Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Gufasha abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka

Gufasha abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka

1 RUHUHUMA 2021

 Mu mwaka wa 2020, kw’isi yose harabaye ivyago vy’ivyaduka vyinshi hongera haraduka ca kiza ca korona. None Ivyabona vya Yehova bafashije gute abo vyashikiye?

 Mu mwaka w’umurimo wa 2020, a Komite y’abahuzabikorwa y’Inama Nyobozi yaremeye ko imiliyoni 28 z’amadolari b zikoreshwa mu gutabara abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Ivyo vyarafashije abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka birenga 200, aho hakaba harimwo ca kiza korona, ibivumbuzi bitari bike, imyuzurira muri Afrika, inzara muri Venezuwela hamwe n’uruzuba muri Zimbabwe. Intererano mutanga zaratumye haboneka uburaro, zirafasha kugura ibifungurwa, amazi, ivyambarwa n’imiti, tutibagiye ibikoresho vya nkenerwa mu kugira isuku no mu gusanura ivyasambutse. Rimbura uturorero dukeyi tujanye n’ico gikorwa co gutabara.

 Korona: Hirya no hino kw’isi, abavukanyi na bashiki bacu barashikiwe n’ingaruka z’ico kiza ku mubiri, ku mutima no mu vy’ubutunzi. Mu kubafasha, kw’isi yose harashinzwe Komite zijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago zirenga 800. Abari muri izo komite bagumye bakurikiranira hafi ivyo abavukanyi bakeneye bagaca bihutira gutanga raporo. Ivyo vyarafashije abo muri Komite y’abahuzabikorwa kumenya ingene botanga imfashanyo mu buryo bwiza.

 Muri uwo mwaka wose, izo komite zarafashije abavukanyi benshi kuronka ibifungurwa, amazi, ibikoresho vy’isuku n’imiti ya nkenerwa. Mu turere tumwetumwe, abavukanyi bo muri izo komite barakoranye kandi n’abakurambere b’ahateye icago mu gufasha abavukanyi kuronka imfashanyo ya Leta.

 N’abatari Ivyabona baribonera ibikorwa dukora vyo gutabara abashikiwe n’ivyago. Nk’akarorero, umukomiseri w’akarere ka Nakonde muri Zambiya yitwa Field Simwinga yabwiye abavukanyi ati: “Turakenguruka cane ingene mu gihe nyaco mwahaye imfashanyo imiryango yatewe n’ivyago.”

 Inzara muri Angola: Kubera ikiza ca korona, ibifungurwa vyaragabanutse muri Angola bica birazimba cane. Vyararushirije kugora abavukanyi na bashiki bacu batari bake kugura ibifungurwa.

Imitekero y’imfungurwa yarungitswe muri Angola ivuye muri Brezile

 Ishami rya Brezile ryarasabwe kurungikira ibifungurwa abavukanyi bacu bo muri Angola. Kugira amahera y’imfashanyo akoreshwe neza, abavukanyi baragize amatohoza kugira bamenye uburyo bwiza bwo kugura ibifungurwa no kubirungika. Ku bw’ivyo tugize incahagati, kugura no kurungika buri mutekero vyatwaye amadorali 22 gusa, ariko ugasanga uwo mutekero urimwo ibilo hafi 20 vy’imfungurwa nk’umuceri, ibiharage n’amavuta. Gushika ubu bamaze kurungika imitekero 33.544, ni ukuvuga amatoni 654. Ivyo bifungurwa bigiye hamwe n’ivyegeranijwe muri ako karere, vyarafashije mu kugaburira abantu barenga 50.000!

 None abavukanyi bakiriye gute iyo mfashanyo? Uwitwa Alexandre aba mu karere ka kure ko muri Angola avuga ati: “Mbona ko ari ikimenyamenya c’uko Yehova ankunda kandi ko ntari jenyene. Ishirahamwe rya Yehova rirampa agaciro.” Mushiki wacu yireranye abana yitwa Mariza avuga ati: “Yehova yarumvise ugutakamba kwanje. Ndakengurukira Yehova n’ishirahamwe ryiwe.”

Abavukanyi bo muri Angola barakenguruka imfashanyo baronkejwe

 Uruzuba muri Zimbabwe: Mu mwaka w’umurimo wa 2020, muri Zimbabwe harateye uruzuba rukaze, bituma abantu amamiliyoni baterwa n’ikigoyi. Ivyabona ibihumbi bo muri Zimbabwe barabuze imfungurwa zikwiye.

 Komite zijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago zitanu zarashinzwe kugira zifashe guha ibifungurwa abo bavukanyi bacu. Abamamaji amajana barafashije gutekera ibifungurwa, kubipakira mu modoka canke bagatanga imiduga yabo kugira ibijane. c Muri uwo mwaka w’umurimo, amadolari 691.561 ni yo yakoreshejwe mu kuronsa ibifungurwa abantu barenga 22.700.

 Mu bihe bimwebimwe, izo mfashanyo zashikira abavukanyi mu gihe nyene imfungurwa baba bafise zaba ziheze. Izo mfashanyo zishitse, abavukanyi bacu barashemeza Yehova. Mbere hari abaca batangura kuririmba indirimbo z’Ubwami.

Abavukanyi bo muri Zimbabwe bariko bararonswa imfashanyo (imbere y’uko ikiza ca korona gitera)

 Mu karere kamwe, hari Ivyabona babiri b’abapfakazi bitavye inama yo mu kibano iwabo yari yatunganijwe kugira bababwire ivy’imfashanyo zotanzwe n’ishirahamwe rimwe ritegamiye Leta. Ariko, iyo nama yahavuye iba iya politike, ku buryo abo bashiki bacu baciye bafata ingingo yo kutemera gukora ivyo basabwa kugira baronke iyo mfashanyo. Igihe bava muri iyo nama, abantu barabatwenze bababwira bati: “Ntimuzogaruke kuturonderako ibifungurwa.” Yamara, haciye indwi zibiri gusa, abavukanyi bacu barashitse muri ako karere baraha abo bashiki bacu imfashanyo. Igitangaje ni uko rya shirahamwe ritari bwatange za mfashanyo.

Prisca yavuze ati: “Yehova ntiyigera aheba abasavyi biwe”

 Ico gikorwa co gufasha abashikiwe n’ivyago muri Zimbabwe carashinze intahe nziza. Nk’akarorero, raba ivyashikiye uwitwa Prisca aba mu kagwati gatoyi. Naho hari ingorane zatejwe n’uruzuba, Prisca yari yahebeye indimiro umusi wa gatatu n’uwa gatanu, mbere no mu gihe c’irima. Abantu bo mu kagwati iwabo baramutwenga, bakamubwira bati: “Ugiye gutuma umuryango wawe wicwa n’inzara kubera ukwo kwamamaza.” Prisca yabishura ati: “Yehova ntiyigera aheba abasavyi biwe.” Hadaciye imisi, yararonse imfashanyo zivuye kw’ishirahamwe ryacu. Ivyo vyaratangaje bamwe mu babanyi biwe ku buryo bamubwiye bati: “Imana ntiyigeze iguheba. Natwe dushaka kwiga ibiyerekeye.” Ubu ababanyi biwe indwi barumviriza amakoraniro y’ishengero kw’iradiyo.

 Uko iherezo ritera ryegereza, tuzobandanya gushikirwa n’ivyago vy’ivyaduka. (Matayo 24:3, 7) Turakenguruka cane intererano mutanga biciye kuri donate.dan124.com. Zirakoreshwa mu kuronsa imfashanyo abari n’ivyo bakeneye kandi mu gihe nyene babikeneye.

a Umwaka w’umurimo wa 2020 watanguye muri Nyakanga 2019 urangira muri Myandagaro 2020.

b Amadolari yose avugwa muri iki kiganiro ni ay’Abanyamerika.

c Kubera hari ibintu vyabujijwe bitumwe n’iki kiza ca korona, abavukanyi bacu babwirizwa kurondera uruhusha kugira batange imfashanyo. Babwirizwa kandi kwiyubara kugira ntibandure uwo mugera.