Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1 | Gusenga​—“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo”

1 | Gusenga​—“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo”

BIBILIYA IVUGA ITI: “Muterere amaganya yanyu yose ku [Mana], kuko ibababara.”​—1 PETERO 5:7.

Ico bisobanura

Yehova Imana adusaba kumubwira ikintu cose kiduhagaritse umutima. (Zaburi 55:22) Nta ngorane n’imwe tutoshira mw’isengesho, yaba nini canke ntoya. Ikituraje ishinga, na Yehova kiba kimuraje ishinga. Tumusenze tuba duteye intambwe ihambaye ituma turonka amahoro yo mu mutima.​—Abafilipi 4:6, 7.

Ingene bishobora kudufasha

Igihe dufise ingorane zo mu mutwe, twoshobora kwumva ko turi twenyene. Abandi ntibama batahura neza ivyo tuba turiko turacamwo. (Imigani 14:10) Ariko iyo twituye Imana tukayibwira ingene twiyumva, yama itwumviriza yitonze kandi ikadutahura. Yehova aratubona, arazi ingorane ziriko ziradushikira, akaba rero yipfuza ko tumusenga tukamubwira ikintu cose kituraje ishinga.​—2 Ngoma 6:29, 30.

Kwitura Yehova mw’isengesho biratuma turushiriza kwizigira ko atwitwararika. Turashobora kwiyumva nk’umwanditsi umwe w’amazaburi, uwasenze ati: “Wabonye amarushwa yanje; wamenye amagorwa y’umutima wanje.” (Zaburi 31:7) Kumenya gusa ko Yehova abona ivyo turiko turacamwo birashobora kudufasha kwihanganira ibihe bigoye turimwo. Ariko rero ntagarukira ku kubibona gusa. Aratahura kuruta uwo ari we wese ivyo turiko turacamwo akongera akadufasha kuronkera uruhoza n’indemesho muri Bibiliya.