Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Indwara zo mu mutwe zihanze isi yose

Indwara zo mu mutwe zihanze isi yose

“Hari ukuntu nama mpagaritse umutima, mbere n’igihe mba nicaye mu cumba jenyene.”

“Iyo numva merewe neza cane, nca mpagarika umutima. Ndamaze kubona ko iyo ‘nezerewe cane,’ mu nyuma nca ngira ‘umubabaro mwinshi.’”

“Ndagerageza kwiyumvira ingorane z’umusi umwe, mugabo hari igihe nsanga natwawe n’amaganya yo ku misi ikurikira.

Muri ivyo bintu vyavuzwe n’abantu bafise ingorane z’amagara yo mu mutwe, hoba hari icagushikiye? Canke na ho hoba hari umuntu uriko uritwararika afise ingorane nk’iyo?

Numenye neza ko utari wenyene. Abantu benshi muri iki gihe usanga bafise ingorane zo mu mutwe, canke hari abo mu miryango yabo bazifise.

Mu vy’ukuri, tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira” biriko birahungabanya abantu mu buryo butandukanye. (2 Timoteyo 3:1) Icigwa kimwe cagizwe, cerekanye ko kw’isi yose umuntu umwe ku bantu umunani afise ingorane zo mu mutwe. Mu 2020, ikiza ca Korona caratumye abantu bafise ingorane yo kwiganyira biyongerako ibice nka 26 kw’ijana, abarwaye akabonge na bo biyongerako ibice nka 28 kw’ijana.

Ariko rero kumenya igitigiri c’abafise ingorane zo mu mutwe si co gihambaye. Igihambaye kuruta, ni ukumenya ico wewe n’abo mu muryango wawe mwokora kugira ngo mumererwe neza uko bishoboka kwose.

Amagara meza yo mu mutwe ni iki?

Umuntu agira amagara meza yo mu mutwe igihe aba yumva ko amerewe neza mu mubiri kandi ko ashobora gukora ibintu neza. Usanga adahungabanywa n’imyitwarariko isanzwe, akora ibikorwa neza, kandi akumva ko aryoherewe ubuzima.

Indwara yo mu mutwe . . .

  • NTITERWA n’intege nke z’umuntu.

  • NI ingorane ituma umuntu agira umwitwarariko urenze, ikongera igatuma atiyumvira neza, atitangira mu vyo akora no mu kuntu yifata.

  • Akenshi iratuma umuntu atabana neza n’abandi kandi adashobora gukora ibikorwa vya misi yose.

  • Irashobora gufata abantu bose, itaravye imyaka yabo, imico yabo, ubwoko bwabo, imiryango yabo, idini barimwo, amashure bize canke ubutunzi bafise.

Icofasha abafise ingorane zo mu mutwe

Nimba wibonyeko ibimenyetso bigaragaza ko wahindutse mu nyifato, ntusinzire neza canke ugasinzira birenze, ugafungura vyinshi canke bikeyi kuruta uko wahora, ugatangura kuza urahagarika umutima cane canke kugira umubabaro, canke ivyo bimenyetso ukabibona ku wawe, woshobora guca urondera umuganga kugira agufashe kumenya ikibitera yongere abavure. None woronderera hehe icogufasha?

Wa muntu w’inkerebutsi kuruta ababayeho bose, ari we Yezu Kristu, yavuze ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.” (Matayo 9:12) Abafise izo ngorane z’amagara, iyo bafashijwe n’umuganga kandi akabavura neza barashobora kworoherwa cane, ku buryo babaho bakora udukorwa kandi bahimbawe. Biraba vyiza abo bantu badatevye kwivuza nimba bagaragaza ibimenyetso bikomeye canke bibandanya. a

Naho Bibiliya atari igitabu c’ivy’ubuvuzi, ibiri muri yo birashobora kudufasha kugira amagara meza yo mu mutwe. Turaguteye intege ngo urabe ibiganiro bikurikira bivuga ukuntu Bibiliya ishobora kudufasha kuvyifatamwo neza igihe dufise ingorane zo mu mutwe.

a Umunara w’Inderetsi nturemesha abantu kwivuza mu buryo kanaka. Umuntu wese akwiye kuzirikana yitonze ingene yokwivuza.