Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Marek M. Berezowski/Anadolu Agency via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Umwaka uraheze intambara yo muri Ukraine itanguye: Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga?

Umwaka uraheze intambara yo muri Ukraine itanguye: Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga?

 Ku wa gatanu, itariki 24 Ruhuhuma 2023, umwaka uzoba uheze ikintu c’agacavutu kibaye na co akaba ari intambara yo muri Ukraine. Raporo imwe ivuga ko abasoda bashika ku 300.000 bo muri Ukraine hamwe n’abo mu Burusiya bamaze gupfa canke gukomereka, abanyagihugu bashika 30.000 na bo bivugwa ko ari bo bamaze guhitanwa n’iyo ntambara. Ariko, ivyo bitigiri birashobora kuba birenga.

 Ikibabaje ni uko iyo ntambara itariko irahera vuba.

  •   “Umwaka uri mu gukwira ingabo z’Abarusiya ziteye Ukraine, kandi nta kimenyetso na kimwe cerekana ko iyo ntambara izohera vuba. Muri ivyo bihugu vyompi, nta kiraboneka ko kizotsinda ikindi kandi nta n’icizigiro c’uko izo mpande zompi zizokwigera zicara ngo zitorere umuti iyo ngorane.”​—Vyavuzwe na NPR (National Public Radio), ku wa 19 Ruhuhuma, 2023.

 Birumvikana igituma abantu benshi bahagaritse umutima kubera intuntu be n’imibabaro vyakwezwe n’iyi ntambara hamwe n’izindi ngorane ziriko zirashikira abantu ata co bazira bari hirya no hino kw’isi. Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga? Hoba hazogera igihe intambara ikavaho?

Intambara izokuraho intambara zose

 Bibiliya iravuga intambara izorokora abantu, atari iyizobakuraho. Iyo ntambara yitwa Harumagedoni, ikaba idondorwa ko ari “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 16:14, 16) Biciye kuri iyo ntambara, Imana izokuraho intwaro z’abantu zatumye haba intambara nyinshi zatikije inganda. Kugira umenye ingene Harumagedoni izozana amahoro arama, soma ibiganiro bikurikira: