’ishirahamwe rimwe rikingira ibinyugunyugu (Butterfly Conservation) avuga ati: “Ako karemwa gatoyi kadapima n’igarama rimwe, kakagira ubwonko bungana n’umutwe w’agakwashu, karagira urugendo rutangaje, kakava ku mugabane umwe w’isi kakaja ku wundi, kandi katigeze karonka akaryo ko kwigira ku binyugunyugu bigakurira bimenyereye urwo rugendo.” Fox avuga kandi yuko ivyo binyugunyugu “vyahora vyiyumvirwa ko bipfa iyo bigiye bitwawe n’umuyaga, hanyuma bigahonera mu Bwongereza mu gihe c’ubukanye, bikazokwama ari ukwo mu mayaruka yavyo yose.” Ariko rero, ico cigwa cagizwe “carerekanye ko ivyo binyugunyugu Belles-dames bigira ingendo zihanitse.”