Ja ku birimwo

Amakuba akomeye ni iki?

Amakuba akomeye ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Amakuba akomeye azotuma kw’isi haba ikiringo c’umuvurungano w’akataraboneka. Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, ivyo bizoba “mu misi ya nyuma,” ni ukuvuga “mu gihe c’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1; Daniyeli 12:4) Azoba ari “amakuba atigeze abaho kuva mu ntango y’ibiremwa Imana yaremye gushika ico gihe, kandi ntazokwongera kubaho.”—Mariko 13:19; Daniyeli 12:1; Matayo 24:21, 22.

Ibintu bizoba mu gihe c’amakuba akomeye

  •   Ugukuraho idini ry’ikinyoma. Idini ry’ikinyoma rizokurwaho mu kanya isase. (Ivyahishuwe 17:1, 5; 18:9, 10, 21) Intwaro za politike ziserukiwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU zizoshitsa icipfuzo c’Imana mu gutuma ivyo biba.—Ivyahishuwe 17:3, 15-18. a

  •   Ugutera idini ry’ukuri. Urunani rw’amahanga, urwo Ezekiyeli yeretswe ko ari “Gogi wo mu gihugu ca Magogi,” ruzogerageza guherengeteza abari mw’idini ry’ukuri. Ariko Imana izokingira abasavyi bayo.—Ezekiyeli 38:1, 2, 9-12, 18-23.

  •   Ugucira urubanza ababa kw’isi. Yezu azocira urubanza abantu bose kandi “azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene.” (Matayo 25:31-33) Mu guca urubanza, azoraba nimba umuntu yarashigikiye canke atashigikiye ‘bene wabo’ na Yezu, abazofadikanya na we kuganza mw’ijuru.—Matayo 25:34-46.

  •   Ukwegeraniriza hamwe abatware b’Ubwami. Abizigirwa batowe ngo bafadikanye na Kristu kuganza bazorangiza ubuzima bwabo bwo kw’isi maze bace bazukira kuba mw’ijuru.—Matayo 24:31; 1 Abakorinto 15:50-53; 1 Abatesalonika 4:15-17.

  •   Harumagedoni. Ni “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose,” yitwa kandi ko ari “umusi wa Yehova.” (Ivyahishuwe 16:14, 16; Yesaya 13:9; 2 Petero 3:12) Abo Yezu azocira rubi bazoca batikizwa. (Zefaniya 1:18; 2 Abatesalonika 1:6-10) Intwaro zose zo kw’isi, izigereranywa na ca gikoko c’imitwe indwi, na zo nyene zizoca zikurwaho.—Ivyahishuwe 19:19-21.

Ibintu bizoba inyuma y’amakuba akomeye

  •   Shetani n’amadayimoni yiwe bazobohwa. Umumarayika mukuru azoterera Shetani n’amadayimoni yiwe “mu nyenga,” ni ukuvuga ko bazoba badashoboye kugira ico bakoze. (Ivyahishuwe 20:1-3) Shetani azoba nkaho ari mw’ibohero; ntazoba ashoboye kugira ico akoze ku bibera kw’isi.—Ivyahishuwe 20:7.

  •   Ubutegetsi bw’imyaka igihumbi. Ubwami bw’Imana buzoca butangura kuganza imyaka igihumbi, buzanire abantu imihezagiro myinshi. (Ivyahishuwe 5:9, 10; 20:4, 6) “Isinzi rinini” ry’abantu batagira igitigiri bazoba “bavuye muri ya makuba akomeye,” bazorokoka bibonere intango y’iyo ntwaro y’imyaka igihumbi.—Ivyahishuwe 7:9, 14; Zaburi 37:9-11.

a Mu gitabu c’Ivyahishuwe, idini ry’ikinyoma rigereranywa na Babiloni Akomeye, “wa mumaraya akomeye.” (Ivyahishuwe 17:1, 5) Igikoko c’ibara ry’agahama, kimwe gisenyura Babiloni Akomeye, kigereranya ishirahamwe riserukira ibihugu vyo kw’isi kandi rituma vyunga ubumwe. Ubwa mbere, ico gikoko cagereranya wa Muhari w’Amahanga; ubu na ho kigereranya Ishirahamwe mpuzamakungu ONU.