Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guturira ibiziga?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guturira ibiziga?

Inyishu Bibiliya itanga

 Nta tegeko ryo guturira ibiziga riri muri Bibiliya. Nta na hamwe Bibiliya itegeka guhamba ikiziga canke kugiturira.

 Bibiliya iravuga inkuru z’abasavyi b’Imana b’abizigirwa bahamvye ababo. Nk’akarorero, Aburahamu yarakoze ibishoboka vyose kugira aronke ahantu yohamba Sara umugore wiwe.​—Itanguriro 23:2-20; 49:29-32.

 Bibiliya iravuga kandi abantu b’abizigirwa baturiye ibisigarira vy’ababo. Nk’akarorero, igihe Sauli Umwami wa Isirayeli n’abahungu biwe batatu bapfira ku rugamba, ibiziga vyabo vyabanje kuguma mu karere k’abansi babo kandi babifashe nabi cane. Igihe Abisirayeli b’intwari kandi b’abizigirwa bavyumva, baciye baja kubizana barabiturira, baca barahamba ibisigarira. (1 Samweli 31:8-13) Bibiliya yerekana ko ico kintu bakoze cari ciza.​—2 Samweli 2:4-6.

Ivyiyumviro bitari vyo abantu benshi bafise ku vyerekeye guturira ibiziga

 Iciyumviro kitari co: Guturira ikiziga vyerekana ko udateye iteka uwasandavye.

 Ukuri: Bibiliya ivuga yuko abapfuye basubira mu mukungugu, kandi ukwo nyene ni ko bigenda iyo ikiziga kimaze gusanguka. (Itanguriro 3:19) Guturira ikiziga bituma gusa kinyaruka gucika umunyota canke umukungugu.

 Iciyumviro kitari co: Mu bihe vya Bibiliya, ibiziga vy’abantu Imana yaba idashima ni vyo gusa vyaturirwa.

 Ukuri: Ibiziga vy’abantu bamwebamwe bahemukiye Imana, nka Akani n’umuryango wiwe, vyaraturiwe. (Yosuwa 7:25) Ariko rero, iryo ntiryari itegeko. (Gusubira mu vyagezwe 21:22, 23) Nk’uko twabivuze, ibiziga vy’abantu bamwebamwe b’abizigirwa, nka Yonatani umuhungu w’Umwami Sauli, na vyo nyene vyaraturiwe.

 Iciyumviro kitari co: Guturira ikiziga bituma bitazoshoboka ko Imana izura uwo muntu.

 Ukuri: Ku bijanye no kuzura abapfuye, naho umuntu yoba yarahambwe, yaraturiwe, yaguye mu kiyaga canke yariwe n’igikoko, ntikizobuza ko Imana imuzura. (Ivyahishuwe 20:13) Mushoboravyose arashobora gusubiza umubiri umuntu bitagoranye.​—1 Abakorinto 15:35, 38.