Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Inyuguti zihindura ubuzima

Inyuguti zihindura ubuzima

1 GITUGUTU 2021

 Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 1912 wavuze uti: “Biboneka ko abasoma ibitabu vyacu bazi abantu b’impumyi. Barashobora kuronka ivyo basoma ku buntu . . . . Iki gitabu cagenewe impumyi gisohorwa mu nyuguti impumyi ishobora gusoma.” Uwo Umunara w’Inderetsi wongeyeko uti: “Benshi mu bantu b’impumyi barakenguruka cane ubutumwa buvuga ko kw’isi hagiye kubaho ivyiza.”

 Igihe ayo majambo yandikwa, nta nyandiko y’inyuguti z’impumyi mu congereza ihurijweko na bose yari bwaboneke. Ariko rero Ivyabona vya Yehova bari bamaze gutangura gukwiragiza ukuri kwo muri Bibiliya mu nyuguti z’impumyi. Kandi n’ubu turacabandanya. Ubu dusohora ibitabu vy’izo nyuguti mu ndimi zirenga 50. None bikorwa gute?

Indome zirashobora kuba zigizwe n’akadomagu kamwe gushika kuri dutandatu. Utwo tudomagu tuba turi mu mugwi wojamwo dutandatu.

Kuvyandika

 Ikintu ca mbere dukora ni uguhindura igisomwa tukagishira mu nyuguti z’impumyi. Michael Millen, akorera mu vyo gutunganya igisomwa i Patterson muri New York, avuga ati: “Mu myaka iheze twakoresha programa ya orodinateri yo kwandika inyuguti z’impumyi yakozwe n’abandi ariko ntitwashobora kuyikoresha mu ndimi zose dukeneye. Ubu dukoresha programa yitwa Ubuhinduzi bw’ibisohokayandikiro vya Watchtower, ikaba idushoboza kwandika inyuguti mu ndimi nyinshi mu zivugwa kw’isi. Nibaza ko ata handi wosanga programa imeze nk’iyo.”

 Ibitabu vyo mu nyuguti z’impumyi biba birimwo igisomwa hamwe n’amajambo asobanura ishusho. Nk’akarorero, amajambo asobanura ishusho iri ku gipfukisho c’igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera co mu nyuguti z’impumyi agira ati: “Umugabo ariko araca mu kayira gakikujwe n’amashurwe, imirambi n’imisozi.” Umukozi w’ishengero akaba n’umutsimvyi yitwa Jamshed, asanzwe ari impumyi. Avuga ati: “Ayo majambo asobanura ishusho aramfasha cane.”

 Igisomwa kimaze kwandikwa gica kirungikwa ku biro vy’amashami bisohora ibitabu mu nyuguti z’impumyi. Baca bagishira ku mpapuro ziramba, zidatabuka igihe bariko barashirako ico gisomwa canke ngo zononekare igihe zikoreshejwe kenshi. Ubukurikira izo mpapuro ziregeranywa, zigafatanywa, zigacika ibitabu hama bikarungikwa mu mashengero nk’uko n’ibindi bitabu vyose birungikwa canke bikarungikwa biciye muri posita nimba hariho intunganyo yo kurungikira ibintu impumyi ku buntu. Igihe bikenewe, amashami ararungika mbere ivyo bitabu ningoga kugira ngo abavukanyi b’impumyi canke batabona neza baronke ibitabu bazokoresha ku makoraniro.

 Ico gikorwa cose kiratwara umwanya munini n’amahera menshi cane. Nk’ako, aho dusohorera ibitabu i Wallkill muri New York umwanya bakoresha mu gusohora Bibiliya 50.000 zo mu ndome zisanzwe ungana n’uwo bakoresha mu gusohora Bibiliya 2 gusa zo mu nyuguti z’impumyi. Bibiliya imwimwe isohorwa mu bitabu 25. Ibikoresho bikenerwa kugira iyo Bibiliya isohorwe birusha agaciro incuro zirenga 123 ibikenerwa kugira hasohorwe Bibiliya yo mu ndome zisanzwe. Ibipfukisho vy’ivyo bitabu 25 vyonyene bitwara nk’amadolari 150 y’Abanyamerika (nka 295.000 y’amarundi)!

Bibiliya y’isi nshasha yo mu nyuguti z’impumyi iba iri mu bitabu 25!

 None abafasha mu vyo gusohora ibitabu mu nyuguti z’impumyi babona gute ico gikorwa? Uwitwa Nadia akorera kw’ishami ryo muri Afrika y’epfo agira ati: “Abavukanyi na bashiki bacu b’impumyi canke batabona neza ntiborohewe. Mbona rero ko ari agateka gukora ikintu kibafasha. Birerekana ko Yehova abakunda cane.”

Agatabu Méthode d’apprentissage du braille

 Bite ho igihe umuntu w’impumyi atazi gusoma inyuguti z’impumyi? Mu myaka mikeya iheze twarasohoye agatabu Méthode d’apprentissage du braille kanditswe mu nyuguti z’impumyi n’indome zisanzwe. Kagenewe gukoreshwa n’umuntu abona be n’impumyi. Ako gatabu kari kumwe n’ibikoresho bifasha iyo mpumyi kwandika mu nyuguti. Uwiga kwandika izo nyuguti arakoresha ivyo bikoresho kugira yiyandikire urudome rwo mu nyuguti. Ivyo biramufasha kurushiriza kwibuka indome no kuzimenya azikozeko.

“Umenga sinobivirira”

 Ivyo bitabu vyafashije gute abavukanyi na bashiki bacu b’impumyi canke batabona neza? Uwitwa Ernst wo muri Hayiti yaritaba amakoraniro ariko nta bitabu vyo mu nyuguti z’impumyi yari afise. Vyamusaba gufata ku mutwe ivyo ashikiriza mu kiganiro c’abanyeshure n’inyishu atanga mu makoraniro. Avuga ati: “Ariko ubu ndashobora kwishura umwanya uwo ari wo wose. Ubu ndumva ko vy’ukuri twunze ubumwe n’abavukanyi na bashiki bacu. Twese turonka ku rugero rumwe ibifungurwa vy’ivy’impwemu.”

 Umukurambere yitwa Jan atabona neza wo muri Otrishe arayobora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi n’Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero. Avuga ati: “Ibitabu vyacu biroroshe gusoma kuruta ibindi bitabu vyose vyo mu nyuguti z’impumyi maze gusoma. Nk’akarorero, birimwo inomero z’impapuro, utujambo tw’epfo tworoshe gutora be n’amajambo asobanura neza ishusho.”

 Umutsimvyi wo muri Koreya y’epfo yitwa Seon-ok ni impumyi akaba n’umuragi. Kera yatahura ibivugwa mu ma koraniro barinze gukoresha ururimi rw’ibimenyetso bakorera mu maboko y’umuntu, ariko ubu arashobora kwisomera ibitabu vyo mu nyuguti z’impumyi bifasha kwiga Bibiliya. Avuga ati: “Ibindi bitabu vyo mu nyuguti z’impumyi birashobora kugora gusoma kubera ko usanga hari inyuguti ziburamwo, ugasanga ntiziri ku murongo canke ugasanga urupapuro ni ruto cane. Ariko Ivyabona vya Yehova bakoresha impapuro zimeze neza kandi bakagira n’inyuguti zisomeka neza, bigaca binyorohera kubisoma.” Yongerako ati: “Kera niga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya ari uko gusa mfashijwe n’abandi. Ariko ubu ndashobora kwiyigisha. Birampimbara kuba nshobora gutegura amakoraniro tugira buri ndwi kandi nkayagiramwo uruhara mu buryo bushitse. Ndasoma ibitabu vyacu vyose vyo mu nyuguti z’impumyi. Umenga sinobivirira.”

 Cokimwe n’ibindi bitabu vyacu, ibitabu vyacu vyo mu nyuguti z’impumyi birimwo amajambo akurikira: “Iki gitabu si ico kugurisha. Gitanzwe mu bijanye n’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose c’ukwigisha Bibiliya gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye.” Turabashimiye kuba mutanga izo ntererano mwisunze uburyo bwerekanwa kuri donate.dan124.com. Ugutanga kwanyu kwa cane kuratuma bose baronka ibifungurwa vy’impwemu harimwo n’impumyi hamwe n’abatabona neza.