Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ntutinye. Jewe nzogufasha”

“Ntutinye. Jewe nzogufasha”

DUFATE ko uriko uraca mu nzira, ijoro rikaba ryitereye. Ugiye wumva umuntu ari inyuma yawe utari uvyiteze. Uhagaze arahagarara, wanyaruka na we akanyaruka. Uciye wirukira ku nzu y’umugenzi wawe aba muri iyo micungararo. Uwo mugenzi amaze kukwugururira ukinjira, uciye wiruhutsa uti: “Ashi!”

Ikintu nk’ico coshobora kuba kitaragushikira. Mugabo hariho ibindi bintu vyoshobora gutuma uhagarika umutima mu buzima. Nk’akarorero, hoba hari ingeso wipfuza gutsinda mugabo ukaguma usubira kuyigwamwo? Woba umaze igihe kinini ushomereye, kandi ukora uko ushoboye kwose kugira uronke akazi? Woba uhagaritse umutima kubera uriko urasaza canke kubera wiyumvira ingorane z’amagara zishobora kuzogushikira? Canke na ho, hoba hariho ikindi kintu kiguhagaritse umutima?

Ingorane woba ufise yaba iyihe, ntiwoshima none kuronka umuntu uyagira ibikuraje ishinga kandi ashobora kugufasha igihe ubikeneye? Woba ufise umugenzi somambike nk’uwo? Cane nyene! Nk’uko bivugwa muri Yesaya 41:8-13, Yehova arakubera umugenzi mwene uwo, nka kumwe nyene yaba umugenzi wa Aburahamu. Ku murongo wa 10 n’uwa 13, Yehova abwira umwe wese mu basavyi biwe ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi. Kuko jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’”

“EMWE, NZOGUFATA NKUGUMYE”

Ayo majambo arahumuriza vy’ukuri! Niwihe ishusho y’ico kintu Yehova adusezeranira. Mu bisanzwe, ng’aho ntihavuga ko ugenda ufatanye ukuboko na Yehova, naho n’ico nyene coba ari ikintu gihimbaye. Iyaba kwari ukugenda ufatanye na we, ukuryo kwiwe kwociye gufata ukubamfu kwawe. Ahubwo Yehova aramvura ‘ukuryo kwiwe kw’ubugororotsi’ agafata ‘ukuboko kwawe kw’ukuryo,’ akamera nk’uwugukwega agukura mu ngorane urimwo. Amaze kugufata ukuboko, aca aguhumuriza ati: “Ntutinye. Jewe nzogufasha.”

None wewe Yehova woba umubona nk’Umuvyeyi be n’Umugenzi ashobora kuguserukako mu marushwa? Arakwitwararika, akitaho ineza yawe, kandi ariteguriye kugufasha. Igihe uri mu ngorane, Yehova yipfuza ko utekana kubera yuko agukunda cane. Vy’ukuri, Yehova ni “imfashanyo yoroshe kuronka mu gihe c’amarushwa.”​—Zab. 46:1.

IGIHE WIYAGIRIZA KUBERA AMAKOSA YO MURI KAHISE

Hariho abantu babura amahoro kubera ivyo baciyemwo muri kahise, bakaguma bibaza nimba Yehova yarabahariye. Nimba ivyawe ari ukwo biri, niwibuke wa mugabo w’umwizigirwa Yobu, uwemanze ‘amakosa y’ubuto bwiwe.’ (Yobu 13:26) Umwanditsi w’amazaburi Dawidi na we nyene vyaramushikiye, aca atakambira Yehova ati: “Ibicumuro vyo mu buto bwanje be n’imigararizo yanje, ewe, ntuvyibuke.” (Zab. 25:7) Kubera ko tudatunganye, twese ‘twaracumuye, tukaba tudashikira ubuninahazwa bw’Imana.’​—Rom. 3:23.

Mu ntango, ibivugwa muri Yesaya ikigabane ca 41 vyabwiwe abasavyi b’Imana ba kera. Baracumuye barimonogoza ku buryo Yehova afata ingingo yo kubareka bagatwarwa mu buja i Babiloni. (Yes. 39:6, 7) Yamara rero, Imana yaciye iba irategekanya igihe yokuriye muri ubwo buja abokwigaye bakayigarukako! (Yes. 41:8, 9; 49:8) No muri iki gihe, Yehova aragirira impuhwe abarondera vy’ukuri ko abagirira ubutoni.​—Zab. 51:1.

Rimbura ivyashikiye Takuya, * uwariko anyinyana no guheba ingeso ihumanye yo kuraba amashusho y’ibiterasoni be no kwimara inambu y’umubiri ari wenyene. Vyarashika kenshi agasanga yasubiye kubigwamwo. None yamererwa gute? Avuga ati: “Nabona umengo nta co maze namba, ariko nituye Yehova nkamusaba imbabazi, naca numva umenga aramvyuye.” Uti ivyo Yehova yabigira gute? Abakurambere bo mw’ishengero Takuya yarimwo baramusavye ko igihe cose vyoshika akagwa muri iyo ngeso, yoca abaterefona. Avuga ati: “Naho kubaterefona bitari vyoroshe, igihe cose nabigira naca numva ngize inkomezi.” Mu nyuma, abo bakurambere baratunganije ko umucungezi w’umuzunguruko agendera Takuya. Uwo mucungezi yamubwiye ati: “Kuba ndakugendeye ntivyapfuye kwizana. Ndakugendeye kubera ko abakurambere babinsavye. Bagucaguye mu bandi kugira ngo ugenderwe cungere.” Takuya yigana ati: “Naho ari jewe nari nacumuye, Yehova ni we yandondeye kugira amfashe abicishije ku bakurambere.” Takuya yarateye imbere araba umutsimvyi asanzwe, ubu na ho akaba akorera ku biro vy’ishami. Nk’uko Imana yabigiriye uwo muvukanyi, na wewe niwagwa izokuvyura.

