Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | HENOKI

“Yari yahimbaye Imana rwose”

“Yari yahimbaye Imana rwose”

HENOKI yari amaze igihe kinini abayeho. Naho bitoroshe kwemera, uwo mugabo yari afise imyaka nka 365, ikaba iruta incuro zine imyaka umuntu aramba cane muri kino gihe amara! Ariko mu vy’ukuri Henoki ntiyari ashaje, dufatiye ku bo mu gihe ciwe. Abantu b’ico gihe bararamba cane kuruta abo muri iki gihe, ubu hakaba haciye imyaka irenga 5.000. Igihe Henoki yavuka, umuntu wa mbere Adamu yari amaze imyaka irenga 600, kandi Adamu yarabandanije kubaho iyindi myaka 300! Hari abo mu ruvyaro rwa Adamu baramvye no kuruta aho. Uca wumva ko ku myaka 365, Henoki ashobora kuba yari akiritera akarisama, cokimwe n’umuntu yari agisigaje imyaka myinshi yo kubaho. Yamara rero, Henoki ntiyabandanije kubaho.

Henoki ashobora kuba yari ageramiwe cane. Numere nk’uwumubona ariko arahunga, aguma abona mu bwenge ingene abantu bari banse ubutumwa buva ku Mana yari aherutse kubabwira. Bari barunguye. Baramwanka urunuka. Barasuzugura ubutumwa yababwira, kandi ntiberekwa Imana yari yamutumye. Naho batashobora gushikira Imana ya Henoki ari yo Yehova, barashobora gushikira uwo mugabo! Henoki ashobora kuba yaribaza nimba yokwigeze asubira kubona umuryango wiwe. Yoba yarazirikanye umukenyezi wiwe n’abakobwa biwe, canke umuhungu wiwe Metusela kibure umwuzukuru wiwe Lameki? (Itanguriro 5:21-23, 25) Ivyiwe vyoba vyagira birangire?

Henoki ni umuntu adasanzwe mu nkuru zo muri Bibiliya. Avugwa ahantu hatatu gusa, kandi mu mirongo nk’ingahe yonyene. (Itanguriro 5:21-24; Abaheburayo 11:5; Yuda 14, 15) Ariko rero, iyo mirongo iratanga ibimenyamenya bihagije, vyerekana ko yari umugabo w’ukwizera gukomeye. Woba utunze umuryango? Vyoba birashika ukagira ingorane yo kuburanira ivyo uzi ko bigororotse? Nimba ari uko biri, woshobora kwigira vyinshi ku kwizera kwa Henoki.

‘HENOKI YABANDANIJE KUGENDANA N’IMANA Y’UKURI’

Igihe Henoki yavuka, abantu bigenza nabi cane, akaba yari mu runganwe rugira indwi Adamu. Ego ni ko, bari bacegereye ugutungana kw’umubiri Adamu na Eva bigeze kuba bafise, mu nyuma bakagutakaza. Ni co gituma bari bakiramba cane. Ariko rero, bari barononekaye rwose mu nyifato no mu bijanye n’ugusenga. Ububisha bwari bwariraye. Ivyo vyari vyatanguye ku runganwe rugira kabiri, igihe Kayini yagarika mwene wabo Abeli. Biboneka ko umwe mu ruvyaro rwa Kayini yishimiye kuba yari umubisha katwa gusumba mbere na Kayini! Mu runganwe rugira gatatu haradutse ubundi bubisha. Abantu baratanguye kwambaza izina rya Yehova, mugabo atari mu bijanye n’ugusenga kubereye. Biboneka ko bariko bakoresha izina ryeranda ry’Imana mu buryo butabereye, bakaricafuza.Itanguriro 4:8, 23-26.

Mu gihe ca Henoki, birashoboka ko ukwo gusenga kwononekaye kwari gukwiye hose. Uko rero Henoki yakura, yategerezwa guhitamwo. Yoba yari gukora ivyo abandi bakora ico gihe? Canke na ho, yoba yari kurondera Imana y’ukuri Yehova, uwaremye ijuru n’isi? Henoki ategerezwa kuba yaripfuza cane kumenya ivyerekeye Abeli, uwari yarishwe azira ko yasenga Imana mu buryo buyihimbara. Henoki yahisemwo kwigana Abeli. Mw’Itanguriro 5:22 hagira hati: “[Henoki] abandanya kugendana n’Imana y’ukuri.” Ayo majambo adasanzwe arerekana neza ko Henoki yubaha Imana naho yaba mw’isi itibanga Imana. Ni we muntu wa mbere Bibiliya idondora gutyo.

