Ja ku birimwo

Kugira abagabo benshi canke abagore benshi vyoba vyemewe?

Kugira abagabo benshi canke abagore benshi vyoba vyemewe?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imana yaramaze igihe ireka abagabo bakagira abagore barenga umwe. (Itanguriro 4:19; 16:1-4; 29:18-29) Ariko si yo yabitanguje. Yahaye Adamu umugore umwe atarenga.

 Imana yarahaye Yezu Kristu uburenganzira bwo gusubizaho ya ngingo ngenderwako yo mu ntango isaba yuko umuntu agira umugore umwe canke umugabo umwe. (Yohani 8:28) Igihe Yezu bamubaza ibijanye n’umubano w’ababiranye, yavuze ati: “Uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore, [avuga] ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe.’”—Matayo 19:4, 5.

 Mu nyuma, umwe mu bigishwa ba Yezu yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Umugabo wese nagire umugore wiwe bwite, n’umugore wese agire umugabo wiwe bwite.” (1 Abakorinto 7:2) Bibiliya ivuga kandi yuko umugabo wese yubatse wo mw’ishengero rya gikirisu ashingwa amabanga adasanzwe ategerezwa kuba ari “umugabo w’umugore umwe.”—1 Timoteyo 3:2, 12.