Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Idini yoba yazanywe n’abantu?

ABANTU BAMWE BAVUGA ko idini yazanywe n’abantu, abandi bakavuga ko Imana ikoresha idini kugira ifashe abantu kuyiyegereza. Wewe ubivugako iki?

ICO BIBILIYA IVUGA

Hariho “idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese.” (Yakobo 1:27, Bibiliya Yera) Idini y’ukuri kandi ityoroye iva ku Mana.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Idini ishimwa n’Imana itegerezwa kuba yisunga ukuri kwo muri Bibiliya.​—Yohani 4:23, 24.

  • Amadini yisunga ivyiyumviro vy’abantu nta co amaze.​—Mariko 7:7, 8.

Vyoba bikenewe ko umuntu aja mw’idini kanaka?

WOKWISHURA GUTE?

  • Ego

  • Oya

  • Bivana

ICO BIBILIYA IVUGA

“Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.” (Abaheburayo 10:24, 25) Imana ishaka ko abayisenga bakoranira hamwe bagize umugwi utunganijwe neza.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Abakoranira hamwe mu gusenga Imana bakwiye kuba bemera bimwe.​—1 Abakorinto 1:10, 11.

  • Abari mw’idini ishimwa n’Imana bagize umuryango ukwiye kw’isi yose.​—1 Petero 2:17.