Uwo murongo nyene uvuga ko Henoki yabandanije kugendana na Yehova, inyuma yo kuvyara umuhungu wiwe Metusela. Henoki rero yatanguye kuvyara igihe yari afise imyaka nka 65. Yari afise umugore naho atavugwa izina, akagira n’“abahungu n’abakobwa” batazwi igitigiri. Nimba uri serugo, ukaba wipfuza kugendana n’Imana ubifatanije no kuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye, utegerezwa kuwitwararika mu buryo Imana ishima. Henoki yaratahura ko Yehova yashaka yuko yobana n’umugore wiwe akaramata. (Itanguriro 2:24) Vyongeye, nta gukeka ko yihatiye cane kwigisha abana biwe ivyerekeye Yehova Imana. None vyavuyemwo iki?

Bibiliya nta vyinshi ibivugako. Nta na kimwe ivuga ku bijanye n’ukwizera kwa Metusela mwene Henoki, uwaramvye kuruta abandi bose bavugwa muri Bibiliya, akaba yagiye gupfa mu mwaka Umwuzure watera. Mugabo rero Metusela yaravyaye umuhungu yitwa Lameki. Lameki yarabayeho imyaka irenga ijana sekuru wiwe Henoki akiriho, yongera aragaragaza ukwizera gukomeye. Yehova yarahumekeye Lameki kugira ngo avuge ivyerekeye umuhungu wiwe Nowa, kandi ivyo yavuze vyararangutse inyuma y’Umwuzure. Nowa aravugwa ko yagendanye n’Imana cokimwe na sekuruza Henoki. Nowa ntiyigeze abona Henoki. Ariko Henoki yarasize iragi ridasanzwe. Nowa ashobora kuba yamenye ivy’iryo ragi biciye kuri se Lameki canke kuri sekuru Metusela, canke mbere kuri Yeredi se wa Henoki, uwapfuye igihe Nowa yari afise imyaka 366.Itanguriro 5:25-29; 6:9; 9:1.

Raba ukuntu Henoki yari atandukanye na Adamu. Naho Adamu yari atunganye, yaracumuye kuri Yehova, maze uruvyaro rwiwe aruraga amagorwa n’ubugarariji. Henoki wewe naho yari umuntu adatunganye, yaragendanye n’Imana maze uruvyaro rwiwe aruraga ukwizera. Adamu yapfuye Henoki afise imyaka 308. None uruvyaro rwa Adamu rwoba rwaraririye cane uwo sogokuruza wacu yarangwa n’ubwikunzi? Nta vyo tuzi. Ico tuzi coco, Henoki “yaguma agendana n’Imana y’ukuri.”Itanguriro 5:24.

Nimba ufise umuryango uronderera, hariho ivyo wokwigira ku kwizera kwa Henoki. Naho bihambaye ko uronsa umuryango wawe ivyo ukeneye ku mubiri, nta coza kiruta kuwuronsa ivyo ukeneye mu vy’Imana. (1 Timoteyo 5:8) Ivyo ntubigira mu majambo gusa, ariko ukwiye kubigira mu bikorwa. Niwahitamwo kugendana n’Imana nka Henoki, ukemera kuyoborwa n’Ijambo ryayo, na wewe uzosigira umuryango wawe akarorero keza wokwigana, iryo rikaba ari iragi rikomeye.

HENOKI “YARAVUZE UBUHANUZI KU BIBEREKEYE”

Mw’isi nk’iyo itagira ukwizera, Henoki ashobora kuba yumva umengo ni nyamwigendako. Ariko none, Imana yiwe Yehova yoba yaramubona? Cane nyene. Umusi umwe, Yehova yaravuganye n’uwo musavyi wiwe w’umwizigirwa. Imana yaramuhaye ubutumwa yoshikirije abo mu gihe ciwe. Henoki rero, ni we muntu wa mbere avugwa muri Bibiliya, Imana yateye agateka ko kuvuga ubuhanuzi. Ivyo tubimenyeshwa n’uko inyuma y’ibinjana bitari bike, Yuda mwene nyina wa Yezu, yahumekewe kwandika amajambo y’ubuhanuzi bwa Henoki. *

None ubwo buhanuzi bwa Henoki bwari ubuhe? Bwagira buti: “Ehe! Yehova yazananye n’aberanda biwe ibihumbi mirongo, gushitsa urubanza kuri bose, no gukubita intahe mu gahanga abatibanga Imana bose ku bikorwa vyabo vyose vy’ukutibanga Imana bakoze mu kutibanga Imana, no ku bintu vyose vy’akamaramaza abacumuzi batibanga Imana bayivuzeko.” (Yuda 14, 15) Urabona ko Henoki yakoresheje umwanya wa kahise, nk’aho Imana yari yamaze gushitsa ibivugwa muri ubwo buhanuzi. N’abahanuzi batari bake b’inyuma yiwe, ni ko babigenjeje. Muri make, uwo muhanuzi yariko avuga ibintu vyobaye ata gisivya, aca abidondora nk’aho vyari vyamaze kuba!Yesaya 46:10.

