Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Gusohora igitabu gihambaye kuruta ibindi vyose

Gusohora igitabu gihambaye kuruta ibindi vyose

1 NZERO 2021

 “Iki ni ikintu nari maze imyaka 19 ndindiriye!” Ni igiki none uwo muvukanyi yari amaze igihe arindiriye? Ni Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu rurimi yonse rw’ikibengali. Ukwo nyene ni ko abantu benshi biyumva igihe Bibiliya y’isi nshasha isohowe mu rurimi rwabo. Ariko none woba umaze kwibaza ico bisaba kugira bahindure bongera basohore izo Bibiliya?

 Ubwa mbere, harashingwa umugwi w’abahinduzi witwararika ico gikorwa uhagarikiwe na Komite nshingwayandika y’Inama Nyobozi. None uwo mugwi umara igihe kingana iki uriko urahindura Bibiliya? Uwitwa Nicholas Ahladis, akaba akorera mu Rwego rujejwe gufasha abahinduzi i Warwick muri New York, avuga ati: “Biravana n’igitigiri c’abahinduzi bazokwitwararika ico gikorwa, ukuntu urwo rurimi rumeze n’ukuntu abasomyi basanzwe batahura ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya. Biravana kandi n’ukuntu urwo rurimi ruvugwa ugutandukanye uvuye mu karere ukaja mu kandi. Muri rusangi, bisaba ikiringo kiva ku mwaka gushika ku myaka itatu kugira barangize guhindura Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu gusa, n’imyaka ine canke irenga kugira barangize Bibiliya yose. Ico kiringo kirashobora mbere kurenga mu ndimi z’ibimenyetso.”

 Uretse uwo mugwi w’abahinduzi, hari abandi baba bakenewe kugira Bibiliya ihindurwe. Haracagurwa abasomyi batari muri uwo mugwi bava mu mico kama itandukanye kugira basuzume ivyahinduwe, bakabigira ata co bahembwa. Biranashika bagacagurwa mu bihugu bitandukanye. Ivyiyumviro bashikiriza birafasha abahinduzi guhindura Bibiliya itagira amakosa, itomoye kandi irimwo ivyiyumviro bitahurika. Nk’uko umuvukanyi umwe wo muri Afrika y’Epfo ajejwe kumenyereza abahinduzi ba Bibiliya abivuga, abahinduzi barumva ko bafise ibanga rikomeye cane imbere ya Yehova be n’abazosoma Ijambo ryiwe.

 Bibiliya irangiye guhindurwa, haca hakurikira igikorwa co kuyisohora mu mpapuro hama izo mpapuro zigateranywa. Hakoreshwa n’imiburiburi ibintu cumi: impapuro, irangi, ibipfukisho, uburembo, utuntu tw’utugozi dufatanya igipfukisho na Bibiliya, irangi risa n’ifeza, utugozi two muri Bibiliya, utugozi dutuma impapuro ziguma zifatanye, akantu bamadika ku gipfukisho bigatuma gifatana n’impapuro n’agatambara bamadika ku gipfukisho amaja indani. Mu 2019, ivyo bikoresho vyatwaye amadolari arenga imiliyoni 20. Muri uwo mwaka, abavukanyi bakora mw’icapuriro bamaze amasaha arenga 300.000 bariko barasohora Bibiliya bongera bazirungika.

“Bibiliya ni co gitabu gihambaye kuruta ibindi vyose dusohora”

 Kubera iki dukoresha umwanya munini gutyo n’amahera menshi nk’ayo muri ivyo bikorwa? Uwitwa Joel Blue akora mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe ivyo gucapura avuga ati: “Bibiliya ni co gitabu gihambaye kuruta ibindi vyose dusohora. Dushaka rero ko ukuntu isa bininahaza Imana dusenga n’ubutumwa twamamaza.”

 Turasohora kandi Bibiliya zigenewe abantu bari mu mimerere idasanzwe. Nk’akarorero, Bibiliya y’isi nshasha mu ndome z’impumyi iraboneka mu ndimi cumi. Gutunganya Bibiliya imwe yo mu ndimi z’impumyi bitwara amasaha umunani. Ibitabu bitandukanye biba bigize iyo Bibiliya bija mu kibanza gipima imetero 2 zirenga. Turakora kandi Bibiliya zikoreshwa n’abanyororo bafungiwe mu busho usanga butegeka ko hinjira gusa ibitabu bifunikishijwe impapuro.

 Bibiliya y’isi nshasha iragirira akamaro abayisoma. Nk’akarorero, hari ishengero ry’ikiluba riri ahitwa Tombe muri Kongo Kinshasa, ku bilometero birenga 1.700 uvuye i Kinshasa. Ivyabona bo muri ako karere bose bari bafise Bibiliya imwe, na ho nyene yanditswe mu kiluba ca kera. Abavukanyi baho baza barahanahana iyo Bibiliya mu gutegura ikoraniro. Ariko kuva muri Myandagaro 2018, abagize iryo shengero bose barashobora kuronka Bibiliya y’isi nshasha ikwiye kandi yanditse mu kiluba kigezweho.

 Mushiki wacu umwe avuga ikidagi yaragize ico avuze ku bijanye na Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo yo mu kidagi. Yavuze ati: “Ubu sinkivuga ko mbwirizwa gusoma Bibiliya. Ahubwo si je mbona harageze ko mbandanya gusoma.” Hari umunyororo yanditse ati: “Barampaye Bibiliya y’isi nshasha, kandi iriko irahindura ubuzima bwanje. Sinari bwigere ntahura Ijambo ry’Imana nk’uko ndaritahura kuva aho ntanguriye gusoma iyi Bibiliya. Noshima kumenya vyinshi ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova hamwe n’ico nokora kugira ngo nanje mbe Icabona.”

 Abasomyi ba Bibiliya y’isi nshasha bose barakenguruka intererano zitangwa kugira iboneke. Izo ntererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose zitangwa biciye kuri donate.dan124.com. Turabakengurukiye cane ku ntererano mutanga.