Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: IMANA YOBA ARI RUBURAKIGONGWE?

Kubera iki abantu bavuga ko Imana ari ruburakigongwe?

Kubera iki abantu bavuga ko Imana ari ruburakigongwe?

IKIBAZO kiri ku gipfukisho c’iki kinyamakuru ukibona gute? Bamwe kibagwa nabi, mugabo abandi benshi baribaza nimba Imana ari ruburakigongwe canke bagapfa kwemeza ko ari ko biri. None biva ku ki?

Bamwebamwe mu bacika kw’icumu igihe hateye ivyago vy’ivyaduka baribaza bati: “Ni kubera iki Imana ireka ivyo bintu bikaba? Yoba itabinezwe? Canke yoba ari ruburakigongwe?”

Abandi baribaza ibibazo igihe basoma Bibiliya. Basomye inkuru yo muri Bibiliya, nk’imwe ivuga ivya wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, baribaza bati: ‘Ni kubera iki Imana y’urukundo yishe abo bantu bose? Yoba ari ruburakigongwe?’

Vyoba bishika ukibaza ivyo bibazo? Canke woba ubona ko ubwawe utoshobora kwishura abibaza ko Imana yoba ari ruburakigongwe? Nimba ari ukwo, raba ikindi kibazo cogufasha kuvyishura.

KUBERA IKI TWANKA AGATIMA KO KUBA RUBURAKIGONGWE?

Muri make, twanka agatima ko kuba ruburakigongwe kubera ko dufise ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi. Ku bijanye n’ico kintu, turatandukanye cane n’ibikoko. Imana yaturemye “mw’ishusho yayo.” (Itanguriro 1:27) Ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko yaturemanye ubushobozi bwo kwigana kamere zayo n’ubwo kubona iciza n’ikibi nk’uko ibibona. Iyumvire iki kintu: Nimba Imana ari yo yaduhaye ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi, tukaba kandi twanka agatima ko kuba ruburakigongwe, wumva none na yo nyene itanka ako gatima?

Bibiliya irashigikira ico ciyumviro, kuko muri yo Imana itubwira iti: “Inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje bikaba hejuru cane y’ivyiyumviro vyanyu.” (Yesaya 55:9) Nka hamwe twovuga yuko Imana ari ruburakigongwe, wumva none tutoba tuvuze igihushane c’ivyo, nk’aho twoba twerekanye yuko inzira zacu ari zo ziri hejuru y’inzira zayo? Vyoba vyiza umuntu abanje kurimbura ibindi bintu imbere y’uko ashika kuri ico ciyumviro. Kumbure aho kwibaza nimba Imana ari ruburakigongwe, twari dukwiye kwibaza igituma ibintu bimwebimwe ikora bisa n’ivyerekana ko ari ruburakigongwe. Kugira tuvyumve neza, reka turimbure ico kuba “ruburakigongwe” bisobanura vy’ukuri.

Iyo tuvuze ko umuntu ari ruburakigongwe, tuba dushimitse ku gatima afise. Ruburakigongwe ni umuntu aryoherwa no kubona abandi bamerewe nabi canke ntanegwe imibabaro yabo. Nk’akarorero, sebibondo ahana umwana wiwe kubera ko aryoherwa no kumutuntuza aba ari ruburakigongwe. Mugabo sebibondo ahana umwana wiwe kugira ngo amwigishe canke amukingire aba ari umuvyeyi mwiza. Nimba bimaze gushika hakagira uwukwiyumvira uko utari, uratahura neza yuko vyoroshe cane ko twihenda ku bijanye no kumenya agatima umuntu akorana ibintu.

Reka turabe ibintu bibiri bituma abantu biyumvira yuko Imana ari ruburakigongwe, na vyo bikaba ari ibi: ivyago vy’ivyaduka tubona muri iki gihe, hamwe n’inkuru ziri muri Bibiliya zivuga ingene Imana yahanye abantu. None ivyo bintu vyoba vy’ukuri vyerekana ko Imana ari ruburakigongwe?