Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAMARAYIKA​—BARABAHO? IGITUMA UKWIYE KUBIMENYA

Hoba hariho abamarayika babi?

Hoba hariho abamarayika babi?

Egome, hariho abamarayika babi. None bakomotse he? Niwibuke ko Imana yaremanye abamarayika ubushobozi bwo kwihitiramwo. Inyuma gatoyi y’aho umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva baremewe, hari umumarayika atunganye yakoresheje nabi ubwo burenganzira bwo kwihitiramwo, maze atanguza ubugarariji kw’isi. Yaratumye Adamu na Eva bagarariza Imana. (Itanguriro 3:1-7; Ivyahishuwe 12:9) Bibiliya ntitubwira izina ry’uwo mumarayika, canke ikibanza yari afise mw’ijuru imbere yo kugarariza. Ariko amaze kugarariza, Bibiliya ica imwita Shetani kandi birabereye, bikaba bisobanura “Umurwanizi.” Bibiliya imwita kandi wa Mubisha, bikaba bisobanura “Umubesheranyi.”​—Matayo 4:8-11.

Ikibabaje, ukwo kugarariza Imana ntikwagarukiye aho. Mu gihe ca Nowa, hari igitigiri kitazwi c’abamarayika “[bataye] ahantu habo ho kuba hababereye” mu muryango w’Imana wo mw’ijuru. Baciye baza kw’isi biyambika imibiri y’inyama kugira bakore ubuhumbu, gutyo baba baciye kubiri n’ico bari bararemewe.​—Yuda 6; Itanguriro 6:1-4; 1 Petero 3:19, 20.

None ivy’abo bamarayika babi vyahavuye bigenda gute? Igihe Imana yazana kw’isi yose umwuzure wo kuyityorora, baciye biyambura ya mibiri y’inyama, maze basubira mu karere k’impwemu. Ariko Imana ntiyemereye abo bamarayika b’ibihemu gusubira mu “kibanza cabo ca mbere.” Yaciye nyabuna ibugaranira mu mero y’ugucishwa bugufi irangwa n’“umwiza w’umuzitanya” wo mu vy’impwemu, iyitwa Tarutaro. (Yuda 6; 2 Petero 2:4) Ayo madayimoni yarishize mu minwe ya Shetani wa Mubisha ari we “mutware w’amadayimoni,” akaba “ubwiwe aguma yihindura umumarayika w’umuco.”​—Matayo 12:24; 2 Abakorinto 11:14.

Bibiliya yigisha ko Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya, ni ukuvuga intwaro yo mw’ijuru, bwashinzwe mu 1914. * Kuva ico kintu c’intibagirwa kibaye, Shetani n’amadayimoni yiwe baciye birukanwa mw’ijuru bashiburirwa kw’isi kandi ntibagishobora kuharenga. Ubugizi bwa nabi be n’ubuhumbu bugisibije hano kw’isi rero, vyerekana ko bariko bosha abantu n’ishavu ryinshi kugira baronke abo bisasira.​—Ivyahishuwe 12:9-12.

Ariko rero, kuba ingeso mbi n’ububisha biguma bigwira, vyerekana ko iterabwoba ryabo rigiye kurangira. Abo bamarayika b’umukazo vuba bagiye kubohwa. Ubwami bw’Imana nibwamara kuganza isi y’iparadizo mu myaka 1.000, abo bamarayika babi bazoronka akabero ka nyuma ko kugerageza abantu. Mu nyuma bazoca barandurwa ubutakigaruka.​—Matayo 25:41; Ivyahishuwe 20:1-3, 7-10.

^ ing. 6 Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, raba ikigabane ca  8 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.dan124.com.