IGIHE URAJWE ISHINGA NO KURONKA ICOKUBESHAHO

Kubura akazi biratuma abantu benshi biganyira. Hariho abava mu kazi bigaca bibagora kuronka ukundi bibeshaho. Iyumvire ingene wokwumva umerewe nka hamwe abakoresha bose wokwitura boza barakuraba irarirari. Mu gihe nk’ico, woshobora kwumva umengo nta co umaze. None Yehova yogufasha gute? Naho yoshobora kudaca akuronsa akazi wipfuza, arashobora kugufasha kwibuka amajambo Umwami Dawidi yavuze ati: “Narabaye umusore, mbere ndashaje, yamara sinabonye umugororotsi yahebwe buhere, canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate.” (Zab. 37:25) Yehova arabona ko uri n’agaciro, kandi akoresheje ‘ukuryo kwiwe kw’ubugororotsi,’ arashobora kugufasha kuronka ivyo ukeneye kugira ngo ugume umukorera.

Yehova yoshobora gute kugufasha bishitse ugakurwa mu kazi?

Uwitwa Sara wo muri Kolombiya, yariboneye ukuboko kwa Yehova. Yakora mw’ishirahamwe rimwe rikomeye ryamukoresha ata guhema, mugabo rikamuhemba neza. Ariko kubera ko yashaka kwagura umurimo arangurira Yehova, yaciye agaheba atangura gukora ubutsimvyi. Mugabo ntiyashotse aronka akazi yari akeneye komusaba umwanya muke. Yaciye yugurura akabutike ko kudandarizamwo utuntu dusosa (crème glacée), mugabo agenda arahomba, bica biba ngombwa ko yugara. Sara avuga ati: “Ubwo buzima nabumazemwo imyaka itatu, ariko Yehova yaramfashije kwihangana.” Sara yarize kwitwararika gusa ibikenewe, no kutiganyira ku vy’ejo. (Mat. 6:33, 34) Mu nyuma, uwahoze ari umukoresha wiwe yaramutumyeko ngo asubire kuri ka kazi nyene yahoze akora. Sara yamubwiye ko yokwemera gusa akazi katomusaba gutonda imisi yose kugira ngo aronke umwanya wo kwitwararika ibikorwa vy’impwemu. Naho ubu Sara ataronka amahera menshi nk’ayo yahoze ahembwa, arabandanya ubutsimvyi. Yihweje ivyamubayeko vyose, avuga ati: “Nariboneye ingene Yehova yamfashije abigiranye urukundo.”

IGIHE UHAGARITSWE UMUTIMA N’UBUSAZA

Iyindi ngorane ikomeye ni ubusaza. Iyo abantu benshi bashitse mu myaka yo gukukuruka, baribaza nimba bazoronka amahera azoshobora kubabeshaho mu gihe basigaje kubaho. Vyongeye, barahagarika umutima kubera ingorane z’amagara zishobora kubashikira mu gihe c’ubusaza. Birashoboka rwose ko Dawidi ari we yatakambiye Yehova ati: “Ntunte mu gihe c’ubusaza; igihe nyene inkomezi zanje ziriko zirayama, ntumpebe.”​—Zab. 71:9, 18.

None ni igiki cofasha abasavyi ba Yehova gutekana mu gihe c’ubusaza? Bakwiye kubandanya bizera Imana, bakizigira ko ishobora kubaronsa ivyo bakeneye. Mu vy’ukuri, nimba barigeze kubaho neza, hari aho vyoba ngombwa ko borosha ubuzima, bakiga kubeshwaho na bike. Hari aho bosanga biryoshe cane gufungura “icibo c’imboga” aho gufungura “ishūri yagabuririwe mu bwato ikadoha,” kumbure mbere bigatuma bagira amagara meza! (Imig. 15:17) Niwitwararika guhimbara Yehova, azokuronsa ivyo ukeneye no mu gihe c’ubusaza.

José na Rose bari kumwe na Tony na Wendy

Fata akarorero ka José n’umukenyezi wiwe Rose, abamaze imyaka irenga 65 mu murimo w’igihe cose. Baramaze imyaka n’iyindi bitwararika se wa Rose, akaba yakenera uwumwitwararika ijoro n’umurango. Ngo amagorwa ntasiga ayandi: José yahavuye arwara kanseri, baramubaga bongera bamuvura mu buryo bubabaza cane bwitwa chimiothérapie. None Yehova yoba yararamvuye ukuryo kwiwe agafata uwo mugabo n’umugore b’abizigirwa? Cane nyene! Uti gute? Yabicishije kuri Tony n’umukenyezi wiwe Wendy bo mw’ishengero, ababahaye inzu biberamwo ku buntu. Mu myaka y’imbere y’aho, igihe Tony yiga mw’ishure ryisumbuye, yaritegereza acishije mw’idirisha ukuntu José na Rose bama basohoka mu ndimiro. Yarakorwa ku mutima cane n’umwete yababonana. Tony na Wendy baravye ukuntu abo bahumure bahebeye Yehova ubuzima bwabo bwose, baciye babaha indaro iwabo. Ubu baramaze imyaka 15 bafasha José na Rose, bakaba bageze mu myaka nka 85. Abo bahumure babona ko Tony na Wendy ari umuhezagiro uva kuri Yehova.

Na wewe Imana iraguha ‘ukuryo kwayo kw’ubugororotsi.’ Woba none uzoramvura ukuboko kwawe, ukaguha Uwo agusezeranira ati: “Ntutinye. Jewe nzogufasha”?

^ ing. 11 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.