Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wizigira Imana?

Woba wizigira Imana?

IYUMVIRE yuko ufise umugenzi wemera cane, ariko agakora ikintu udatahura. Abandi baranegura ico kintu yakoze bakavuga ko yagikoze abitumwe n’umutima mubi, ko uwo mugenzi wawe ari ruburakigongwe. Woba wokwihutira kwemera ivyo bavuze canke worindira ukumva ivyo uwo mugenzi wawe na we akubwira? Hamwe atoba ari ng’aho kugira ngo yisigure, woba wokwihangana ntiwihutire kumucira urubanza?

Imbere yo kugira ico uvuze, hari aho wokenera kumenya n’ibindi. Woshobora kwibaza uti: ‘Mu vy’ukuri uwo mugenzi wanje ndamuzi ku rugero rungana iki, kandi ni ibiki bituma ndamwemera?’ Ubigenjeje gutyo, woba wisunze ubutungane. Wumva none tudakwiye kubigenza gutyo nyene ku bijanye no kumenya nimba Imana ari ruburakigongwe?

Hari aho utoshoka utahura ibintu bimwebimwe Imana yakoze canke yaretse bigashika. Hari abantu benshi bazokubwira yuko Imana ari ruburakigongwe bongere bagerageze gutuma nawe uyibona nk’uko bayibona. Woba utazokwihutira kuyicira urubanza gushika umenye n’ibindi? Bizovana n’urugero ugezako kumenya Imana. Niwibaze uti: ‘Imana yambereye umugenzi bwoko ki?’

Nimba hari ibintu bigoye vyagushikiye mu buzima, hari aho wovuga yuko Imana itakubereye umugenzi namba. Ariko rero, fata akanya uzirikane. Ingorane waciyemwo mu buzima, Imana yoba ari yo yaziguteye, canke yoyo yaraguhezagiye? Nk’uko twabibonye, “umutware w’iyi si” ni Shetani si Yehova. (Yohani 12:31) Shetani rero ni we ahanini atuma muri iyi si haba amagorwa n’akarenganyo. Vyongeye, ntiwemera none yuko ingorane nyinshi zidushikira ziva ku kuba turi abantu badatunganye hamwe no ku bintu bidushikira giturumbuka?

Ingorane waciyemwo mu buzima, Imana yoba ari yo yaziguteye, canke yoyo yaraguhezagiye?

None Imana yoyo yakoze iki? Bibiliya ivuga yuko Imana ari “Umuhinguzi w’ijuru n’isi,” yuko mu vyo yahinguye harimwo n’umubiri wacu “[waremwe] mu buryo bw’agatangaza,” be n’uko Yehova ari “ya Mana ifise impemu zawe mu kuboko kwayo.” (Zaburi 124:8; 139:14; Daniyeli 5:23) None ivyo vyose bisobanura iki?

Bisobanura yuko duhumeka kandi tukabaho bivuye ku Muremyi wacu. (Ivyakozwe 17:28) Bisigura yuko ubuzima, ibintu vyiza tubona bidukikije, ukuryohererwa urukundo be n’ubugenzi, ubushobozi bwo kwumva akanovera k’imfungurwa, gukorakora ibintu, kwumva amajwi no kumoterwa, vyose ari ingabirano twahawe n’Imana. (Yakobo 1:17) Uravye ivyo vyiza yaduhaye, ubona none bidatuma aba Umugenzi dukwiye kwubaha no kwizigira?

Ariko ntiwumve, hari aho vyokugora kwizigira Imana. Kumbure ubona yuko utarayimenya neza ku buryo woyizigira. Kandi ivyo birumvikana. Muri ibi biganiro bigufi, ntidushobora gutanga imvo zose zituma bamwebamwe babona ko Imana ari ruburakigongwe. Ariko none, ubona bitabereye ko umuntu agira akigoro ko kurushiriza kumenya Imana? * Turizigiye tudakeka yuko niwagira ako kigoro uzomenya ukuri ku vyerekeye Imana. None Imana yoba ari ruburakigongwe? Habe na buhoro. Ahubwo, “Imana [ni] urukundo.”​—1 Yohani 4:8.

^ ing. 8 Nk’akarorero, wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’igituma Imana ireka hakaba ububisha, nurabe ikigabane ca 11 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.