Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Abaragi ntibibagiwe

Abaragi ntibibagiwe

1 MUKAKARO 2022

 Yehova Imana yipfuza ko abantu bose biga ibimwerekeye n’ivyerekeye Ubwami bwiwe bwo mw’ijuru, ataravye uko ivyabo vyifashe. (1 Timoteyo 2:3, 4) Ni co gituma Ivyabona vya Yehova basohora Amabibiliya hamwe n’ibitabu bifasha kwiga Bibiliya abantu benshi bashoboka harimwo n’abaragi. Rero, ishirahamwe ryacu ryarasohoye ibitabu n’ibiganiro ibihumbi mu buryo bw’amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso, a ayaboneka mu ndimi z’ibimenyetso zirenga 100. None, ni gute dusohora tukongera tugakwiragiza ayo mavidewo? Vyongeye, ni ibintu ibihe twagiye turaryohora?

Amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso atunganywa gute?

 Ibitabu n’ibiganiro vyo mu rurimi rw’ibimenyetso bitunganywa n’imigwi y’abahinduzi bari hirya no hino kw’isi. Abagize iyo migwi yose barasuzuma bitonze ibiganiro n’ibitabu bashaka guhindura. Baca barondera uburyo bwiza bwo guserura iciyumviro mu rurimi rw’ibimenyetso. Ivyo vyose babihejeje, baca bafata amasanamu. Ubu, hari imigwi 60 yama ihindura ibikoresho bidufasha kwiga Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso, iyindi migwi 40 na yo ibihindura rimwerimwe.

 Kera, gusohora amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso vyatwara amahera menshi. Ama kamera hamwe n’ibindi bikoresho twakoresha vyari bizimvye kuruta ubu. Vyongeye, amavidewo yafatirwa amasanamu mu ma stidiyo twiyubakira, rimwerimwe na ho tugasanura inyubakwa zari zihasanzwe. Vyose hamwe, vyarashobora gutwara amadolari arenga 30.000 b (amarundi nk’imiliyoni 62) kugira umugwi uhindura ururimi rw’ibimenyetso uronke ibikenewe vyose.

 Kugira intererano zikoreshwe neza, ishirahamwe ryacu ryararondeye uburyo bwo kuryohora no kworosha igikorwa c’ubuhinduzi. Ku bw’ivyo, turakoresha ibikoresho bigezweho ariko bizimbutse. Aho gukoresha stidiyo, imigwi y’abahinduzi irashobora gusiga irangi ry’urwatsi rutoto mu biro bakoreramwo canke bakahashira igitambara c’iryo bara, maze bakahafatira amavidewo. Igihe hakenewe abazi ururimi rw’ibimenyetso biyongereye, abavukanyi na bashiki bacu barashobora gufatira muhira canke mu biro amasamu y’igice c’igitabu canke ikiganiro bahawe, batarinze kuja muri stidiyo.

 Twaratunganije kandi amaprograma yofasha abahinduzi b’ururimi rw’ibimenyetso mu gikorwa cabo. Ayo mahinduka yatumye hagabanuka igice c’umwanya imigwi y’abahinduzi yakoresha mu gusohora ibitabu n’ibiganiro mu rurimi rw’ibimenyetso. Abavukanyi bacu barakenguruka ayo mahinduka. Umuvukanyi yitwa Alexander avuga ati: “Amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso ariko arasohorwa ku bwinshi kuruta uko vyahora. Ivyo birandyohera cane. Ayo mavidewo ndayaraba misi yose.”

 Muri iki gihe, kugira umugwi w’abahinduzi uronke ibikoresho ukeneye, bitwara amahera adashika amadolari 5.000 (amarundi nk’imiliyoni cumi n’ibihumbi amajana atatu). Ivyo bituma dushobora gusohora amavidewo mu ndimi nyinshi z’ibimenyetso.

Amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso asohorwa gute?

 Umugwi w’abahinduzi uhejeje gufata amasanamu y’igitabu canke ikiganiro co mu rurimi rw’ibimenyetso, ayo mavidewo ategerezwa guca ashikira abayakeneye. Mu myaka iheze, twarasohora amakaseti yo kuraba hamwe n’utudisiki twa DVD, ariko vyatwara amahera menshi, umwanya munini bikongera bigasaba ibikorwa vyinshi. Ivyafashwe amasanamu vyaca birungikwa mw’ishirahamwe ryigenga kugira risohore amakaseti n’utudisiki twinshi. Mu nyuma, bakabirungikira amashengero. Mu mwaka wa 2013 gusa, twakoresheje amadolari arenga 2.000.000 (amarundi arenga imiliyaridi zine) mu gusohora utudisiki twa DVD two mu rurimi rw’ibimenyetso.

