Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

I bubamfu: Abitanze mu gikorwa co gutabara barafashije gusanura inzu y’umugabo n’umukenyezi wiwe inyuma y’imiriro ya nyakanga. I buryo: Bashiki bacu babiri bo muri Nijeriya baronse imfashanyo inyuma y’aho akarere babamwo katewe n’umwuzurira

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Ibikorwa vyo gutabara vyabaye mu 2023: «Twariboneye ukuntu Yehova adukunda»

Ibikorwa vyo gutabara vyabaye mu 2023: «Twariboneye ukuntu Yehova adukunda»

KU WA 26 NZERO 2024

 Bibiliya yari yaravuze yuko «ihanga [ryoteye] irindi hanga» kandi ko hobaye ivyago mu gihe «c’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Matayo 24:3, 7) Twarabonye ukuntu ubwo buhanuzi bwarangutse mu mwaka w’umurimo wa 2023. a Naho hari intambara n’ivyago vy’ivyaduka mu bihugu nka 100, Ivyabona vya Yehova baragaragaje urukundo nk’urwa Yehova. Uti gute?

 Mu mwaka w’umurimo wa 2023, abavukanyi bacu barashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka canke ibiterwa n’abantu birenga 200. Inzego zemewe n’amategeko zikoreshwa n’Ivyabona zarakoresheje amahera arenga imiliyoni 10 z’amadolari b (amarundi arenga imiliyaridi 28) yavuye mu ntererano zitangwa ku bw’igikorwa co kw’isi yose mu gutabara abashikiwe n’ivyago. Ayo mahera yiyongera ku yo abavukanyi n’abadada benshi batanze ku giti cabo mu gufasha abari n’ivyo bakeneye mu turere babamwo. Raba uburorero bubiri muri bwinshi bw’ingene intererano mutanga zakoreshejwe mu gufasha abavukanyi bacu bashikiwe n’ivyago.

«Mu vy’ukuri, urukundo nyakuri rurabaho»

 Uburere bumwebumwe bwo muri Nijeriya bwama buterwa n’imyuzurira. Ariko muri Gitugutu mu 2022 harateye imyuzurira ikomeye kuruta iyabaye mu myaka 10 iheze. Amahegitari arenga 676.000 y’imirima yarononekaye, kandi abantu barenga imiliyoni zibiri barataye izabo. Ibiro vy’ishami vyo muri Nijeriya vyaciye vyihutira gushinga Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago igikorwa co gutunganya ibijanye no gutabara hamwe no gukomeza ukwizera kw’abavukanyi.

Abavukanyi bo muri Nijeriya bariko baraca mw’ibarabara ryuzuyemwo ivyondo bongera bajabuka inzuzi kugira bashire imfashanyo abashikiwe n’ivyago

Ingaruka ico cago cagize ku bavukanyi n’abadada

  •   Abamamaji 7.505 barataye izabo

  •   Amazu 860 yarononekaye

  •   Ingoro z’Ubwami 90 n’Ingoro y’amateraniro zaratwawe n’amazi

Ingene intererano zakoreshejwe

 Hakoreshejwe amahera arenga amadolari 250.000 (amarundi arenga imiliyoni 713) mu gutabara abashikiwe n’ivyago, harimwo:

  •   Imfungurwa nk’umuceri, ibiharage n’amasupageti

  •   Ibikoresho vyo mu nzu nk’amamatera n’imisegetera

  •   Gusanura no gusubira kwubaka amazu yononekaye

 Ni ibiki abavukanyi bacu bakoze kugira intererano zikoreshwe neza? Ubwa mbere, barasuzuma bitonze nimba inzu yoba ikenewe gusanurwa canke gusubira kwubakwa. Basanze bikenewe ko inzu isubira kwubakwa, baca bayubaka bakoresheje umugero usanzwe kandi umenyerewe muri ako karere.

 Abavukanyi n’abadada bafashijwe barakenguruka cane. Umudada umwe avuga ati: «Uyu mwuzure waraduhungabanije kubera ko imirima yacu yose yononekaye n’amazu arabomoka. Twararemeshejwe no kubona abavukanyi n’abadada baciye baza uwo musi nyene kudufasha bongera baraturonsa ahantu heza ho kurara. Twarahimbawe cane igihe ibiro vy’ishami vyaturungikira ibifungurwa. Twararengewe igihe twibonera ingene amajambo yo muri Yohani 13:34, 35 aturangukirako. . . . Mu vy’ukuri, urukundo nyakuri rurabaho. Je n’umuryango wanje turashimiye cane bimwe bivuye ku mutima abavukanyi baje kudufasha igihe nyene twari tubikeneye.»

 Abandi bantu bo mu kibano barabonye ingene twafashanya. Umutware w’akarere k’i Sabagreia, mu ntara ya Bayelsa, yavuze ati:«Mw’isi, hari amashirahamwe n’amadini menshi, ariko Ivyabona vya Yehova gusa ni bo bamaze gukora ibintu nk’ibi. . . . Ishirahamwe [ryanyu] ni irya mbere kw’isi yose.»

«Twariboneye ukuntu Yehova adukunda»

 Muri Ruhuhuma 2023, imiriro ya nyakanga irenga 400 yarononye ibintu vyinshi muri Shili. Ahantu hangana n’amahegitari arenga 430.000 harimwo n’ubutunzi bw’ico gihugu vyarononekaye. Abantu nka 8.000 barimuriwe ahandi. Inyuma gato y’ico cago, ibiro vy’ishami vyaciye bitangura gutunganya ibikorwa vyo gutabara.

Muri Shili, abitanze mu gikorwa co gutabara abashikiwe n’ivyago barasubiye kwubaka inzu y’umuryango umwe yari yarononekaye cane ku buryo bitakunda ko bayisanura

Ingaruka ico cago cagize ku bavukanyi n’abadada

  •   Abamamaji 222 barimuriwe ahandi

  •   Amazu 20 yarabomotse

Ingene intererano zakoreshejwe

 Amahera arenga amadolari 200.000 (amarundi arenga imiliyoni 570) ni yo yakoreshejwe mu bikorwa vyo gutabara, harimwo:

  •   Imfungurwa n’amazi

  •   Igitoro, ibikoresho vy’isuku n’imiti

  •   Gusubira kwubaka amazu yononekaye

 Hari umuryango wavunitse umutima igihe wasanga ibintu vyose wari ufise vyarononekaye harimwo n’inzu babamwo n’ivyo badandaza. Ivyo vyatumye uwo muryango utakironka ivyowubeshaho. Mu misi ya mbere, uwo muryango waratuntujwe cane no kubona ahahora inzu yabo hasigaye hagaragara. Ariko igihe babona inzu yabo iriko irasubira kwubakwa baciye batangura gusubiza umutima mu nda. Kwibonera ingene abitanga babagaragariza urukundo n’igishika vyarabafashije kwihangana. Vyarabakoze ku mutima cane ku buryo baciye baja gufasha abitanga kwubaka inzu y’uwundi muvukanyi.

 Abavukanyi n’abadada benshi barakozwe ku mutima no kwibonera ibikorwa vyo gutabara. Hari umuvukanyi yavuze ati: «Kuba Yehova yaratunganije Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago biratangaje cane. Bukeye haraye habaye icago, abari muri ayo makomite bari bamaze gushika aho cabereye, bazanye ibintu vya nkenerwa. Biraremesha gusoma amakuru ajanye no gutabara abashikiwe n’ivyago hirya no hino kw’isi. Ariko birarushiriza kuremesha igihe ari wewe bishikiye. Bituma urushiriza guha agaciro ishirahamwe, ukibonera ingene abavukanyi bigana kamere za Yehova n’ukuntu barazwa ishinga n’uko tworonka ivyo dukeneye, tukaguma dufise ukwizera gukomeye kandi tugatekana. Twariboneye ukuntu Yehova adukunda.»

 Uko iherezo ryegereza, ivyago bizorushiriza kwongerekana. (Luka 21:10, 11) Naho ari ukwo, biciye kw’ishengero rya gikirisu, turabona kandi ko Umwami wacu adukunda Yezu Kristu ari kumwe natwe «imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Matayo 28:20) Intererano mutanga mubikunze ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose biciye kuri donate.dan124.com canke mu bundi buryo, hamwe no kuba mutanga umwanya wanyu n’inguvu zanyu birerekana ko mushigikira Ubwami n’Umwami wabwo adukunda. Turakenguruka cane ingene mubandanya gutanga cane.

a Umwaka w’umurimo wa 2023 watanguye ku wa 1 Nyakanga 2022, urangira ku wa 31 Myandagaro 2023.

b Amadolari yose avugwa muri iki kiganiro ni ay’Abanyamerika.