Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Gufata ingingo mu mwumvikano

Gufata ingingo mu mwumvikano

INGORANE

Hari ikintu wewe n’uwo mwubakanye mutabona kumwe. Wokora iki? Uko biri kwose, wokora kimwe muri ibi bintu bitatu:

  1. Urashobora kudadaza gushika ugondoje uwo mwubakanye.

  2. Urashobora gupfa kumushirira aho ashaka.

  3. Urashobora kuja inama n’uwo mwubakanye mukumvikana.

Hari aho woca uvuga uti: ‘Jewe sinkunda ivyo kwumvikana. Numva umengo nta n’umwe muri twebwe aheza ngo aronke ico yipfuza!’

Ariko ico womenya co ni uko kwumvikana bitama bisaba ko umwe wese aheba ivyo yipfuza, mukire gusa kubigira mu buryo bwiza. Ariko imbere y’uko twihweza ingene mwobigenza kugira mwumvikane, hari ibintu bikeyi ukwiye kumenya ku bijanye n’ukwumvikana.

ICO UKWIYE KUMENYA

Kwumvikana bisaba gusenyera ku mugozi umwe. Utarubaka, ushobora kuba warafata ingingo ata we urinze kugisha inama. Ariko ubu vyarahindutse. Umwe wese muri mwebwe ategerezwa gushira imbere umubano wanyu, aho gushira imbere ivyo we ashima. Aho kubona ko iyo ari ingorane, raba nyabuna iciza bivamwo. Umukenyezi umwe yitwa Alexandra avuga ati: “Ivyiyumviro vya babiri bigiye hamwe, birashobora gushika ku kintu ciza kiruta ico umwumwe wese yoshikako ukwiwe.”

Kwumvikana bisaba kuba witeguriye kwakira ivyiyumviro vy’uwundi. Umuhinga umwe mu vy’umubano w’ababiranye yitwa John M. Gottman yanditse ati: “Si ngombwa ngo wemere ivyo uwo mwubakanye avuze vyose canke yipfuza, mugabo utegerezwa kuba witeguriye vy’ukuri kudafata minenegwe iryo agona. Igihe uwo mwubakanye ariko arakuyagira ivyerekeye ingorane kanaka, ariko ukamwereka ko wagaye ivyo ariko aravuga mu kuguma uzinze amaboko no mu kuzunza umutwe (canke ukabigayira mu mutima), ikiyago canyu nta co giheza ngo gishikeko.” *

Kwumvikana bisaba guheberanira. Nta n’umwe yoshima kubana n’umuntu abona ko ivyiyumviro vyiwe vyama biruta ivy’abandi. Igihe abubakanye bompi biteguriye guheberanira, ibintu biroroha. Umukenyezi umwe yitwa June avuga ati: “Hari igihe mpebera umugabo wanje kugira ndamunezereze, ariko na we ahora abingirira. Mu mubano ni ukwo bikwiye kugenda. Ni uguhanahana, si uguhabwa gusa.”

ICO WOKORA

Nimutangure neza ikiyago. Uko ikiyago gitangura, kenshi ni ko kirangira. Mutanguranye amajambo yo gukara, biragoye cane ko mugira ico mushitseko mu mahoro. Nimukurikize rero impanuro Bibiliya itanga igira iti: “Nimwambare . . . impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.” (Abakolosayi 3:12) Ivyo bizotuma mwitunira ku gutorera umuti ingorane aho gushwana.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 4:6.

Raba ivyo muhurizako. Nimba muhora muca mushwana igihe cose murondeye gutorera umuti ikibazo, hari aho mwosanga muraba canecane ivyo mudahurizako. Mukwiye nyabuna kwibanda ku vyo muhurizako. Kugira ngo biborohere kubona ivyo muhurizako, gerageza iki kintu:

Umwe wese natore urupapuro. Mu nkingi ya mbere yandike ivyo abona ko atokwemera, mu ya kabiri yandike ivyo abona ko ashobora kwemera. Nimuce mubiganirako. Hari aho mwosanga ivyo umwe abona ko atokwemera bidatandukanye cane n’ivy’uwundi. Muri ico gihe, vyoca vyoroha ko mugira ico mwumvikanyeko. Ariko naho ivyo umwe abona ko atokwemera vyoba bitandukanye n’ivy’uwundi, kuba mwanditse ibijanye n’iyo ngorane vyose, vyobafasha gutahura neza aho ikibazo gihagaze.

Imitwe ikora ikoranye. Naho ibibazo bimwebimwe usanga bitagoye cane gutunganya, hariho ibindi usanga bitoroshe. Ariko rero, hamwe mwohanahana ivyiyumviro, mwoshobora kubitorera umuti, n’umubano wanyu ugakomera. Hari aho mwosanga uwo muti mutari kuwushikako umwe wese ari ukwiwe.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Umusiguzi 4:9.

Nugire umutima ukunze wo guhindura ivyiyumviro. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” (Abanyefeso 5:33) Ahari urukundo n’ukwubahana, umwe wese mu bubakanye usanga yiteguriye kwakira iciyumviro c’uwundi, mbere akanagikorerako. Umugabo umwe yitwa Cameron avuga ati: “Hari ibintu ushobora kuba utahora ukunda, ariko ugasigara ubikunda ubikundishijwe n’uwo mwubakanye.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Itanguriro 2:18.

^ par. 12 Vyakuwe mu gitabu kivuga ngo The Seven Principles for Making Marriage Work.