 Abaragi barakenguruka cane izo ntunganyo. Ariko, ntivyama vyoroshe gukoresha ayo mavidewo, canecane igihe amakaseti n’utudisiki bibaye vyinshi. Rimwerimwe, kugira dufate amasanamu y’igitabu kimwe co muri Bibiliya, hakoreshwa utudisiki twa DVD twinshi. Umuvukanyi umwe wo muri Brezile yitwa Gilnei, avuga ati: “Igihe cose twaba dushaka gusoma icanditswe, twabwirizwa kurondera gushika turonse ikaseti y’icanditswe dukeneye. Vyari bigoye cane.” Mushiki wacu yitwa Rafayane, yahora akoresha utudisiki two muri rurimi rw’ibimenyetso avuga ati: “Kwiyigisha vyaranduhisha. Twakoresha umwanya munini kugira turondere gusa icanditswe canke amarabiro.” Vyongeye, igihe abavukanyi na bashiki bacu baba bariko baramamaza, akenshi bagenda bitwaje utudisiki canke amakaseti kugira bazoshobore kuyereka umuntu yashimishijwe, bakoresheje televiziyo yiwe. Abavukanyi bamwebamwe mbere bagenda batwaye utwuma dufasha kwerekana utudisiki twa DVD. Haheze igihe, utwuma ngendanwa dufasha kwerekana utwo tudisiki ariko dufise écran twarabonetse kandi abavukanyi benshi baradukoresha. Uwitwa Bobby, aba muri Amerika avuga ati: “Uhejeje kwereka umuntu icanditswe ukaba wipfuza kumwereka ikindi, akenshi wabwirizwa guca ushiramwo iyindi disiki. Ivyo vyaradutwara umwanya maze bikatugora gukoresha Bibiliya mu biyago twagirana n’abo duhura.”

 Mu 2013, ishirahamwe rya Yehova ryarasohoye ya programa ya JW Library Sign Language. Iyo programa irafasha abavukanyi na bashiki bacu kuvoma no kuraba amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso bakoresheje telefone canke tablette. Iyo programa yabanje gusohoka mu rurimi rw’ibimenyetso rw’abanyamerika. Mu nyuma na ho mu 2017, yarashizwe ku gihe kugira ishobore gukoreshwa mu ndimi z’ibimenyetso zose. Abavukanyi na bashiki bacu bo hirya no hino kw’isi bararyohewe cane. Umuvukanyi yitwa Juscelino wo muri Brezile, avuga ati: “Wamengo ndiko ndarota. Naguma niyumvira ukuntu Inama Nyobozi itwereka urukundo twebwe abaragi be n’ingene bipfuza ko tuba abakirisu bahumuye cokimwe n’abavuga. Nararyohewe cane, kandi iyo programa yatumye ndushiriza gukunda kwiyigisha.”

Ariko arakoresha ya programa ya JW Library Sign Language

 Muri iki gihe, turasohora mu buhinga wa none amavidewo yo mu ndimi z’ibimenyetso zose maze tukayashira ku rubuga rwacu be no kuri ya programa ya JW Library Sign Language. Ku bw’ivyo, ibitabu n’ibiganiro vyo mu rurimi rw’ibimenyetso birashobora guhindurwa, gufatwa amasanamu maze bigasohorwa mu misi mike, bitarinze gutwara amezi canke imyaka. Nk’ako, ibitabu n’ibiganiro mu ndimi z’ibimenyetso nyinshi bisohokera rimwe n’ivyo mu ndimi z’abavuga.

 Raba ivyo bamwe mu bavukanyi na bashiki bacu b’abaragi bavuze. Mushiki wacu yitwa Klízia, avuga ati: “Mbega ukuntu ishirahamwe ryitwararika cane abaragi ku buryo ryitanga rikaturonsa imfungurwa z’impwemu muri ubwo buryo bworoshe! Nta kintu na kimwe muri iyi si cogereranywa n’ivyo ishirahamwe rya Yehova ridukorera.” Uwitwa Vladimir avuga ati: “Ayo mavidewo yaranyeretse ko Yehova yitwararika abaragi cokimwe n’abavuga.”

 Amavidewo yacu yo mu rurimi rw’ibimenyetso akenshi aba arimwo amajambo akurikira: “Iki kinyamakuru gitanzwe mu bijanye n’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose c’ukwigisha Bibiliya gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye.” Turakenguruka cane intererano mutanga, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.dan124.com. Izo ntererano zituma dushobora gusohora Amabibiliya be n’ibitabu bidufasha kwigisha abantu bose harimwo abakoresha ururimi rw’ibimenyetso.

a Kubera ko abakoresha ururimi rw’ibimenyetso baserura ivyiyumviro bakoresheje amaboko hamwe n’ibimenyetso vyo mu maso, ibitabu n’ibiganiro vyo mu rurimi rw’ibimenyetso bisohoka mu buryo bwa videwo, atari mu mpapuro.

b Amadolari yose avugwa muri iki kiganiro ni ay’Abanyamerika.