Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 16

Ni ibiki Yezu yakoze igihe yari ng’aha kw’isi?

Ni ibiki Yezu yakoze igihe yari ng’aha kw’isi?

Abantu benshi bumvise Yezu baca babona mu bwenge uruyoya ata co rwishoboje, umuhanuzi aciye ubwenge canke umugabo ari ku mpfiro. None ubwo kurimbura ivyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi, ntivyodufasha kumenya vyinshi ku bimwerekeye? Muri iki cigwa, tuzobona bimwebimwe mu bintu bihambaye Yezu yakoze be n’ingene vyokugirira akamaro.

1. Ni igikorwa nyamukuru ikihe Yezu yakora?

Igikorwa nyamukuru Yezu yakora cari ico “kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Soma Luka 4:43.) Yarabwira abantu inkuru nziza y’uko Imana izoshinga Ubwami, ni ukuvuga intwaro izokuraho ingorane zose abantu bafise. a Yezu yaramaze imyaka itatu n’igice yamamaza n’umwete ubwo butumwa bwiza.—Matayo 9:35.

2. Ibitangaro Yezu yakoze vyari bifise intumbero iyihe?

Bibiliya iravuga “ibikorwa vy’ububasha n’ibitangaza n’ibimenyetso” Imana yakoze biciye kuri Yezu. (Ivyakozwe 2:22) Imana yarahaye Yezu ububasha bwo gutururuza umuyaga, kugaburira abantu ibihumbi, gukiza abarwaye mbere no kuzura abapfuye. (Matayo 8:23-27; 14:15-21; Mariko 6:56; Luka 7:11-17) Ibitangaro Yezu yakoze vyarerekanye neza ko yari yarungitswe n’Imana. Vyarerekanye kandi ko Yehova afise ububasha bwo gutorera umuti ingorane zose.

3. Kuba Yezu yabayeho agamburukira Imana bitwigisha iki?

Yezu yaragamburukiye Yehova mu bintu vyose. (Soma Yohani 8:29.) Naho abantu bamurwanya, Yezu yagumye akora ivyo Se yashaka, aragamburuka no gushika ku rupfu. Yarerekanye ko abantu bashobora gukorera Imana, mbere naho boba bari mu bihe bitoroshe. Yezu rero ‘yaradusigiye akarorero kugira ngo dukurikire neza intambuko ziwe.’1 Petero 2:21.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ingene Yezu yabwira abantu inkuru nziza, agakora n’ibitangaro.

4. Yezu yarabwiye abantu inkuru nziza

Kugira Yezu abwire inkuru nziza abantu benshi bashoboka, yaragira ingendo ndende n’amaguru, aca mu mabarabara yuzuye ivumbi. Nimusome Luka 8:1, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abantu basanga Yezu aho ari, boba ari bo bonyene yabwira inkuru nziza?

  • Kugira Yezu aronke abantu abwira inkuru nziza, ni utwigoro utuhe yagira?

Imana yari yaravuze ko Mesiya yobwiye abantu inkuru nziza. Nimusome Yesaya 61:1, 2, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Yezu yashikije gute ubwo buhanuzi?

  • Wibaza ko muri iki gihe abantu bakeneye kwumva iyo nkuru nziza?

5. Yezu yarigishije abantu ivyigwa bihambaye

Uretse ko Yezu yamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, yarigisha kandi ivyigwa ngirakamaro. Raba uburorero bukeyi muri ya nsiguro izwi cane Yezu yashikiriza ari ku musozi. Nimusome Matayo 6:14, 34 na 7:12, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri yo mirongo, ni impanuro ngirakamaro izihe Yezu yatanze?

  • Wibaza ko izo mpanuro zigifise akamaro muri iki gihe?

6. Yezu yarakoze ibitangaro

Yehova yarahaye Yezu ububasha bwo gukora ibitangaro vyinshi. Kugira ubone akarorero kamwe, nimusome Mariko 5:25-34, canke murabe iyo VIDEWO. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni igiki uwo mugore yari azi adakeka?

  • Ni igiki kigutangaza muri ico gitangaro?

Nimusome Yohani 5:36, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ibitangaro Yezu yakora ‘vyamushingira intahe’ iyihe?

Wari ubizi?

Vyinshi mu bintu tuzi ku vyerekeye Yezu tubisoma mu bitabu bine vya Bibiliya vyitwa Injili, ari vyo Matayo, Mariko, Luka na Yohani. Umwe wese mu banditsi b’izo Njili yarashiramwo amakuru y’ido n’ido yerekeye Yezu ata handi hantu tuyasanga. Ayo makuru yose agiye hamwe aratuma umuntu atahura neza ibijanye n’ubuzima bwa Yezu.

  • MATAYO

    Ni we yatanguye kwandika Injili. Ishimika ku vyo Yezu yigishije, canecane ibijanye n’Ubwami bw’Imana.

  • MARIKO

    Ni we yanditse Injili ngufi kuruta izindi zose. Irigana ibintu vyinshi bishimishije.

  • LUKA

    Arashimika ku kuntu Yezu yakunda gusenga hamwe n’ukuntu yitwararika abakenyezi.

  • YOHANI

    Arigana ibintu vyinshi Yezu yaganira n’abagenzi biwe somambike hamwe n’abandi bantu. Ivyo biratwereka ukuntu Yezu yari ameze.

HARI ABAVUGA BATI: “Yezu ni Imana Mushoboravyose.”

  • Wewe ubivugako iki?

INCAMAKE

Yezu yaramamaje ivyerekeye Ubwami bw’Imana, arakora ibitangaro, yongera aragamburukira Yehova mu bintu vyose vyamushikiye.

Wize iki?

  • Igikorwa nyamukuru Yezu yakoze igihe yari ng’aha kw’isi ni ikihe?

  • Ibitangaro Yezu yakoze vyerekanye iki?

  • Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe Yezu yigishije?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba igituma twokwemera ko vy’ukuri Yezu yakoze ibitangaro.

“Ibitangaro vya Yezu dushobora kuvyigirako iki?” (Umunara w’Inderetsi, 15 Mukakaro 2004)

Raba ukuntu umugabo umwe yahindutse aho amenyeye ingene Yezu yitwararika abandi.

“Niyumvira ivyanje gusa” (Umunara w’Inderetsi, 1 Gitugutu 2014)

a Kuva ku cigwa ca 31-33 tuzobona vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana.