Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ko isi yuzuye imibabaro, Imana yoba ari yo iyiteza?

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?

Wokwishura gute?

  • Ego

  • Oya

  • Kumbure

Ico Bibiliya ivuga

“Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!” (Yobu 34:10) Imana ntiyigera iteza ububisha n’imibabaro tubona mw’isi.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Shetani wa Murwanizi akaba n’“umutware w’isi,” ni we ahanini ateza abantu imibabaro.Yohani 14:30.

  • Imibabaro n’ububisha, akenshi birava no ku mahitamwo mabi abantu bagira.Yakobo 1:14, 15.

Imibabaro yoba izoteba igahera?

Bamwebamwe bavuga yuko abantu bashobora gukuraho imibabaro bashize hamwe inguvu, abandi na bo bakabona ko ata cizigiro c’uko isi izoba nziza cane. Uvyibazako iki?

Ico Bibiliya ivuga

Imana izokuraho imibabaro. “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”Ivyahishuwe 21:3, 4.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Imana izokoresha Yezu mu gukuraho imibabaro Shetani yateje.1 Yohani 3:8.

  • Abantu beza bazokwibera mu mahoro kw’isi, ibihe bidahera.Zaburi 37:9-11, 29.