Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 14

Twosenga Imana gute mu buryo buyihimbara?

Twosenga Imana gute mu buryo buyihimbara?

Nk’uko twabibonye mu cigwa giheze, si amadini yose ahimbara Imana. Naho biri ukwo, turashobora gusenga Umuremyi wacu mu buryo bumuhimbara. None ni “insengo” iyihe canke idini irihe rimuhimbara? (Yakobo 1:27) Raba ivyo Bibiliya yigisha.

1. Ugusenga kwacu gukwiye kuba gushingiye ku ki?

Ugusenga kwacu gukwiye kuba gushingiye kuri Bibiliya. Yezu yabwiye Imana ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Amadini amwamwe arirengangiza ukuri dusanga mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya, akarisubiriza n’inyigisho hamwe n’imigenzo vy’abantu. Yehova ntahimbarwa n’abantu “[bi]giza ku ruhande ibwirizwa ry’Imana.” (Soma Mariko 7:9.) Ariko rero turanezereza umutima wa Yehova igihe twumiye ku vyo Bibiliya yigisha kandi tugakurikiza impanuro itanga.

2. Dukwiye gusenga Yehova gute?

Dukwiye gusenga Yehova wenyene kubera ari we yaturemye. (Ivyahishuwe 4:11) Ivyo bisobanura ko ari we wenyene dutegerezwa gukunda no gusenga, tudakoresheje ikigirwamana na kimwe canke ibishusho.—Soma Yesaya 42:8.

Ugusenga kwacu gukwiye kuba ari ‘kweranda kandi kwemerwa’ na Yehova. (Abaroma 12:1) Ivyo bisobanura ko dukwiye kubaho twisunga amategeko yiwe. Nk’akarorero, abakunda Yehova barubahiriza ingingo ngenderwako zijanye n’umubano. Vyongeye, baririnda ingeso zigirira nabi umuntu, nko kunywa itabi, gukoresha ibintu vyizizira umuntu mu buryo butabereye canke kuborerwa. a

3. Kubera iki dukwiye gusenga Yehova turi kumwe n’abandi bipfuza kumuhimbara?

Amakoraniro tugira buri ndwi araduha akaryo ko ‘guhaya Yehova mw’ikoraniro.’ (Zaburi 111:1, 2) Uburyo bumwe bwo guhaya Yehova ni kumuririmbira. (Soma Zaburi 104:33.) Yehova adusaba kwitaba ayo makoraniro kubera adukunda kandi akaba azi yuko kuyitaba bizotuma twiberaho ibihe bidahera. Ayo makoraniro araduha akaryo ko kuremeshanya.

TWINJIRE MU MIZI

Reka dusuzume igituma Yehova atemera ko tumusenga dukoresheje ibishushanyo. Turaza kandi kubona uburyo nyamukuru dushemeza Imana.

4. Ntidukwiye gukoresha ibishushanyo mu gusenga

Ni igiki kitwemeza ko gukoresha ibishushanyo mu gusenga bidahimbara Imana? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki vyashitse igihe bamwe mu basavyi b’Imana bo mu bihe vya kera basenga bakoresheje ikigirwamana?

Abantu bamwebamwe baragerageza kwiyegereza Imana bakoresheje ibishushanyo igihe basenga. Ariko ivyo vyoba koko bituma bayiyegereza? Nimusome Kuvayo 20:4-6 na Zaburi 106:35, 36, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibintu ibihe umaze kubona abantu bakoresha mu gusenga?

  • Yehova abona gute ibijanye no gukoresha ibishushanyo mu gusenga?

  • Wewe nawe ubibona gute?

5. Gusenga Yehova wenyene biratuma tuvavanura n’inyigisho z’ikinyoma

Nurabe ukuntu gusenga Yehova mu buryo yemera bituma tuvavanura n’inyigisho z’ikinyoma. Nimurabe iyo VIDEWO.

Nimusome Zaburi 91:14, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Igihe twerekana ko dukunda Yehova mu kumusenga wenyene, adusezeranira iki?

6. Turakoranira hamwe kugira dusenge Imana

Turashemeza Yehova tukongera tukaremeshanya igihe turirimba kandi tugatanga inyishu ku makoraniro. Nimusome Zaburi 22:22, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Woba uhora uryoherwa n’inyishu abandi batanga ku makoraniro?

  • Ubona gute nawe witeguye kugira uzotange inyishu?

7. Yehova arahimbarwa igihe tubwiye abandi ivyo twiga

Hari uburyo bwinshi twokoresha mu kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Nimusome Zaburi 9:1 na 34:1, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki wize muri Bibiliya woshima kubwira abandi?

HARI ABAVUGA BATI: “Uko dusenga kwose Imana iratwumva.”

  • Uvyibazako iki?

INCAMAKE

Turahimbara Umuremyi wacu igihe tumusenga wenyene, tukamushemeza ku makoraniro tukongera tukabwira abandi ivyo twiga.

Wize iki?

  • Ugusenga kwacu gukwiye kuba gushingiye ku ki? Kubera iki?

  • Kubera iki twosenga Yehova wenyene?

  • Kubera iki twosenga Imana turi kumwe n’abandi bipfuza kuyihimbara?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Mu nkuru ivuga ngo “Singishumbira ibigirwamana,” nurabe igituma umukenyezi umwe yahevye gusenga ibigirwamana.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Mukakaro 2011)

Nurabe ukuntu umugabo umwe yungukiye ku makoraniro naho kuyitaba bitamworohera.

Yehova yaranyitwararitse (3:07)

Abantu benshi bibaza ko umusaraba ari ikimenyetso c’ubukirisu. Ariko none twoba dukwiye kuwukoresha mu gusenga?

“Kubera iki mudakoresha umusaraba mu gusenga?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

a Ivyo vyiyumviro tuzobigarukako mu vyigwa biri imbere.