Henoki abigiranye umutima rugabo, yarabwiye ubutumwa bw’Imana ababisha bo mu gihe ciwe

None vyoba vyaroroheye Henoki kubwira ayo majambo aboshoboye kumutega ugutwi bose? Raba ukuntu iyo mburi yari ikaze: yarakoresheje incuro zine zose imvugo ngo ‘kutibanga Imana,’ kugira ngo atere ivyatsi abantu, ivyo bakora be n’uburyo babikora. Ubwo buhanuzi rero bwareretse abantu bose ko ikibano batunganije kuva birukanywe muri Edeni, cari carononekaye bimwe vy’akamaramaza. Ico kibano cokwiboneyeko, Yehova azananye “n’aberanda biwe ibihumbi mirongo,” ari yo migwi y’abamarayika b’inkomezi, kugira ngo bagitikize. Henoki yaratanze iyo mburi y’Imana ata bwoba, kandi ari wenyene! Lameki akiri muto, ashobora kuba yaritegereza umutima rugabo sekuru yari afise, akumirwa. Nimba vyarashitse, nta gitangaza kirimwo.

Ukwizera Henoki yagaragaje kurashobora gutuma twibaza nimba isi tubayemwo tuyibona nk’uko Imana iyibona. Urubanza Henoki yatangaje adatinya n’ubu ntirurahera. Rurerekeye isi ya kino gihe, nk’uko nyene rwari rwerekeye isi yo mu gihe ca Henoki. Nk’uko Henoki yari yabivuze, Yehova yarateje Umwuzure isi yo mu gihe ca Nowa. Ariko rero ako gatikizo kari imburi y’agatikizo gakomeye kuruta kimirije gushika. (Matayo 24:38, 39; 2 Petero 2:4-6) Nk’uko vyagenze ico gihe, Imana n’abamarayika bayo ibihumbi mirongo baracabangiriye gushitsa urubanza rugororotse rwaciriwe iyi si itibanga Imana. Twese turakwiye gushira ku mutima imburi Henoki yatanze, tukongera tukayibwira abandi. Incuti n’abagenzi boshobora kuturwanya. Vyonashika tukumva umengo turi ba nyamwigendako. Mugabo rero, kurya nyene Yehova atigeze aheba Henoki, ni ko atazoheba abasavyi biwe b’abizigirwa muri iki gihe!

“YARIMUWE KUGIRA NGO NTABONE URUPFU”

None amaherezo ya Henoki yabaye ayahe? Mu bisanzwe, ibijanye n’urupfu rwiwe ni amayobera kandi biratangaje kuruta mbere n’ubuzima bwiwe. Inkuru yo mw’Itanguriro yigana gusa iti: “Henoki yaguma agendana n’Imana y’ukuri. Maze ntiyaba akiboneka, kuko Imana yamutwaye.” (Itanguriro 5:24) None ni mu buryo ki Imana yamutwaye? Intumwa Paulo yasiguye ati: “Kubera ukwizera, Henoki yarimuwe kugira ngo ntabone urupfu, kandi nta hantu na hamwe yaboneka kubera ko Imana yari yamwimuye; kuko imbere y’ukwimurwa kwiwe yashingiwe intahe yuko yari yahimbaye Imana rwose.” (Abaheburayo 11:5) None Paulo yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo “yarimuwe kugira ngo ntabone urupfu”? Abahinduzi ba Bibiliya bamwebamwe bavuga yuko Imana yatwaye Henoki mw’ijuru. Ariko ivyo si vyo, kubera ko Bibiliya yerekana yuko Yezu Kristu ari we muntu wa mbere yazuwe akaduga mw’ijuru.Yohani 3:13.

None ni mu buryo ki Henoki ‘yimuwe’ kugira ngo “ntabone urupfu”? Yehova ashobora kuba yimuye Henoki mu kumukura mu buzima akamushira mw’itiro ry’urupfu, kugira ngo amurinde gupfa abanje gusinzikarizwa ubuzima. Mugabo imbere yaho, Henoki yari “yashingiwe intahe yuko yari yahimbaye Imana rwose.” Uti gute? Gatoyi imbere y’uko Henoki apfa, ashobora kuba yarabonekewe n’Imana, kumbure ikamwereka isi y’iparadizo. Henoki amaze kubona ico kimenyetso gikomeye c’uko yemerwa na Yehova, yaciye yisinzirira mu rupfu. Igihe Paulo yandika ibijanye na Henoki be n’abandi bagabo n’abagore b’abizigirwa, yavuze ati: “Abo bose bapfiriye mu kwizera.” (Abaheburayo 11:13) Mu nyuma, abansi ba Henoki bashobora kuba bararondeye ikiziga ciwe. Ariko rero ‘nticari kikiboneka,’ kumbure kubera ko Yehova yari yakizimanganije, kugira ngo ntibagihumanye canke ngo bagikoreshe mu bijanye n’ugusenga kw’ikinyoma. *

Tugifise rero mu bwenge ivyo vyiyumviro bishingiye ku Vyanditswe, reka twihe ishusho y’ingene Henoki ashobora kuba yararangije ubuzima bwiwe. Dufate ko ibintu vyoba vyagenze gutya: Henoki ariko ariruka, ari hafi yo gusanzara. Abamuhama bamwomye inyuma, barunguye kubera ubutumwa bw’urubanza amaze igihe abashikiriza. Henoki araronse aho yinyegeza maze araruhuka gato. Ariko rero, arazi neza ko bitebe bitebuke bazomucakira. Urwiwe ruregereje cane. Magingo akiruhutse, arasenga Imana yiwe. Ahejeje, aciye yumva amahoro menshi. Aciye abonekerwa, maze arajanwa cane n’ivyo ariko arerekwa, akabona umengo yabishitsemwo.

Igihe Yehova yatwara Henoki, ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe

Dufate ko muri ukwo kwerekwa, abona isi itandukanye cane n’iyo yahoramwo. Iyo si, abona ko ari nziza cane nka rya tongo ryo muri Edeni, mugabo akaba ata bakerubi bahari babuza abantu kwinjirayo. Abonayo abagabo n’abagore benshi bafise amagara meza be n’ingoga zo mu buto. Bibereye mu mahoro ntangere. Nta rwanko ruharangwa canke agatotezo gashingiye kw’idini, nk’ivyariko biramushikira. Henoki aciye yiyumvamwo ko Yehova amuhumurije, ko amukunda be n’uko amushima. Arabona neza ko aho hantu ari ho hamubereye, ko ari ho akwiye kwibera. Noneho aciye arushiriza kugira amahoro ntangere, ku buryo aca atwarwa n’itiro agasinzira, emwe, itiro ry’ubutikoma!

N’ubu aracari muri iryo tiro ry’urupfu, akaba ahishijwe bimwe vyitondewe mu bwenge bwa Yehova Imana butagira agahaze. Nk’uko Yezu yabisezeranye, hazogera igihe abantu bose Imana yibuka bumve ijwi rya Kristu, bace bava mu mva. Bazokwikangura basanga bari mw’isi nshasha y’agahore, irangwamwo amahoro.Yohani 5:28, 29.

Woba nawe wipfuza kuzoba ari ho uri? Iyumvire umunezero uzogira niwabona Henoki! Iyumvire ibintu bitangaje ashobora kuzotwiganira! Ivyo bintu twiyumviriye ku bijanye n’iherezo ryiwe, azotubwira nimba ari ko vyagenze koko. Ariko rero no muri iki gihe, hariho ikintu gikomeye dukwiye kumwigirako. Paulo amaze kuvuga ingene Henoki yizeye Imana, yaciye yongerako ati: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose.” (Abaheburayo 11:6) None iyo si imvo ikomeye yotuma umwe wese muri twebwe yigana ukwizera kwa Henoki kwaranzwe n’umutima rugabo?

^ ing. 14 Hari abahinga mu vya Bibiliya bavuga ko Yuda yanditse ayo majambo ayakuye mu gitabu kitemewe, citirirwa Henoki. Ariko rero, ico gitabu bitirira Henoki ni igitabu c’amanyanga, ata wuzi n’iyo cazananye. Naho kirimwo ubuhanuzi Henoki yavuze, ubwo buhanuzi bushobora kuba bwakuwe mw’isôko rya kera ubu ritakiriho, irishobora kuba ari icandikano canke inkuru zahanahanwa ku munwa. Yuda ashobora kuba yikoze kuri iryo sôko nyene, canke akaba yamenye ivya Henoki abibwiwe na Yezu, kuko igihe Yezu yari mw’ijuru yiboneye ingene Henoki yabayeho.

^ ing. 20 Biboneka ko Imana yitwararitse ko ikiziga ca Musa n’ica Yezu, na vyo nyene bitagirirwa ibintu nk’ivyo.Gusubira mu vyagezwe 34:5, 6; Luka 24:3-6; Yuda 9.